Umuryango iyo utararonka umwana wavyipfuza, biratuma ugira umwitwarariko cane. Abo bubakanye baribaza vyinshi, bakabura inyishu. Mugabo rero, abahinga mu vy’amagara n’irondoka barerekana ivyo umwe wese yokwisunga kugira aronke ikibondo. Ng’izi zimwe mu mpanuro bogenderako, baba abakenyezi canke abagabo.
1. Wirinde itabi
Iyo mpanuro iraba abakenyezi n’abagabo. Abagabo banywa itabi ryinshi, birashika bakagira imbuto zidakomeye neza. Ku bakenyezi, itabi rishobora gutuma habura inkabuzo zifasha urubuto rw’umugore kumera neza. Uko bigenda kwose, iyo wipfuza canke witeze ikibondo, utegerezwa guheba kunywa itabi, kubera ko ari bibi ku magara y’umwana aba yitezwe.
2. Gabanya inzoga
Ivyo navyo nyene biraba abagabo n’abagore. Inzoga zirica inkabuzo z’abagabo zifasha guhingura imbuto. Abakenyezi na bo bibazanira inkabuzo zidurumbanya ibihe vy’ubutinyanka, bikabagabaniriza amahirwe yo gusama.
Abagabo barahanurwa kudapfa kunywa inzoga batazi neza ivyazo, na canecane iza kavukire. Mu kwicungera rero, umuntu yokwigerera canke mbere agaheba burundu.
Abakenyezi na bo, ingaruka ni co kimwe n’izo kunywa itabi. Basabwa rero kutarenza akarahuri kamwe ku musi. Iciza ni uko bonywa ibitambiye. Mu gihe urangura amabanga y’abubatse wipfuza gusama, utegerezwa kugabanya, vyanse ugapfuma unywa akarahuri kamwe k’ibiyeri ku musi. Hari n’ibindi binyobwa, mbere usanga n’abajejwe amagara y’abantu canke abajejwe intwaro babuza; ntuhirahire ngo ubinywe.
3. Wirinde ibiyovyabwenge
Ubwoko bwose bw’ibiyovyabwenge buragabanya amahirwe yo gusama. Urumogi canke ibindi biyovyabwenge bifise ingaruka mbi, kumwe kw’inzoga n’itabi, waba ushaka gusama canke ndetse wibugenze, eka mbere n’abagabo bashaka kurangura ibanga ry’ubugabo. Kirazira rero kubinywa mu gihe mushaka canke mwiteze ikibondo.
4. Fungura ibitandukanye kandi birimwo ibikwiye
Baba abagabo canke abagore, umubiri wabo urakeneye ivyunyunyu kugira ngo imbanyi ibeho yongere ikure neza. Uretse ivyo, vyaribonekeje ko abagabo bafungura ibirimwo ivya nkenerwa vyishi kandi bitandukanye, usanga umubiri wabo uhingura intanga zimeze neza.
5. Ntiwiremere kandi ntiwonde cane
Ikintu abakenyezi bomenya ni uko gushobora gusama bivana n’uko umubiri wabo umeze. Uri munini cane canke uri mutomuto cane, ntivyorohereza gusama.
6. Kuba wezwe n’agatima
Ivyigwa biramaze kwerekana ko iyo wama uhagaritse umutima, amahirwe yo gushobora gusama agabanuka. Ivyo rero n’aho vyoroshe kuvuga, birashika bikagora benshi; kuko iyo haheze amezi ubona utagira igicuro mu nda, uca utangura kwibaza vyinshi, ugahava unihebura wibaza ko utazobishikako.
Iyo bimeze gutyo, amabanga y’abubatse aca aba nk’igikorwa c’agahato. Igikwiye rero ngaha si ukuguma witwararitse ko mwe n’uwawe muronka ikibondo, nyabuna ntiwibagire kumarana na we umwanya munini, mwisanzuye.
7. Rangura amabanga y’abutse
Icankenerwa gusumba vyose, ni ico. Mu gusama, ubanza kurangura amabanga y’abubatse. Utegerezwa kubigira icuro zibiri canke zitatu ku ndwi. Iyo umukenyezi ari mu gihe co gusama, ni ho aba afise amahirwe menshi yo gusama. Kugira ngo rero umenye ko uri mu gihe nyaco, utegerezwa kumenya igihe c’agasamo buri kwezi.