Bamwe ngo : « Iryo ni ikosha ata musore yari akwiye gukora » ; abandi bati : « Utabimukoreye ubishoboye, ntiwoba umukunda. » None, ukuri ni ukuhe ? Hari inzira zibiri zishoboka.
Mu mpera z’iyinga riheze, nagorobeje nganira n’abagenzi twaherukana kera. Ikiyago caryoshe, cabaye umunoni, niho twatangura kuyaga ibijanye n’ukwubaka izacu. Ni ko kumva umwe yinamuye ngo : « bagenzi, mwakundana mwareka, ntihazogire uwugwa mw’ikosa ryo kurihira amashure umwigeme bakundana ataramushikana mu rugo ». Uwo rero yari uwitwa Claude. Impari ziba ziradutse.
Yvette, umwe mu bigeme twarikumwe, amusamira hejuru ati : « uko niko uvyumva nyene ? Hakuba ikosha, jeho nabifata nka kimwe mu bimenyetso vy’urukundo. None numva ari birebire. »
Impamvu
Claude, ni umwigisha kw’ishure ryisumbuye ryo mu ntara ya Gitega. Ku myaka mirongo ine n’ibiri, aracari umusore. Ivyo kurongora, asa n’uwavyibagiye. Yaratwiganiye ivyamushikiye. Ati : « Nkirangiza kaminuza, nateye ndonka akazi ; maze, nkundana n’umwigeme arangije amashure yisumbuye. Kubera yashaka ko tworushinga abanje guheza kaminuza, ariko akaba atari ashoboye kwirihira kaminuza yigenga. Naciye ndamurihira, mu ntumbero yo gutegura kazoza keza k’urugo tuzoshinga. Yakize kuyarangiza, aca antera uwinyana, arampeba, yubakana n’uwundi musore. »
Ariko aravuga iyo nkuru, isura yiwe yagaragarako agahinda n’umubabaro. Twaciye dutahura igikomere vyamusizemwo. Yahejeje iyo ntahe yiwe twese « igifaransa cakamye » (akavuze wa wundi). Noneho, dutahura n’igituma hakurongora umugore, yashimye « kwirongorera icupa gusa ».
Ariko rero, siko vyagenze kuri Yohani. Uno, yimirije kurushinga n’uwo yarihiye amashure ; ndetse n’ubutumire buza bwarasohotse. Wewe ati : « nimba hari ikintu cakomeje urukundo rwacu, ni uko ntigeze ntererana umukunzi wanje mu kumusahiriza mu bijanye n’ukwiga. Ico gikorwa yakibonyemwo ikimenyetso c’urukundo gikomeye, maze abona ko urukundo ndamubwira atarurw’amajambo gusa, ariko rugaragarira no mu bikorwa ; bituma ankunda kurusha ».
Urukundo ntirugurwa
Kuri Petero, umwe mu bagenzi twarikumwe, ngo ukurihira umwigeme mukundanye amashure wizeye ko uzomurongora, ni nk’ukugura urukundo. Agira ati : « iyo bishitse uwo mwigeme ntabe akikwiyumvamwo, ariko akabura ukwo agira kubera ivyo wamurihiye, urugo ben’urwo ntirurama kenshi. » Kuri we, ico gikorwa cari kibereye ku bubakanye, bigakorwa mu ntumbero yo gutez’imbere urugo. Maze aca aravyunyura ati : « umurihira kugira agusumvye amashure, naho mwoba mwubakanye, bivyara agasuzuguzo n’akagaye mu rugo ».
Porosuperi we yayiciye umurya ; ati : « ivyo bikora abahungu batazi kuresha, bategera abigeme mu bukene bwabo, kugira babapangishe amafaranga. » Yuhira ati : « uworamuka nawe abikoze, ntiyari akwiye kubikora ngo arondere urukundo ; ahubwo yobikoze nk’ugufasha bisanzwe, nk’uko yobigirira uw’ariwe wese ».
