Motorola tuzimenyereye nk’ibikoresho bifasha abajejwe umutekano guhanahana inkuru. Ariko, hari inyifato itangaje aho bishika ukazisangana abasore n’abagabo mu kibano, tutamenyereye muri urwo rwego. Nabo abo “ba nyakwubahwa” zikabatuma bagira inyifato bisangije. Iyumviririze namwe ndabayagire.
Ejo bundi, twaramukanye urubanza mu muryango. Twasohora muvyaranje. Arongowe iyo hiyo mu Rubirizi, muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura.
Uwo musi rero w’urubanza, mpengera bugorovye, mpitana ingendeshwa yanje, biri biri no mu Rubirizi ahabera urubanza. Nahashitse kare cane, kuko sinari nazindutse muri birya bindi birori biza imbere y’ukuja ahabera agatutu.
Bugingo ntamaje mw’irembo ry’ico kibanza, mbona umugabo aboneka nk’uwukibasha, yambariye urubanza nyene, ahagaze hagati na hagati mu muryango, mbere agasa n’uwudahava ambisa ngo ninjire n’ingendeshwa yanje. Hagat’aho, icari gitangaje mu nyambaro yiwe, yari yambaye ya marori akinga izuba, kandi rino ryari ryarenze kera. Maze mpagarara imbere yiwe, ndatenyenya, arateba arava mu nzira mbina kurengana.
Bamwita « Segiteri »
Urubanza rwarahavuye ruratangura, ariko rutevye cane. Vyari vyatewe n’uko umushingantahe yarungikanywe ijambo ryo gushikiriza umugeni yari yatevye gushika. Amaze kuhagera, wa mugabo w’amarori aba araherereje kutunyagaza.
Bitangura mbona wa aza kudutegeka (bitandukanye n’ugusaba mu rupfasoni), ngo twinjire, hama twicare mu bibanza. Ku gatima, nkama ngira nti kumbure mu mico n’imigenzo vy’aho hantu, ico kugenza buhoro imbere y’umushitsi nta kirimwo. Ihi bambe we ! Vyari ibindi.
Dogiri dogiri ! Umwanya w’ugutanga amajambo uba urageze. Umwe ajejwe kuyatanga nze numva arahamagaye ngo : “imbere y’uko dutangura ibirori nyezina, reka duhamagare Segiteri wacu yakire abashitsi mu karere kiwe, ateko adusengere mu vyo tuza gukora vyose”.
Ni ko kubona wa mugabo vyagora kumbisa mw’irembo arashogomanze na ya marori akinga izuba, mari mari n’imbere y’abageni ngo ba ! Araheza arakora ico bamuhamagariye. Ni ukuri, mw’ijambo ryiwe yavuze neza ; sinobahisha, nta ciza nari ndamwitezeko, nari namaze kumwishiramwo ukundi. Ariko nyene, ntiyatevye kuvyonona.
Motorola
Amaze kurangiza ijambo n’igisabisho vyiwe, tuba turatanguye kwihereza ikinyobwa. Uno nawe, aba aratanguye gutembera hagati mu bantu, agenda agaruka, nk’aho womengo hari umuntu ariko arakurikirana, agahava aza kumuvundurura muri twebwe twicaye. Vy’ukuri, yaranteye amakenga menshi, mbe ndaretse n’ubwoba.
Iruhande y’uko yagumye yambaye za mbone z’izuba, kandi bwanamaze guhwibira, yari afise mu ntoke ka karadiyo bita motorola. Uwo mwana w’abagabo nawe ntiyari azi kugatambukira bwo ! Akagenda agaye, ubutikorako. Maze bikagaragara ko abantu bamutinya, bakamwigira kure.
Ako karadiyo kiwe nako, ijwi ryari ridugijwe ku rwego rwo hejuru. Hakaguma havugiramwo ibintu tudashobora kumva, kuko nyene nka jewe, ibivugira muri turya turadiyo bisanzwe vyarananiye kwumva neza. Rurya rurimi kuri jewe, nta kigenda.
Ntanze akarorero ko muri urwo rubanza rwacu, ariko si aho gusa. Hirya no hino twama twabonye abandi bameze nk’uwo mugabo. Bagendana za motorola mu gikenyerero canke mu mufuko, maze bakitwara nk’abashira isoni ku bandi. Aha ikibazo nama nibaza, koko ivyo vyari bikwiye kugenda uko? None tuvuge ngo “amanyama aterwa na motorola” ? Ba sokuru bati : “nta kabura imvo” ; ariko nyene mbe nka wa wundi, “umugabo si urucumu, ni ijambo”.
Ni vyiza kugira inyifato rupfasoni mu manza zihuriramwo abantu benshiii murakoze
Hahahaaa,, ndakunda ukuntu bandika ninyandiko umengo niyo gusetsa ariko bariko barerekana ivyo babonye bitaeyoshe kwisanamu nukuri abobantu nyene bakwiye kwihanuraa
hahahahahah. Urantwengeje kandi uvuze ukuri.