Indero y’ikirundi ntibona neza imigenderanire y’umuhungu n’umukobwa, iyo bakiri bato, batarashika aho bogira umugambi wo kwubakana. Ariko ivyo bigira ingaruka, canecane iyo hageze ko umusore aresha. Ng’uko uko vyangendeye.
Urukundo
« Ubwo ni urukundo canke ni ugushuha gusa ? » : inyishu
Urukundo ruragoye gusigura. Rurimwo ibinyegezwa vyinshi ku buryo, umwe wese usanga akunda canke agakundwa ukwiwe. Nta muntu yovuga ngo bakunda uku canke kuriya. Igikuru ni ukumenya ko umuntu yakunze canke ahimbarwa n’ukubona umuntu ka naka, na vyo birashika. Eka mbere […]
Amakuba y’uwahemukiye uwo bubakanye
Ingeso yo kurenga ibigo iragisibije mu miryango itari mike, yaba iyo mu gihugu iwacu canke hanze. Iyo rero, uwo yiziziye, naho yorara arinyegeza gute, biratinda bikaja ahabona. Kandi, iyo bimaze kumenyekana, uwabikoze aragira amakuba adasanzwe.
Kwubakana n’uwo mudasangiye idini : vyogenda gute ?
Bigezweho ko, mu mashengero amwe amwe ya hano mu Burundi, abigishamana batemera kuraganisha abageni badasangiye amadini. Abahuye n’ivyo vyago baratwiganira uko vyagenze.
«Kuki muza kudukunda ari uko tugeze mu mahanga ?»
Nganji Trésor* aheruka kuja mu mahanga kunonosora amashure yiwe ya kaminuza. Kuva agiye, ngo aratangazwa n’ukugene uwahora amwita umugenzi asanzwe, ubu ashaka ko amufata nk’umukunzi. Aratwiganira hano.
Vyokunda ko musangira umukunzi n’uwundi muntu ?
Nahora numva bavuga ngo : « Nta muntu yokunda abantu babiri ». Naratevye ndabona ko bishoboka. Ng’uku uko vyangendeye.
Burundi : kuki imiryango yivanga mu bugeni bw’abashimanye ?
Mu Burundi, bavuga bati : « urugo ni babiri ». Ariko umusore n’inkumi iyo baramutse bishimaniye, bagahitamwo kugira ubugeni, imiryango yabo ica itangura gutanga amategeko y’ukugene imanza zijanye n’ubugeni zotunganywa. « Iyo ngendo ikwiye guhinduka », nk’uko Déo Ndayishimiye abisigura.
Ukubengwa cane bituma umukobwa yihebura
Iyo umurundikazi ageze mu bigero, ariko akabura umuhungu amutumberera ngo bubakane, ngo biramubabaza cane. Bamwe mbere bagahakwa n’ukwiyahura. Nizigiyimana Vinciane yaraganiriye na bamwe mu bigeme bafise iyo ngorane.
Uwa 8 Ntwarante : « Mbe abagore banganye n’abagabo hari uwosubira kubakira ? »
Iyo bavuze uburinganire canke ukungana hagati y’umugabo n’umugore bisigura iki? Abanyagihugu bo mu gisagara ca Ngozi ntibatahura bimwe na gatoya. Ng’izi inyishu bahaye umumenyeshamakuru Aline Mugisha.