Hari vyinshi bikizingamitse iterambere kandi bitosekaza ishusho y’igihugu cacu, ariko tukabirenzako uruho rw’amazi nk’uko twoba tutabibona. Muri vyo, igisata co kwunguruza abantu n’ibintu kiri mu bibangamiwe cane. Aho bigeze, hari hakenewe “ijambo” rizima ryosubiza ibintu mu buryo.
Vyacitse nk’ibintu bisanzwe cane, biba nk’ingendo abagendesha amapikipiki bose bijukiye. Kwambara canke kwambika abo bunguruje vya bikofero bikingira umutwe benshi bariko barabititura, baradebukiwe. Naho hari abacisunga amategeko bakazambara, hari n’abo umenga ntibibaraba.
Aho ntawokwirirwa aravuga ibiri aho vyo mu gihugu hagati na ho ipikipiki imwe usanga iriko abantu bane. Ikitavuzwe ni igihe bishika ugasanga uwuyitwara atanabifitiye uruhusha.
Ivy’imodokari vyovyo ni ibindi, vyoyaga abagenya uburo. Kubona imodoka iva nko mu Gatumba igashikana abantu mu gisagara ca Bujumbura itagira ibinyoteri, intebe zayo ugasanga intsinga zirashinyirije, birabishe cane. Kagungura, n’izifise iparati za Reta canke izindi nzego z’iguhugu ugasanga ziri mw’ibarabara zaramenaguritse, zidakwije na gato.
N’amayira si wararaye
Tuvuze imiduga womenga amayira zicamwo yoyo ni nyayo. Ihibambewe ! Aha uruhara ni urwa twese na jewe ntasigaye inyuma. Eha namwe ni mwiyumvire : imifurege iri ku marembo yacu yifashe gute ? Turayisukurira canke dukorera mu rupangu gusa ?
Ikigeretso kuri ico, nta bantu bama bimanye imetero zari zigenewe ibarabara bariko barubaka, ugasanga kuja muri karitiye ni nko kunyegetera, ata miduga ibiri yohahurira. Aho simvuze kurunda imisenyi canke amabuye mu mifurege iyo bariko barubaka, bigatuma amazi y’imvura atarengana, agahava mbere akora amarorerwa. Ikibabaje, ivyo biba no ku mabarabara makuru, harimwo n’ayaja mu gihugu hagati. Hari rero no kugenda turatagaguza ibintu mw’ibarabara. Uwuhejeje kunywa amazi canke umutobe ukabona atereye hasi igicupa canke ikindi kintu cose.
Ivyo uriko urabiraba womengo birasanzwe mugabo bidakozwe neza birakwega akarambaraye, tukagandara, kandi hakaronderwa amafaranga menshi yo gusanura ivyononekaye. Amagara yo “ni amazi aseseka ntibayore.”
Agatukisha
Ikibabaje kandi gitukisha intwaro na twebwe abatwarwa, ni uko ivyo vyose bigenda bidakurikije amategeko biba abari bajejwe kubibuza birabira. Jewe iyo mbonye imodokari isigaye igenda kw’izina gusa ndibaza ukuntu ica imbere y’abajejwe umutekano bikansiga. Kuki izo zose zidakwije ivya ngombwa hadasohoka itegeko rimwe gusa rizihagarika?
Uko biri kwose, izo modoka, eka mbere n’izo ngendo zitabereye benshi biharaje bitukisha izina ry’igihugu, abakivukamwo, eka mbere n’abakibamwo. Ubu aho bigeze harakwiye gufatwa ingingo zibereye kugira twese abegwa n’ico kibazo tubone uruhara dufise kugira ibintu bije mu buryo. Ingingo yose yoza itorera umuti ico kibazo yofasha cane mu bijanye no guha ishusho nziza y’igihugu.
Kwiyuguruza