Hari ibihugu vyinshi, umwana ashikanye imyaka 18 aca afatwa nk’uwukuze, maze akava mu nzu y’abavyeyi, akaja kwimenya. Ariko hano i wacu si uko biri. Uretse ko ari bake babishoboye, n’ababikoze ntibabonwa kumwe. Umuhungu yipangiye inzu abonwa nk’umuhizi, mu gihe umukobwa […]
Indero
Amareresi y’ubuhumbu: umugera ugeramiye urwaruka
N’aho ata biharuro dufise twokwisunga bigaragara, abantu batari bake bararaba amareresi y’ubuhumbu ; hagera mu rwaruka hoho bikaba ibindi. Iyo uwukiri umuyabaga canke uwashitse mu bigero abiraba kenshi, inkwirikizi ntazitura, nk’uko bisigurwa na Sébastien Garnero, umuhinga mu vy’inyifato n’ibijanye n’ubuzima […]
Kunonora abantu biciye mu kubakanda: uko nabiziga siko nabisanze
Hariho imyuga usanga abayikora batabonwa ibisanzwe, nk’abandi banyamyuga bose. Mur’iyo, hari ukunonora abantu biciye mu kubakanda, mu mazu yabigenewe. Ni umwuga utunga neza abawukora ; naho nyene hari abawutukisha.
Imyiyamamazo : « Imbuto itewe ni yo imera »
Mu myiyamamazo yaraye irangiye, imigambwe imwe imwe yarakoresheje imvyino n’indirimbo zirimwo amajambo ateye isoni, arimwo ibitutsi. Abayamaze bati: « imbuto itewe ni yo imera. » Twohagabira.
« Ngendana Motorola, ndi kibirengeye »
Motorola tuzimenyereye nk’ibikoresho bifasha abajejwe umutekano guhanahana inkuru. Ariko, hari inyifato itangaje aho bishika ukazisangana abasore n’abagabo mu kibano, tutamenyereye muri urwo rwego. Nabo abo “ba nyakwubahwa” zikabatuma bagira inyifato bisangije. Iyumviririze namwe ndabayagire.
#KwandikwaMuriKaminuza: akamo ku bushikiranganji bw’indero n’ubw’umutekano
Si agaseseshwarumuri, impapuro zisabwa abanyeshure bagiye kwiyandikisha muri kaminuza ziragoye kuronka. Zaba izo mu bushikiranganji bw’umutekano canke izo mu bw’indero, zose ntizoroshe kuronka. Muti ni igiki cokorwa kugira ngo ziboneke bitagoranye? Mbwirira bene vyo.
#KwandikwaMuriKaminuza : umwaka ku wundi, ingorane ku yindi
Kwiyandikisha muri kaminuza ntivyamye bikorwa nk’uko tubibona uno musi. Uko imyaka yagiye iragenda, ico gikorwa cagiye kirahindagurika, na canecane ibisabwa ; ni vyo vyagiye birongerezwa, maze bituma ico gikorwa kiguma. Muti vyoba vyagenze gute kugira bigende biragorana ?
#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?
Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute […]
Ubushingantahe canke ubupfasoni ntibuzanwa no gushinga umuryango
Kwinuba, gutunga urutoke canke gukumira abantu ngo ni uko batarubaka izabo, birabababaza cane, kandi bigatuma bamwe bafata ingingo zo guhuruduka, kenshi zinabajana mu rudubi. Hari benshi bitiranya ubushingantahe canke ubupfasoni n’ukuba umuntu yarangoye(we). Ni ukwihenda cane.