Wa muvukanyi Claude yatwumvirije kera, niho yavyunyura ko umuzi w’izo ngorane atari uburyo umusore akundamwo, ahubwo biva ku bigeme basigaye bakunda guhemuka cane. Ikiyago caciye kiba nk’igisubiye itoto, bamwe bakagiriza abigeme ko ari bo ntandaro kubera batazi kubumbwa n’ivyo bafise bakama bashakashaka bishasha, abandi bakabita ku bahungu batazi kuresha. Ico bikoze, ntitwigeze twumvikana kuri ico kibazo. None ikibereye ni ikihe ?
Ndashigikiye Pieri na porosuperi
Jewe kubwanje naj ntiwomurihira witezeko muzobana mbona womurihira kubera kumufasha mugihe mukiri kumwe kugira nimwatandukana azovuge ati urya yaramfashije.mbe hoho hoba hariho umukobwa nawe arihira umuhungu kugira yige kaminuza?nyamba atawuhari yomurihira urukundo rwoba arakarenganyo abahungu aritwe twitanga gusa.kuko birashika uri umuhungu ugakunda umukobwa afise uburyo yoshobora no kukurihira mugabo ndibazako atamukobwa yobikora kuko urukundo rwabo rurageze,niruke.kandi basigaye bakunda ibintu ntibagikunda umuntu.
abakobwa vyukuri nibake uzosanga bafise urukundo keshi baraba ico umuhungu afise ariko kimwe nobahanura nuko amaronko atacamaze iyo ugiye kumuhungu kubera afise amahera gusa utamukunze urworugo ntamunezero uzobamwo kuko iyo ahomvye birakugora kugumana nawe
Jw kubwanje kumufash ntivyoba ar bibi arik ntubikore nkikiguzi uriko utanga canke gu profitant faiblesse y’umuryango udashoboy kubimukorera vyose bikore nkiciza woba urik ukorer uwariw wese nivyashik ntab akikwiyumvamwo akaguheba ntuzibabazwe n’amahera wamurihiye oya
Kubwanje womufasha utitay ko urik ugura urukundo ahubwo ko urik ukorer iciza umuntu kuku naguheba ntuzibabazwe n’amahera watanze uzobabazwe nuk aguhemukiy wamukunda kuk uw ukunda nubw atanicumi rimw yob arakurira wobabazwa nuk yaguhemukiy
Ivyo gusomesha umukobwa mutarabana nukuri nukonona uburyo kko baraharuruka cane.ayo mahera woyakoresha uwundi mugambi Hama akibako ukazomukorera ivyashatse mwubakanye kko abavyeyi ntibavyaye ngo abasore turere
Ndumva bitoroshe!!!urukundo nyarukundo ntirufatira kubintu!!!kurihira umukobwa amashure wizeye KO uzomutwara ninko gukwa imbanyi urazi ikizovuka!!muyandi majambo urazi KO hazovuka umukobwa canke umuhungu!!
Nimureke kwiyumvira ivyurukundo cane kuko nabasokuru vyarabananiye.ibaze namw urworukundo muvuga,umukobwa wakinoguhihe arabazanti ?rwamfise ik? Parasere,inzu,imodoka Akira akazi gaki? Ugaca umenga wew mumyaka yiw afate vyinshi yoba yagiye akora.mawushikana vyahera ugaca umenga yaraje kodoriya ubuzima ubayemwo .agize naho ngaratekany ukarera abutavyaye.jew mfite imyaka 25 narinze Mara umanite ntakunze.imvo iyombikora naho.nobaye nka Claude.ubu icontegekenya nuko nokunda izina mwigeme mugihe mbona atagihe kinini vyontwara ngondongore.rero ivyabo na adamu vyaramunaniye.
