Iyo bishitse umukobwa agasama inda, abantu benshi babona ko ari uguca aja kwubakana n’umusore yayimutwaje. Mugabo rero, abubakana bategerezwa kubanza kuba bakundana, bafise n’uwo mugambi. Iyo abantu bubakanye ku gahato, inkurikizi ntiziteba kwigaragaza nk’uko vyagendeye Anitha na Claude. Intahe yabo hano.
Anitha ni umwigeme yatwaye imbanyi afise imyaka 20. Ico gihe, yari mu mwaka wa kabiri muri kaminuza. Uwo bavyaranye, ni umunyeshure yitwa Claude w’imyaka 26. Bamenyanye bahuriye mu rubanza rw’umugenzi basangiye, baraheza baba abagenzi, bakaza bararamukanya, basohoka, bakaja kuryoherwa hamwe n’abandi. Baza barandikiranira, bagahana isango ryo gusangira udufungurwa.
Umusi umwe, Claude asaba Anitha ko yoja kumuramutsa iwe, aho yabana n’abandi basore; yamara, umwe wese akagira icumba ciwe. Anitha yaragiye, Claude amwakirana igishika cinshi. Ivyo ntivyabaye rimwe gusa, kuko Anitha yarasubiyeyo, ariko bikaba kubw’ubugenzi busanzwe. Uwundi musi, Anitha aja kumuramutsa; kw’iyo ncuro, ntivyabaye ibisanzwe, kuko bisanze mu cumba kwa Claude. Anitha ati: « uwo musi twarabikoze, kandi tutari dusanzwe dukundana, ubuzima burabandanya. »
Inyuma y’aho rero, ngo barabikoze akatari gake. Naho bama bitwararika gukoresha agakingirizo, vyarashika bakakareka kuko bari bizeranye, kandi bakaza baraharurira hamwe ikiringo c’ugusama ca Anitha. Ubona ko ukwihenda bibaho, vyarashitse Anitha arasama imbanyi, ni ko guheza akabibwira Claude. Uno na we agwa mu gahundwe; yamara aremera kuzofasha umwana.
Abavyeyi na bo…
Anitha agire ngo arabikoza abavyeyi biwe, baranana. Bati: “Ivyo kwibarukira muhira nta birimwo, nta shushu dukeneye, mutegerezwa kubana vyanka vyakunda !”.
Bamaze kuremerwa, Claude na Anitha bahavuye bubaka, abavyeyi barabibafashamwo. Uyo mwana yavukiye muri urwo rugo rushasha. Yamara, induru ntizatevye kwaduka.
Anitha ati: « ubona ko twubatse tudakundana, umubano ntiwagenze neza. Twasanze ata kintu na kimwe duhurizako kuko tutigeze dufata umwanya wo kwigana; inyuma y’umwaka dutangura kuryana, ivyo kubana biranka. » Umunsi umwe mbere, baraye barwanye, ababanyi ni bo baje kubanguranya. Anitha yaciye atekera utwiwe asubira iwabo, kuko ubuzima yari abayemwo na Claude ntibwari bugishoboka.
Ivyo Anitha abiha insiguro imwe kandi ikosha arishira ku bavyeyi; ati : « Egome, vyose ni twe twabitumye, kuko twigenjeje ukutari kwo. Ariko, kubona abavyeyi baraduhatiye kwubaka kandi tutari bwashike ku ntambwe yo kubivugana ubwa mbere hagati yacu, vyaratumye umubano wanka, kuko ata rukundo rwarimwo. »
Abavyeyi ni bikubite agashi
Mu mico y’ikirundi, iyo umukobwa yibarukiye i muhira iwabo, aba acafuje umuryango; awumaramaje. Kwibaruka ishushu, ni agatukisha ku muryango. Nico gituma usanga abavyeyi bamwebamwe bahatira abana babo kwubaka, iyo bishitse umwigeme agasama, kugira iteka rigarukanwe mu muryango. Yamara inkurikizi ntizibura; cane cane iyo abo bana babiri batari bwiyumvire ivyo gushinga urugo, batazi n’iyo bita umutwe.
Ni vyo, baba barakosheje; yamara, kubahatira kwubaka si wo muti. Iyo bene izo ngorane zishitse rero, abavyeyi baba bakwiye kwegera abana babo, bakabumviriza, bakareka kubahatira ku batabashaka. Kuko nibabahatira kwubaka mu nyuma bakaryana, nta n’umwe azoba ariko aravyungukiramwo. Erega n’uyo mwana ntazoheza ngo akure neza mu gihe akuze asanga ibintu bimeze uko.
Jewe kubwanje numva ko abavyeyi batohatira Ababa babo kwubakana batavyiyumvamwo kuko bizana kubana nabi kwabo bana ugasanga umukobwa asubiye I mihira kubavyeyi biwe yanakubaguwe nibareke abo bana bonyene bavyiyumvikanire vyase naho biteho uwo bibarutse ariko batabana.
Kuri jewe, abubakanye bakundana sibo babura indyane. Urukundo n’urugo si bimwe kandi kwubaka ni engagement umuntu yiha imbere y’imana n’abantu, atazi gushitsa amasezerano, n’urukundo ntirwobuza abaryana kuryana, abahukana kwahukana. Kanatsinda kera nta bubaka bakundana mugabo ingo zabo ndibaza ko zari zikomeye kurusha ubu.