Mu ntumbero yo gushira mu ngiro akamo katewe n’umukuru w’igihugu mu kurwanya ikiza koronavirisi, Reta ifadikanije n’ishirahamwe UNICEF yaragabanije igiciro c’isabuni nshasha ihingurwa n’ishirahamwe Savonor, «Bururu», ku bice 50 %. Imiriyoni cumi z’isabune «Bururu» zikaba ari zo zizohingurwa, ku kwezi […]
Ubutunzi
Amapikipiki muri Mukaza : « Twari twizigiye gusomera none…»
Mu misi iheze, abagendesha amapikipiki n’amakinga barasubiye gukorera muri Komine Mukaza, inyuma y’imyaka ine n’amezi abiri bidakunda. Igihe bari bahagaritswe, ababa muri iyo komine bari babaye mu bibazo vyo kwiyunguruza, kubera uburyo bw’umurengera vyabatwara. Ariko, ingingo yo gutezura yamaze umwanya […]
Burundi : abagendana umugera w’igitigu B bari mu makuba
Amezi atatu arikokoye imiti yahora ihabwa abagendana umugera w’igitigu wo mu bwoko B (hépatite B) wabuze aho wahora utangirwa. Ivyo bikaba bibabaza cane abawugendana babona ko ata kabuza bagiye guhona. Umve akamo k’umwe mu bawugendana.
Kaminuza : gutwara 1000 umunyeshure, ni nko gutwara umuliyoni umugwizatunga
Mu mwaka w’2017, twarababwiye ubuzima umunyeshure abayemwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, ku gafashanyo k’9000 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Ku wuba atararonka uburaro muri ivyo bigo, aronswa agafashanyo k’30 000. Ubu rero ayo mahera yagabanutse. Inkurikizi.
Muragabe ! Za Wasapu n’umwana w’uwundi !
« Kwigera mu barembe utari umurembe… » ; umugani wa ca gisokozo. Matayo, umutama w’imyaka irenga 60, akarungikira amasanamu y’ubushegabo Padiri ! Ng’uku uko vyagenze.
Muyinga: ng’ubu ubuhinga bushasha bwo kugwanya abavumvyi
Mu Burundi, urubanza rwamye ari gahuzamiryango, akanya keza ko gusabikanya n’ugusasagaza ubumwe n’urukundo. Ari na co gituma ata mutumire canke umuvumvyi, bose bafatwa kumwe mu nzimano. Ariko rero mu ntara ya Muyinga, hari ubuhinga bushasha bwo kwirukana abavumvyi.
Imbuga ngurukanabumenyi: aho umukene anyagwa na duke asigaranye
Muramaze kwumva abantu bibwe hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi? Bica mu buryo bwinshi, ariko hano turababwira butatu tumaze kwibonera. Muragabe!
Burundi-EAC: ntiharagera ko turirimba ngo «caratuvunye»
Kuva ku wa 18 ruheshi 2007, igihugu c’Uburundi carinjiye ku mugaragaro mu muryango ugize ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Ntiharagera ko dushira agati mu ryinyo, nk’uko womengo nta kibuze, hari intambwe ivyo bihugu bigezeko tutokwizera gushikako mu gihe ibintu vyobandanya uko […]
Ibintu bine vyogukingira uruhombo mu mugambi wawe w’iterambere
Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’akazi gisigaye ari ndanse mu gihugu, usanga abatari bake bagerageza kwikorera imigambi mitomito yo kwikenura. Benshi rero bakaja mu rudandazwa rutoruto, abandi mu myuga. Ng’ibi ibintu bine bategerezwa kwisunga mu gushinga no kurangura […]