kurihira amashure umukobwa mukundana sibibi ahubwo nivyiza kk vyongereza urukundo muriwe nokumvako uwo narikumw anwitayeho umukobwa ahemukira umuhungu yamwigishij vrmt Imana imuharire kuk aho azoja hose ntazihezagirwa
Nibibi cane kurihira umukobwa witez nguzomutwara uba uriko uratega imitego umutima waw kuko aguhemukiy ugir umubabaro mwinshi w igihe kinini
Jewe kurihira umukobwa amashure mbona ko ari kosa rikomeye cane,bituma usesagura amahera wokoresheje mukwitegurira kazoza kawe maze nawamukobwa akazogera guheza amahera yaraguheranye ataho urigeza ngo ushinge urwawe ,niho hava guhebwa akikwirikirira abandi ww akaguta kk ataho aba abona wigejeje
Abibwa bobo ndunva baracibwa abakobwa bubu barira epfo na ruguru barya amatu menshi rero uwo vyashikiye niyihangane kuko siwe wenyene nabandi barinyuma
Je naje ico mbona kubakobwa bakino gihe ntivyaribikwiye kubarihira witezeko uriko urakomez urukundo ahubwo wobikora nko gufasha nkuko wofasha uwundi ari mubibazo,kko urukundo ntirukomezwa namwenubwo buryo,ahubwo rukomezwa namwenutwo tuntu tubona ko ari dutoduto,imigenderanire,ibiyago,gusuhuzanya.burya ntakintu kiryosh iyo murukundo iyo mubaye mwubwo buryo.erega ingorane yabigeme bakino gihe wobikoze wosubiriy abeshi babihigamw profit mwico gih reo iyo bishitse ukanura uburyo bwokuza umuh ahita abonako usigaye ufise abandi ubikorera.je ngiranti ntibikwiy no kwereka umwigeme ko haricufise kko burya umukobw afise urukundo ivyo ntabiraba,ahubwo yishimira cne nuko arose uwo bazorushinga.
&Mukunde wamizeko atampera witeze&
Kubwanje gufasha uwo mukundanye ni vyiza cane. Ingorane nuko umenga umuhungu niwe ategerezwa gufita uwo mutwaro mu rukundo. Koko nimba rwoba ari urukundo si uko umuhungu yofasha umukobwa ahubwo bofashanya kuko urukundo ni urushingiye ku bikorwa ngarukanako « réciprocité ». Muri rusangi si ugukunda canke ugukundwa ahubwo ni ugukundana (MUTAHURE CANE INSIGURO Y’INGOBOTOZO RUGURANE -AN-).
Muri aba bagiriraniye iki kiyago, nshigikiye Porosuperi: Uworamuka ashatse kurihira umukobwa amashure, canke kugurira umukobwa ikintu ico ari co cose, ntiyari akwiye kubikora ngo abironderamwo uwo bazubakana; ahubwo yobikora nk’ugufasha bisanzwe, nk’uko yobigirira uwo ari we wese akeneye ubufasha. Ni na ho ukutubakana na we bitoheza ngo bimutsitaze.
ikosa ntitworishira kubakobwa gusa(guhemuka)
hariho abahungu barihira abakobwa ukamengo barahejeje ukamengo umukobwa ntahandi yoja,agaca afata umukobwa uko yishakiye,plutot ayo mahera y’ishule yoherekezwa n’ibindi bikorwa vy’urukundo
Ayo mahera nibabe baca bayagiramw mariage ham amurihir babana ariko nahone harabagabo bibito agutway kwiga ubusezeye.rer vyos numv vyov kkugene babon urukundo rwabo ruhagaze
Tout simplement urukundo nuguhuriza hamwe 50/50 rer ivyo abakobwa baharura kubahungu nibabireke niba uwomukobwa iwabo atagira les frais zo kwiga,uyo muhungu nibandikwe hama bananabe aca aza aramurihira nkumugore wiwe kuko aba copine/copine aba aramajambo gusa aguheba ukwashatse
urihiye umukubwa ntabwo wobkora ngo nuko ushaka kuzomutwara ahubwo yoba ari imfashanyo umuhaye na mitende uyamurihye mwamaze kubana
Jewe ico nobivugako nuko abakobwa boreka kuza baremera ivyo bazi ko batazokora kuko biratuma twebwe abahungu dutirimuka