Itegeko rigenga ingo n’imiryango rirahari. Kandi ririmwo ibintu bitari bike vyofasha gutunganya neza imibano, hubahirijwe agateka k’umwe n’uwundi. Ariko rero iryo tegeko rirafise uduhaze, hamwe twongewemwo ryotomora kandi rikagira akamaro kurusha.
Intwaro
“Bigeme, kubatera inda ni kimwe, kubatwara ni ikindi”: intahe
Hari abigeme bitega abahungu ngo babatere inda bibaza ko bayitwaye canke bamaze kwibaruka abahungu bazoca babatwara, bakagira ubugeni canke bakandikwa mw’ikomine. Yamara si uko vyama bigenda. Iyi ntahe ya Anita* iratwereka ko bishobora kugenda ukundi, nka ko, n’amategeko arabitomora.
Kwahukana: bisinzikaza umukenyezi kurusha umugabo
Bitananiranye ku rugero rurenze ubushobozi bwo kwumvikana, ntivyari bibereye ko abantu basaba kwahukana. Ico ni ikintu kibi cane ku muryango n’abawubayemwo bose. Ku mukenyezi hoho ni ibindi. Tubirabire hamwe.
Itegeko rigenga ingo n’imiryango : ivyo tutari dukwiye kwiyobagiza
Haba mu gushinga umuryango, ukwahukana n’ibindi, itegeko rigenga ingo n’imiryango rirafise uko ribitunganya. Ikibabaje, benshi ntibabizi kandi ari kirumara. Ng’ibi ibintu bitatu biri muri iryo tegeko tutari dukwiye kubaho tutazi.
Itegeko rigenga ingo n’imiryango: ryahishijwe abarigenewe ?
Si rimwe si kabiri. Turabona ibintu biba mu muryango no mu kibano, umuntu agatangara ukuntu bishika kandi itegeko rigenga ingo n’imiryango ryabibuza canke rikabiha iyindi ntumbero ibereye rihari. Ku ruhande rumwe biratahuritse kuko ibihe biha ibindi. Iryo tegeko ryabayeho mu […]
Amarira y’icibutso c’Ubumwe bw’Abarundi kiri ku musozi wa Vugizo
Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira […]
Kwunguruza abantu n’ibintu : vuga ijambo rimwe risa, maze ibintu bije ku rutonde !
Hari vyinshi bikizingamitse iterambere kandi bitosekaza ishusho y’igihugu cacu, ariko tukabirenzako uruho rw’amazi nk’uko twoba tutabibona. Muri vyo, igisata co kwunguruza abantu n’ibintu kiri mu bibangamiwe cane. Aho bigeze, hari hakenewe “ijambo” rizima ryosubiza ibintu mu buryo.
Petero Buyoya yaraye yitavye Imana : ivyo tumwibukirako
Kuva mw’ijoro ryo ku wa 17 rishira uwa 18 Kigarama, amakuru yagumye avugwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, ni ayerekeye urupfu rw’uwahoze arongoye Uburundi Petero Buyoya. Nk’uko urubuga rw’Ijwi rya Amerika rubivuga, ntiharamenyekana ico urupfu rwiwe rwavuyeko, ariko hari abavuga ko […]
“Amateka” y’incungu y’ukwikukira yaririmbwe n’Abarundi
Umuganwa Rudoviko Rwagasore yakoreye ivyiza vyinshi Uburundi, ku buryo bitazokwigera vyibagirwa. Yaharaniye intahe y’ukwikukira atako arayizira, ivyo Abarundi batigeze bahengeshanya kuyaga. Turabire hamwe “amateka” yiwe Abarundi batazokwibagira, yaririmbwe na bamwe mu baririmvyi batandukanye.