Ni uwa 14 Ruhuhuma. Benshi bawita umusi wahariwe umweranda Valentino, uwuzwi nk’umuvunyi w’abakundana. Abatari bake ntibazi inkomoko z’uwo musi, ariko nyene bakawuhimbaza. Ngo « nzogira nk’uko abandi bagira » ; ugasanga ni agakuku gusa. Intahe y’uwo vyagendeye gutyo.
Hari ku musi nk’uyu, mu mwaka w’2017. Hari haciye amezi yababa atatu ndonse umukunzi. Vyumvikana ko twari tugihararanye cane, « tugishushe », nk’uko bivugwa mu mvugo ya none. Mbere, ryari irya mbere ntanguye ivyo gukundana. Sinari bwo ndamumenyere, ngo menye nka neza ivyo akunda n’ivyo yanka. Ni ko kwigira inama yo kumucaca, ndamubaza ku ruyeri ku rwenge.
Nari nsanzwe maranye imisi ikibazo c’ukumenya ico nzomukorera kuri uwo musi. Hasigaye nk’imisi ine ngo uwa 14 Ruhuhuma ugere, ndamwibazisha mu butumwa bugufi kuri terefone nti : mbe harya wewe umusi mukuru w’abakundana uwiyumvirako iki ? Umwana w’abarondo ati : « Je ntaco bimbwiye. Ku bakundana vy’ukuri, uwo musi bowuhimbaje imisi yose. »
Aho ndi nti uramvyaye. Ku gatima, numva ndaruhutse, ca kibazo kiba kiratoye umuti. Nca nigira inama ko uwo musi kizira ko ngira ico nkoze, kugira noneho umukunzi wanje ntahave ambona nk’aho noba nabaye nk’abandi abo. Ariko sinahavuye ngo ndavyitwaremwo uko.
Agakuku
Ntibwatevye guca kabiri, isango ry’uwa 14 Ruhuhuma riragera. Navyutse numva ari umusi nk’iyindi. Nditegura nk’uko bisanzwe, ntonda ku mirimo ya misi yose nk’uko nahora. Aho ni ho nahinduriye ivyiyumviro.
Nagize ngo ndashika ku kazi, bugingo ndiko ndaramutsa abo dukorana, umugore umwe muri bo ati : « Mbe utegekanya iki kubwa wa mukobwa mukundanye, canecane kubw’uyu musi uri hejuru» ? Nanje n’agatima gatekanye nti nta na kimwe ; ivyo twe ntiturimwo. Hmmm !
Wamengo mpejeje guhamagaza inama y’abo dukorana, bose batangura kuduza ikiyago kuri iyo nkuru nshasha ndabahaye. Baratangara cane, batako bambaza n’impamvu « ntashushe ». Sinaciye irya n’ino, ndabamenyesha ko je n’uwo dukundanye twaganiriye, dusanga nta mvo n’imwe yotuma haba umusi w’ugukora ibi na biriya ngo ni ukugaragaza urukundo, nk’uko womengo iyindi misi ntituba dukundanye.
Iyo menya…
Ngo « …yama iza ibipfa vyapfuye », uwarivuze ni aryumeko. Bamwe dusangiye akazi batangura kuntwenga. Bareguka. Batangura kunyumvisha, umwe wese uko ashoboye n’insiguro zitandukanye, ko nahuvye. Bati : « Aho umukunzi wawe uhejeje kumutakaza kuko uvyishakiye ». Umutima ngo Kwa ! Bandama kumpa inzira zitandukanye zishoboka.
Bamwe ku ruhande bati : «Aho yakubwiye ko adahimbaza uwo musi kuko afise uwundi azomuhimbariza, wewe yaguciye amazi (yakwinuvye – nk’uko ab’ubu babivuga)».
Ndabarahira nti muranguha ! Abandi na bo ngo « mu rukundo, kirazira gushiramwo ubwenge bwinshi ; hakora ibishobisho ». Ivyo vyose nkabihakana, ariko i bwina mu mutima, birushiriza kuvyura ivyiyumviro nk’ijana.
Mpava ndacika
Isaha y’ukugodoka ntiyatevye kugera. Ntaha umutwe n’umutima bindemereye cane, niyumvira vya bindi vyose bambwira. Nkibaza nti vy’ukuri aha notakaza urukundo rwanje ngo ni uko ataco nakoze kuri uno musi ? Kanatsinda, uburyo bw’ukubikora si ubwo nari mbuze.
Nkiri ku nzira, haza iciyumviro mu mutima ngo « ca mu kaguriro urabe ico womuhitanira, umushire nk’akaganuke, upfume wivuguruza hako womutakaza » ; nca ndabikora uko. Yamara, ibibazo ntivyari biheze.
Nagize ndamushikira, ndamuramutsa, ndanamuha iyo ngabire nari ndamushiriye. Ikibazo ca mbere kiba kiraguye ngo : « Ko umengo wari wavuze ko uyu musi tuwufata ibisanzwe, ibi vyakujemwo gute » ?
Birananira kumuhishuka ngo ndamubwire ko nakoreye ku mohe y’abo dukorana ; ndahora ngo Cwe ! Yarantabaye aranyakirira iyo ngabire, ariko mu mutima iwanje, ntaha numva nigaye cane, kuko nari nabaye « Akagabo ni iryo » mu gukorera ku mohe, nkajana n’agakuku. Sokuru ati : « Ingendo y’uwundi iravuna ».
Nukurikubantu Basesaguzanya Ngonukwaruwomusibarakwiye Kwikebuka Bakamenyakwimisi Yamazekwerekanindishusho. Hama Mutama Bandanyemubahintahezany
@Anonyme
VYOBA BITEYE IKIGONGWE INGENE WANDIKA IKIRUNDI mugihe woba wakuriye kandi ukiga mu Burundi.
La saint Valentin c est une journée normale comme les autres jusqu’à il soit décidé de le fêter comme une journée particulière mais c est bien parfois pour le fun pour certaines couples savoir s amuser parler et rire ensemble…mais pour moi l amour on la fête chaque jour et l amour et le bonheur vas avec
Commentaire *gusa ngeragej kuraba ivyanyu,uwomukunzi waw nukuri ba mugukundishij kunguvu ntiwamwiyumvamwo.kandi nawenyn ntiyagushaka,kko umuhay ok kaganuk ntiyavuz Merci.abo nibabakobwa bapira