Mu Burundi, iyo tuvuze imiryango y’Abatwa, abenshi baca bayibona nk’imiryango itoshobora kwigurira amatongo, ititayeho ivy’amajambere, n’ibindi vyinshi babavugako. Ariko hari bamwe mw’iyo miryango baheruka kwerekana ubudasa.
Ubutunzi
Imfashanyo z’Ubushinwa ko zabaye nyinshi ntituzoziriha ibitagenda ?
Aha mu Burundi, muri ino minsi, tuguma twumva mu nsamirizi canke tugasoma ku mbuga nibinyamakuru ko igihugu c’Ubushinwa caduhaye imfashanyo kanaka. Ikibazo kihari ni ico kumenya ingene izo mfashanyo Abarundi tuzoziriha, na rirya ata vya gusa tumenyereye ku banyamahanga nk’uko […]
Bujumbura : ubukene bw’amazi ya Regideso burabangamiye abatari bake
Ukwo umwaka utashe, mu mezi amwe amwe, usanga hakunda kwibonekeza ubukene bw’amazi ya Regideso mu turere tutari duke tw’igisagara ca Bujumbura. Abatari bake baribaza igituma ivyo biba kandi bikaguma vyisubiriza.
Igisagara ca Rumonge coba kibuze iki kugira gitere imbere ?
Igisagara ca Rumonge cahoze kiza ubwa gatatu mu bisagara vy’Uburundi, ariko ubu kigeze mu kibanza ca kane. Kigenda gisubira inyuma. Yamara, « nimba hari igisagara cari coroshe guteza imbere, ni Rumonge », Ndayisenga Pascal arerekana ingene vyogenda.
Twotera imbere gute bamwe bubaka abandi bagasambura ?
Hirya no hino mu gihugu, hari inyubakwa rusangi nk’amabarabara usanga ziriko zirubakwa, muga ntiziheze ngo zirame. Nijimbere Thierry akidogera ingendo y’abanyagihugu bamwe bamwe bisamburirako nk’intungwa.
Amakoperative yodukura mu kaga k’ubukene
Kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro, ni ho Uburundi bwahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe amakoperative. Egide Nikiza yakurikiranye ihimbazwa ry’uwo musi, akaba yahakuye icigwa c’ukugene Abarundi twova mu kaga k’ubukene biciye ku gukorera muma koperative.
Urutete rw’ikiyobe rurarenza ifaranga !
Abatari bake ntibari bwavyiyumvireko canke n’abavyiyumviriyeko ntibashimye kubiganira n’abandi. Aho ibiciro vy’ibifungurwa bigeze muri kino gihe, ibinyantete bimwe bimwe, nk’ibiyobe, ibigori eka n’ibiharage bisigaye birenza ifaranga ku rutete ! Léon Bigoro ni we atuyagira ivyo yihweje maze asanga urutete rw’ikiyobe rurenza […]
Abarundi ntitwari dukwiye kwicwa n’inzara
Haraheze iminsi intara zimwe zimwe ziriko zirakora igikorwa co kwegeranya ibifungurwa vyo kugarukira ku banyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bageramiwe na kigoyi. Bisanzwe bizwi ko iyo ntara yari ikunze kubonwa nk’ikigega c’igihugu kuko imera kandi ikimbuka cane iyo imvura […]
Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu
Mu ndinganizo y’ubuzima bw’ibihugu harimwo ugutoza amakori aja mu kigega ca Leta kugira agire ico afasha mu butunzi. Ayo makori rero atozwa ku bintu vyose bishobora kuba vyinjiriza amafaranya n’inyungu ku babikora harimwo n’imiduga n’ibindi. Ariko rero, iyo ayo makori […]