Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’akazi gisigaye ari ndanse mu gihugu, usanga abatari bake bagerageza kwikorera imigambi mitomito yo kwikenura. Benshi rero bakaja mu rudandazwa rutoruto, abandi mu myuga. Ng’ibi ibintu bine bategerezwa kwisunga mu gushinga no kurangura iyo migambi.
Si bose bahora baroranirwa mu migambi yabo y’ukwikenura, yaba abanyamyuga canke abadandaza. Ariko, hari ingingo nyinshi bategerezwa kwisunga mu gukora iyo migambi. Uyu musi twahisemwo kubayagira kuri zimwe muri zo.
Prosper Niyoboke ni umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba ari n’umwigisha wo muri ico gisata nyene muri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Aradusigurira ingingo zine ngenderwako umugambi w’ukwikenura wokubakirwako.
Umugambi ukwiye kuza nk’inyishu ku bibazo abantu bafise
Kubw’uyo muhinga, ubwa mbere na mbere, kugira ngo umuntu atere imbere muvyo yikorera, ategerezwa gushinga umugambi wiwe aho abantu bawukeneye. Mu yandi majambo, umugambi wo kwiteza imbere utegerezwa kuza uzanye inyishu ku bibazo abantu baba bafise aho babaye.
Ngo mu bituma abantu badatera imbere mu migambi yabo rero, usanga bakora umugambi barabiye ku bandi, bakanawurangurira aho nyene hari abandi. Nka kurya usanga mu makaratiye tubayemwo, umengo urupangu rwose rutegrezwa kugira akazu k’idandarizo, kandi bose ugasanga badandaza bimwe.
Ivyo ngo biragabanura amahirwe yo kurwiza umwimbu, na cane cane ko abakiriya baca baba bake cane, mukabagabura n’abandi benshi.
Kunda ivyo ukora, ukore ivyo ukunda
Iyo ni ingingo ya kabiri. Utegerezwa kumenya umwuga canke umugambi ugomba gukora, ukanawukunda.
Kanatsinda ngo abateye imbere mu myuga yabo, akenshi uzosanga ari abantu b’abanyamwete, ivyo navyo bakaba babiterwa no kuba bakora ivyo bakunda. Ikizira coco ku bantu bikorera ivyabo ni ugukora ukurikiye agakuku. Kuko be n’abo usanga bakorera ku kurabira ku bandi, bakazokwama bagendera inyuma y’abandi, badatera imbere koko. Nta gishasha bavumbura.
Kumenyekanisha
Ni ikindi kintu gihambaye gituma umuntu umugambi wiwe utera imbere. Nk’uko uyo umuhinga abisigura, kumenyekanisha ivyo uriko urakora bikorwa mu buryo bwo kubirangisha kugira ngo abatari babizi babimenye, na cane cane akarusho bifise ugereranije n’ivyari bihasanzwe. Ivyo rero ngo bikozwe uko, bizotuma abantu bahurumbira ikidandazwa cawe, gutyo umugambi ubone gutera uja imbere.
Gukoresha neza umwimbu
Abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye vy’ingene bokoresha amafaranga binjiza biciye muri iyo migambi bakora yo kwiteza imbere. Hari abayasesagura, bakayakoresha mu bidakenewe hama bagashira agati mu ryinyo ngo bizokwama bigenda neza, abandi ugasanga bagomvye gutambikiza, mu guca batanguza iyindi migambi, nk’uko Prosper abivuga.
Umuntu rero ngo yokwirinda kuja mu bindi, mu gihe uwo basanzwe bariko barakora uba utarashinga imizi. Kuko ivyo ngo bituma atamenya ingene arangura iyo migambi myinshi ica rimwe. Na kare ngo “amayira abiri yananiye imfyisi”, kandi ngo “imigere ibiri ntitereka”.
Kubw’uyo muhinga, umwimbu utegerezwa kwongerezwa ku mutahe, mu ntumbero yo kwagura umugambi. Nayo ku bijanye no gushira imitahe mu yindi migambi, ngo vyategerezwa gukorwa mu gihe habonetse uwundi mugambi wunguka, kandi bigakorwa mu gihe umugambi wa mbere umaze gushinga imizi, aho bitotera uruhombo.
Ivyo bintu biratomoye cane.
inama ya prosper turayishimye cane
Mubisanzwe nivyukuri biragaragara ko abantu beshi bakora umugambi batashishoje ngo barabe ko icokintu gikenewe ahohantu.bagapfa gushinga umugambi Aho babonye hose bigatuma aba client baba bake kwico kintu ugasanga hagiyemwo no kubarya amadeni kk haba hariho nayandi hantu baca bahungira bakaja kugurirayo.ikindi gukora umugambi ukawukoramwo uwundi mugambi kand nawawundi utarashinga imizi sivyo kk bituma wama munzira kurangura ibiciro ugasanga vyaduze ariko iyo umugambi wawe wikwije urarangura ibintu vyogucuruza nivyo kubika kk bizoshika icokintu kiduge ibeyi canke kikabura muricogihe WE warakibitse uca wunguka ok murakoze
Murakoze, muranyunguruje
vyiza cane. bandanya mutwigisha
Komeza mutwigisha biratwubaka kugwiza ubumenyi.
Biratunganye cne murakoze
Murakoze cane
Asha munkuye igipfungu kumaso nukuri.
Murakoze cane kumpanuro muduhaye, mubandanye muturosa nizindi.
Eg murakoze cane kuduha impanuro zidasanzwe muramana umutima nkuwo
Murakoze kunyigisho muduhaye
Murakoze gose kumpanuro muturonkeje
Murakoze cane
Ok.merci none ko mbona imigambi womenga nimike mbega woronka imigambi mishasha ukora abandi mwegeranye bataribwakore?yemwe ningorabahizi kuko naho wowukora vuba bwangu abandi baca bakwigana usanga mwagwiriye!
I Ivyo birafasha kandi ningira kamaro mubuzima bwacu