Kubera imico, Abarundikazi benshi barateba kwemerera urukundo abasore baje babagana, rimwe na rimwe ku mvo zitandukanye harimwo mbere n’izitumvikana. Hari uwuteba kwemera yabishaka, ngo kugira yerekane ko afise agaciro. Bamwe mu babikoze uko baracicuza, nk’uko uwu Kanyange* abidushingira intahe.
Urukundo
Vy’ukuri abageni bifotoreje ku “giti c’urukundo” bituma bahukana ?
Mu gisagara ca Bujumbura, hari ikibanza bita “ku giti c’urukundo”, cigeze kuba giharawe n’abageni bacifotorezako muri kahise mu nyuma baragiharuruka bavuga ko coba gitera imikoshi. Uno musi, ico kibanza kiriko kiranagurwa, ariko hari benshi bakivuga ko batarota bahifotoreza kuko bacibaza ko […]
« Ingendo y’uwundi iravuna » : narahimbaje umusi w’abakundana ntabishaka
Ni uwa 14 Ruhuhuma. Benshi bawita umusi wahariwe umweranda Valentino, uwuzwi nk’umuvunyi w’abakundana. Abatari bake ntibazi inkomoko z’uwo musi, ariko nyene bakawuhimbaza. Ngo « nzogira nk’uko abandi bagira » ; ugasanga ni agakuku gusa. Intahe y’uwo vyagendeye gutyo.
Gukundana n’uwuri kure yawe : ibintu bitanu vyofasha urwo rukundo gukomera
Gukundana ntivyoroshe na gato, habamwo ibigorana vyinshi. Utwo mupfa ntitubura : ukudatahurana, ishari, ukwikwegerako, n’ibindi. Iyo uwo mukundana ari i buheramaso hoho biza bivuna. None umuntu yobigenza gute ngo agume mu rukundo rutotahaye be n’uwo bakundana ari kure yiwe?
Kwubaka ku gahato : abavyeyi bikebuke
Iyo bishitse umukobwa agasama inda, abantu benshi babona ko ari uguca aja kwubakana n’umusore yayimutwaje. Mugabo rero, abubakana bategerezwa kubanza kuba bakundana, bafise n’uwo mugambi. Iyo abantu bubakanye ku gahato, inkurikizi ntiziteba kwigaragaza nk’uko vyagendeye Anitha na Claude. Intahe yabo […]
Ni gute woja mu rukundo n’uwo washimye ?
Kuba ukunda umuntu ni kimwe. Ariko kumenya nawe ico akwiyumvirako, akari muri we ; ko akwiyumvamwo canke atakwiyumvamwo, ni ntasubirizwa mu rukundo rwanyu. Birashoboka ko uvyibonera utarinze kumubaza ariko mu gihe ufise amadidane, ng’uku uko wovyifatamwo.
Inkingi 5 abashimanye bokubakako urukundo rwabo
Kugira abantu bashike ku ntambwe yo gushinga urugo, babanza kuba barakundanye. Mu rukundo naho, harimwo ibintu ntabanduka bitabaye rudashinga imizi ngo rukure; n’iyo rukuze, rusenyuka vyoroshe; kubera ko rutaba rufise inkingi n’umushinge ukomeye. Reka tubirabire hamwe rero.
Kurihira amashure umukunzi : ikosa umuntu atokora ?
Bamwe ngo : « Iryo ni ikosha ata musore yari akwiye gukora » ; abandi bati : « Utabimukoreye ubishoboye, ntiwoba umukunda. » None, ukuri ni ukuhe ? Hari inzira zibiri zishoboka.
Kugira ubugeni: abavyeyi bakunze kuvyisukamwo ariko…
Uko imyaka yagiye iragenda, kurushinga vyagiye birahinduka haba mu nteguro eka mbere n’ababitegura. Aho hambere hahise, umuhungu bamuzanira umukobwa atazi, bakabonana ku musi wa rwo. Ubu si ko bikiri. Ariko n’aho vyahindutse, hari abavyeyi badashobora kwemera ko umwana wabo yubakana […]