article comment count is: 2

Urukundo hagati y’abadasangiye umugambwe rurashoboka

Muri iki gihe c’imyiyamamazo mu Burundi, abantu benshi baribaza nimba abakundana badasangiye umugambwe bakomeza kubana  mu rukundo. Ivyo birashoboka neza cane kuko ni muri ubwo budasa bwabo nyene hahagarara urukundo nk’uko Rodolphe Oppenheimer, umuhinga mu vy’inyifato abivuga. 

 

 

Nk’uko uwo muhinga atangura abivuga, abakundana baba bagizwe n’abantu babiri batandukanye. Uko batize bimwe ntibakunda bimwe kandi n’umwe wese atunganya ivyo akora buri musi mu buryo butandukanye n’uko uwo bakundana canke uwo bubakanye abigira. 

No muri politique ni ko kw’uko. Mudangiye impengamiro, biratuma haba hibazwa vyinshi, ariko hari abubakanye benshi babaye ba rurangiranwa muri bo benshi bakaba batari basangiye ivyiyumviro vya politike, badasangiye umugambwe, mugabo bakubaka rukaguma.

Haraheze imyaka myinshi hagizwe ivyigwa kuri ico kibazo. Ivyatowe mu Bufaransa ni uko abantu bari ku rugero rwa 65% ataco bibabwiye gukundana n’uwo badahuje ivyiyumviro vya politike. Ivyo bijanye mbere n’ivy’amatora, umwe wese aho atora ntaco bitwara, ikiza imbere ni ubuntu bw’umwe n’uwundi. 

Ariko rero…

Ku bwa Rodolphe, umuntu arashobora kwubakana n’uwo batumva ibintu kumwe mu bijanye na politike, ariko hari ivyo ategerezwa kwama yirinda imisi yose. Nk’akarorero, iyo bari ku meza, hariho ibintu bimwebimwe vyo kwirinda : guharira ibijanye n’ukwemera kwabo mu migambwe, eka mbere naho mwoba muri mu mugambwe umwe si vyiza kubiharirako.

Ntawobipfa n’uwundi, kuko uko ibihe biha ibindi, ni ko haba n’ibihinduka mu bijanye na politike. Hari imigambwe ubona yari ikomeye, mugabo ubu ukabona vyarahindutse, abantu babipfuye nabo bagasanga bapfuye ubusa. Kira noneho nta n’umwe ategekwa gutora co kimwe n’uwobubakanye kuko umwe wese atorera ahiherereye, ntawumenya ico uwundi yatoye.

Erega aha ico umuntu yomenya ni uko umuntu ashobora kubana n’uwundi, mugabo ntamenye uwo yatoye, kandi vyiza ntiyorondera kubimenya. 

Urukundo ruruta vyose

Ntawokwirengagiza canke ngo yibagire ko ivyo biri mu bintu abantu bahuta barapfa, iyo ari abakunda politike bagaherayo. Igikwiye mu rugo canke mu bakundana, ni uko hoba ikintu kibahuza kandi kikabatekanya, . 

Iyo abantu badahuza kubera badasangiye umugambwe kandi bubakanye canke bakundana, boraba umuntu yubashwe muri buri mugambwe, bakamusaba impanuro. Ikindi boraba ni ico bahurizako, canke ico umwe yobona ari ciza mu wundi mugambwe, bagaheza bakabivugana, n’aho ubudasa buhaguma.

Ikirengeye vyose ni uko urukundo umuntu aba afitaniye n’uwiwe usanga rimwe na rimwe rukomeye cane ku buryo rutonyiganyizwa n’ivya politike. Kira noneho hari aho usanga umuntu ashoboye gutahura ivy’uwundi. Muri ico gihe, politike ntaco iba igitwaye. Ica ikinjurira ururira urukundo kuko rurayirusha inguvu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)