article comment count is: 5

Kunonora abantu biciye mu kubakanda: uko nabiziga siko nabisanze

Hariho imyuga usanga abayikora batabonwa ibisanzwe, nk’abandi banyamyuga bose. Mur’iyo, hari ukunonora abantu biciye mu kubakanda, mu mazu yabigenewe. Ni umwuga utunga neza abawukora ; naho nyene hari abawutukisha.

« Evasion, Bien-être, Ester Massage, En Hakkore… » ni amwe mu mazu banonora abantu mu kubakanda, bakoresheje amavuta. Ayo nayo aragwiriye cane muri karitiye INSS muri Rohero, mu gisagara ca Bujumbura, ku buryo ayashika atandatu yose yegeranye. Nanje nayatohojeko nisubiriza kugira sinihende. 

Kuva mu mwaka w’2018 gushika muri Ntwarante 2020, vyarashika kenshi nkinyavyayo. Kunonoka canke ibindi si co canjana. Mbere nabanza kweraguza irya n’ino ko atawumbona tuzinanye, kubera ko hari abokwibaza ko njanywe n’akandi.

Umusi wa mbere umutima waradidagizwa, ku buryo n’umukobwa yanyakiriye yabona ko mbuze amahoro, aho ndi ku gatanda gato, gahagurutse kandi katagutse. Erega n’akaziki k’akayombekero kariko karavuga nakumvise mu nyuma. Uno ati : « Ko usa n’uwufise ubwoba ? Nimba ari irya mbere uje ngaha, ndagutahura. Abantu bavuga vyinshi ku bakora uwu mwuga, mugabo ngaha kirazira. Dukora mu rupfasoni rubereye uwatugendeye. Kira noneho, n’umukoresha yumvise tukuvugishije yoca aduhana. »

Ibitsitaza

Kubera ko nari nkeneye kumenya ukuri koko, naramubajije nti : « None uwo vyankiye akagushaka, umufasha gute ?» 

Inyishu yampaye ni uko uvyishizemwo ku buryo ugerageza gukora kuri uwo mukobwa aba ariko aragukanda,  aca asohoka akaguta aho, akagenda. Yongera ati: « Nca ndabivuga, ibikwirikira ntavyo nzi, umukoresha ni we amenya ico agukoza, kuko n’amategeko y’igihugu araguhana. Biramaze gushika, kandi uwo muntu yari umunyamahanga. Yaragize ubwoba aranasaba imbabazi cane. »

Haheze hafi umwaka, narasubiyeyo ; nahasanze uwundi mwigeme. Nawe nyene, nasanze ari kwa kundi nyene. Wewe yashotse ambarira ko nisoneye kuko n’akabutura ko musi ntagukura. Ndamubajije uko abigenza iyo hari uwumushatse, yavuze ko kugirira ivyo bintu ku kazi ari ukwitesha agaciro. Akanashimika ati : « Uhisemwo kudandaza umubiri, wokora ivyo nyene, hako uja gutukisha umwuga. »

Sinashizwe

Nariko ndarondera kuronka uwompa umuco ukwiye ku bivugwa kuri ayo mazu. Narahengera haheze igihe, nkaja ahandi. Zose hamwe, nazigiyemwo ndazikuranya, incuro 19. 

Uyu mwaka w’2020, muri Ntwarante, narasubiye muri imwe natanguriramwo. Nca ndahasanga umwe Grâce wa kera. Yari amaze kwubaka urwiwe, kandi umuhungu yamwabiriye bamenyanye aza akora ako kazi. Yaratagase ntiworaba. 

Yishongora, yaranshingiye intahe ati : « Mu vy’ukuri, naje muri aka kazi kuko mbuze uko ngira. Nari maze imyaka ibiri nicaye, narahejeje amashure. Abo tuvukana n’abandi bose, nta n’umwe yantahuye. Babonye ko umengo ngiye kudandaza umubiri. Mugabo si vyo na gatoya. Ubu merewe neza cane. Singitinya no kuvuga ico nkora nka kera. N’umushingantahe wanje nta mutima bimusimvya. »

Abagenzwa na tubiri

« Ako kabutura ko musi wagumanye gakure ! » Uko ni ko nabwiwe n’umukobwa umwe wo mu yindi nzu. Nikanze ko ashobora kuba afise ikindi arondera, mboneraho kumubwira nti : « Irekere, ndibaza ko ntagenda uku nimba udafise umutima mubi. » Uri uwundi yambwiye yirekuye ko ata ngorane, vyose bivana n’umupfuko wanje. 

Muri make, yambariye ko yemera ko turyamana ndamuhaye ibihumbi 50, duhava tuja mu vyo guciranira, aruha avuga ko ataja musi ya 40. Naciye ndamubaza ko afise agakingirizo, nyabuna aca anyereka mu kabati agakarato k’ubupfuko ati : « Twama twipanze ! »

Ndamubwiye ko ayo mafaranga ari menshi, ati : « Nokuzanira uwundi muri aba dukorana, yokwaka 70 ; aho jewe nari ndakworohereje. »

Kubera nari nzi ico ndondera, naciye ndamugabira ibihumbi 10, aranshimira. Iyo nzu yahavuye yugarwa, ubu hakorerwa ibindi. Nayigiyemwo iryo rimwe gusa. Sindababeshe naratinye gusubirayo ; na kare, nta yandi matohoza yari ahakenewe.

Umuryambwa abe umwe…

Ngo « umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango » ? Sigaho ! Aho hari kera ; ubu arakitukisha we nyene. Abakora uwo mwuga bose ntiboca baboneka nk’uko umengo ni ishirasoni, ngo E mama ! Hari abariramwo mbege. 

Kira noneho, no mu yindi myuga hariyo abaca iruhande  bagakora ibindi. Si umwuga rero, ni bamwe bamwe bawitwaramwo ukutari kwo. Na kare ngo « nta mwuga udakiza, uretse ukuroga ».

Aho nyene muri urwo rw’uruvugo niho bihera, bene imitima yoroshe bagatinya gukora umwuga uyu canke uwundi, ngo abantu bohava babafata uko batari. Twikebuke.

 

* : Izina ryahinduwe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Nihatari isi iri ahantu hagoye mais nagira ndababwire ikintu Iyo tuza kuba abanyabwenge twokwibajije ibijanye niherezo ryacu.nayo ibindi vyose usanga Ari ubusa gusa.

  2. Jewe ico nabonye mu mwuga wogukora massage n’umwuga nkiyindi…jewe naravyize nubundabikora …vyotsitaza uwuhinduye ivyiyumviro kandi n’umwuga nk’iyindi… Gikuru nugutahura ibintu

  3. OK nivyiza KO abantu bamenya KO ubushira soni atarumUga ukora ahubwo n’ingeso iba iri mû muntu kuko ntawokubwira kwiba atagatima KO kwiba ugendana ngo ubikore