Muri Kaminuza y’Uburundi, neza na neza mu gisata c’ubuvuzi, abanyeshure baharangije, ku musi wabo wo gusoma ibitabu, ni ho berekana ku mugaragaro abakunzi babo. Si ko vyahoze, mbere haracariho n’abatabikora uko, ariko bitera bija kuba nk’ingendo rusangi. None iyo vyoba biterwa n’iki ?
Ni je jenyene maze kubibona ? Umuhungu usanga yambaye neza, agakoti yagoroye, agakaravati yanize, aberewe koko. Uravye hirya yiwe gato, ukarabukwa umwigeme yambaye agakanzu keza, mw’ibara risa n’iry’ishati ya nya musore, n’ishurwe mu ntoke. Uri uwundi yarangiza gusoma igitabo, akanya ko guhabwa rya shurwe n’ukwifotozanya n’uwo akamuhaye ukaba urageze. Kuri bamwe, udupoze two ku musi w’ubugeni duhakwa guherera kuri uwo musi.
Egome, biba bibereye ijisho. Ariko ndabibarize ncuti bagenzi : kubera iki umengo ni kuri uwo musi mushirirako ahabona abakunzi banyu ? Mubuzwa n’iki kubikora imbere y’aho canke no hanyuma ?
« Mbe nk’abandi »
Nta womenya uwabitanguje. Ariko Emelyne*, umwigeme aheruka kurangiza mu gisata c’ubuganga, ati : « ako ni agakuku. Biboneka ko benshi babifashe ko ari ko bitegerezwa kugenda, mbere bigaca bisa n’ingendo rusangi. »
Yamara, ivyo ntibibura kugira ingaruka ku wutashoboye kugira nk’abandi. Melyse*, uwundi mwigeme yimirije kurangiza muri ico gisata nyene ati : « uwutabikoze uko, umengo hari ikitagenda neza iwe. Aboneka nk’uko umengo hari ico ahajije ; ntaba asa n’abandi nyene. »
« Ni ko karyo »
« None mbe utamwerekanye kuri uwo musi, ko mbona ari rwo rubanza ruba rwimirije inyuma y’ico kivi c’ivyirwa uba urangije, ikindi gihe coba ikihe ? Hama kandi, muri wa mwanya wo gusangira akavunamusase, inyuma y’ico gikorwa c’ugusoma igitabo, barabikubaza mu majambo agenda arabisanya. Kaba ari akaryo keza rero ko kwerekana ko hari ikindi wamaze kirengeye kwiga gusa » ; iyo ni inyishu ya Robert*, umusore aheruka kurangiza ico gisata nyene.
Nawe Anatole*, uwundi musore yimirije kurangiza ati : « utabigize uko, wohava usanga witeranije n’umukunzi wawe. Umukobwa aba yabonye ko abandi bagenzi bawe babikoze, hama wewe ugaca ureka kubimukorera nk’abandi ? Aca yibaza ko utamwemera ; n’urwanko rwohava. » Uno musore akongerako ko na none umusore aba akuze, inyuma y’imyaka indwi canke irenga ariko ariga, igihe co kurongora kiba carageze ; ati : « ni ko karyo keza rero ko kwerekana ko utanyaze imwe. »
Ubwayi bw’imico
Bamwe babibona nk’agakuku, abandi bakabifata nk’akaryo keza. Ariko, jeho ndabibona nk’ikimenyetso c’ibungwe twatewe n’imico n’akaranga twonse mw’ibere. Kurya kw’igiti cariwe n’umuswa.
Mu ndero y’ikirundi, nta mwana yokubahuka kubwira canke kwereka umuvyeyi wiwe ko afise umukunzi bagendana ; aboneka nk’uwumenye ibanga. Ni navyo bituma bamwe barinda baheza kaminuza batokubahuka kuyaga n’abarezi ivy’imigenderanire hagati y’abahungu n’abakobwa ; kuko ivyo bifatwa nk’ « ubushirasoni ». Abana bakabonwa n’abavyeyi nk’aho bakiri ibifatanzoka. Ni ikizira.
Kumbure rero iyo ngendo y’abo banyeshure izoteba igire impinduka nziza izana mu kibano ndundi. Abavyeyi b’ejo bazotahura ko bidasaba ko umwana arangiza amashure kugira bamufate nk’uwukuze. Ariko nyene ico guterwa ivyatsi, ni uko kuntu uwutabikoze gutyo aboneka nk’aho umengo ari n’agahaze ; ni ho havuka ugukumira n’ukwinuba, canke mbere n’ugusuzugurana.
Nivyo niko karyo!!! abo bavyita agakuku barabuze
Oya si mpaka… uburyo bwo kumwerekana ni bwnshi… nagakuku ntabindi kabisa…
1.si muri medecine honyene bagira ivyo,ni mu bisata vyose kandi vyamye uko kuva kera,ishurwe urihabwa n’umukunzi wawe hamwe/canke n’umuvyeyi wawe.
2.bose siho berekanira abakunzi babo,ahubwo ngira mwovuga ko ariho yerekera abantu benshi icarimwe umukunzi wiwe,kuko usanga uwo mukunzi yar asanzwe azwi iwabo kandi n abagenzi bari basanzwe bamuzi.
Mw’ijambo rimwe uwo mukunzi yari azwi n abantu ba nkenerwa gusa.
3.kutamwerekana uwo musi kandi ahari,kndi vyarabaye nk umuco uca umengo birimwo amakenga ivyanyu
Ivyo nibisanzwe mugabo nuko bishobora guhindura isura mugihe wamweretse public mugabo ukisanga munyuma uwo mwigeme yifatiye uwundi. Bikunze gushika mfita n’uburorero bwinshi cane. Niyo mpamvu kubwanje Atari nkenerwa Kuko uhejeje amashure singombwa nguce wubaka umanza kuraba ejo haza hawe wogomba ukamwerekana igihe nyezina gishitse
Umukobwa mwemerana kandi musangiye urugendo rugana urugo,kumwerekana kumunsi mukuru,w’ibirori n’ivyishimo,nivyiza.barabakuza mwese,ndetse bikabaha n’icubahiro mumirango no mubagenzi banyu.nanaho benshi bababonera.n’abatitavye urubanza ,bibaye ngombwa iyonkuru ikabashikira.nivyiza rero
Ego nyene iyongendo ni nziza