Hakaba hari ikintu kibabaza umutima, ni ukumenya ko umukunzi wawe akuvanga. Ukibimenya, urabura ico ufata n’ico ureka ; amaraso agahagarara. Ku ruhande rumwe, wumva wohagarikira aho nyene ivyo gukundana na we, ariko wibuka ibihe vyiza mwabanye musangira umunezero, bikakwanka mu nda. Ukabura ayo ucira n’ayo umira. Alexandre Gormont, umuhinga afasha abakundana araduha impanuro z’ukugene wokwifata bigushikiye.
Biragoye cane gufata ingingo yo kurekurira uwo wakunze akaguhemukira, kuko birafise inkurikizi zidasanzwe haba kuri wewe, abagenzi canke umuryango. Aho ntituvuze ibigumbagumba biba biremereye umutima wawe kubera iyo nkuru y’incamugongo uba wumvise.
Ico gihe kiragoye cane ku muntu yahora mu rukundo. Ariko uko biri kwose, uwo bishikiye ategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira asubize umutima mu nda, kandi agire umutima w’ubutwari kandi uguwe neza. Ivyo navyo bisaba kwisunga inyifato n’ingendo zidasanzwe, zishingiye ku mpanuro z’abahinga mu nyifato, kugira ntibiyangare.
Wakomeretse ariko…
Uhemukiwe, urahungabana cane mu mutima. Birumvikana rero ko umutwe ushuha, kandi ukabura amahoro cane. Uretse ko uvyimvye umutima, hari kandi amakenga ya buri mwanya, ugaheza ukaguma wibaza uti : « Mbega ko yanciyemwo rimwe, bizosubira ? » Aha rero, naho boba abamaze kwubakana bamaranye imyaka mirongo, canke abakundana bamaranye imisi mike, umutima uravyimba.
Imbere yo gufata ingingo yo kugira ikigongwe canke kutakigirira umukunzi wawe yakuvanze, urashobora gufata akanya ukabaza umutima. Ufashe ingingo n’ingoga, haba mu kumurekurira canke kuvavanura na we, birafise inkurikizi atawuziyugurura.
Ariko ubajije umutima, nta kabuza ibintu biragenda neza cane, n’aho kenshi usanga bigoye, uwo vyashikiye agashavura cane.
Guma werekana umutima runtu
Ibituma umuntu ahemukira uwo akunda ni vyinshi; kandi naho wovyihweza, ntibitegerezwa kuguca intege. Kugira ngo rero usubire kwigarurira utwawe, utegerezwa kuba ushobora gutegura uwo musi udasanzwe. Guhindura ibintu ntibizoshoboka kubera ko wigunze, amaganya akwuzuye inda imisi yose.
Kugira rero ushobore kugira amahoro warahemukiwe, ni ukugira imyimenyerezo ituma ugononokerwa. Ivyo bituma wiyambura ivyo vyiyumviro bivyimvya umutima, ugaheza ukirabira ikiruta ikindi gusa.
Aho rero urigira inama y’ibintu ubona ko ari ngirakamaro muri iyo ntumbero wihaye, bikagufasha kwikuramwo ivyiyumviro bibi. Mu gihe uriko uragira imyimenyerezo ngororamubiri, igumire wenyene. Wumvise bidakunda naho, uje hamwe n’abandi mutwenge, muhimbarwe.
Gerageza kuguma ugononokewe
Ibi bijanye no kuzirikana cane, kandi ni ikintu co gukomeza. Wemeye ivyabaye, ukabizirikanako, urabona na wewe utunenge ufise. Gutyo, muzoheza mushobore kurengera ibibakwegakwega, munafate ingingo ku bijanye na kazoza kanyu mu bijanye n’urukundo.
Muri iyo myimenyerezo, urashobora gutangurira ku guhema. Uko winjiza impwemu birahambaye cane kugira ushobora kwiyumvira cane, umwimenyerezo kwoba uguhema ushikana cane. Kwinonora muri ubwo buryo ni ikirwanisho gikomeye gifasha mu kurwanya guhagara umutima buri mwanya.
Muri ico gihe, ibikuremereye mu mutwe biraheza bakagabanuka, kandi n’uko wari kuvyifatamwo birahinduka. Nta nkeka ko uzobona bitera bifata inzira nziza.
PS: Mushobora kwisomera umurava iyo nkuru aho twayikuye mufyonze aha.
Turavye uko mutwigishije ntitworeka gushima kuko bitwubatse. Ni mugume mutwigisha. Ikintu nosa nuwuterera nuko twomenyako umuntu afise ibimugize. Hari umubiri n’umutima. Ukuvyimba umutima nkuko twavyumvise n’ukubura amahoro. Ariko uwushikiwe nivyo arabura ico akora kugira afate ingingo Nziza. Ntaniciyumviro abagifise co kwishira mukibanza c’uwo yabitumye. Iyo ari umwigeme yarenze kuvyo basezeranye n’umukunzi canke umuhungu n’ukwumva ko bompi bafise ico basangiye. Urukundo kandi ko urwo ruruta Kure niyo ivyabaye. Umwumwe wese atumiwe kubwiza ukuri uwobiraba ariko kandi akagira uwo yizera akamubwira ingorane afise gurtyo biratuma uwagize ingorane aruhuka.
vyari vyiza mega nahonye bigoreye kwihangana gusa mwatanze impanuro nziza
Vraiment iyo mpanur yandyohey nah bigoy kwihanganir kubury usang bamw basaz kubwabakunz bab babahemukiy .ne mugih yosazw vyabayuk naw impanur yohabw yobiyih?murakoz
Nivyizakandiko Woja Ahant Nkiyo Ufis Akaradiyo Cank Agaterefne Ukumviriy Uturirimbo Cank Ukabanz Ukarya Umutim Amenyo Ukabaz Uwo Aguhemukiy Impamv Vyabay Gutyo Usanz Ikosa Ariryaw Ukihanur Usanz Ariryo Uwo Ukunze Ukamuhanur Kuk Twes Turi Abant Ntiwoc Ufut Ubucut Kuber Ikos Ahubw Wofut Ikos Kuber Ubucuti