Inyuma y’igisomwa casohotse mu rukurikirane rw’ibisomwa uru rubuga rwise #UrwegoNshingwakirundi, rukaba rwasaba ishirwaho ry’urwego ruhagararira ururimi rwacu, gisaba ko Ikirundi conagurwa canecane mu mashure; umwanditsi Egide Nikiza abona ko bishoboka, ariko bidasigura ko Ikirundi gica gicika ururimi rwokoreshwa mu nyigisho. […]
Imico
Nankana umwigeme yipangiye inzu aba ashaka kuja mu buhumbu ?
Hari ibihugu vyinshi, umwana ashikanye imyaka 18 aca afatwa nk’uwukuze, maze akava mu nzu y’abavyeyi, akaja kwimenya. Ariko hano i wacu si uko biri. Uretse ko ari bake babishoboye, n’ababikoze ntibabonwa kumwe. Umuhungu yipangiye inzu abonwa nk’umuhizi, mu gihe umukobwa […]
Isuku mu gisagara ca Bujumbura : turi « abana babi »
Ukugendera ku nkengera z’imiserege ya hano mu gisagara, ni nk’inzira y’umusaraba ; kubera umunuko uturutse kw’isuku rike urangwa muri iyo miserege. Umwe wese mu bahabaye, yaba umutware canke umutwarwa, abifisemwo uruhara. Muti gute ?
Kunonora abantu biciye mu kubakanda: uko nabiziga siko nabisanze
Hariho imyuga usanga abayikora batabonwa ibisanzwe, nk’abandi banyamyuga bose. Mur’iyo, hari ukunonora abantu biciye mu kubakanda, mu mazu yabigenewe. Ni umwuga utunga neza abawukora ; naho nyene hari abawutukisha.
Uno mugabo yigisha muri kaminuza yazize uguheka umwana wiwe
Mu Burundi, imico n’imigenzo bisa nk’aho bicegurira ibikorwa vyo mu rugo ku gatwe k’umukenyezi wenyene. Akenshi, iyo umugabo ashatse gufasha umutambukanyi wiwe, hari abamubona nabi; bamwe ngo «aratituye umuco», abandi ngo «ng’uwo uwariye jondama». Uno mugabo yigisha muri kaminuza, mu […]
Isuku mu bisagara: kumbe twisigira ubukwe gusa ?
Isuku mu bisagara bigize igihugu cacu ntirishemeye cane. Ariko, umusi mukuru twaraye duhimbaje, uwa mbere Mukakaro, waraye werekanye ubudasa. Iyo ngendo yo kwisigira urubanza gusa si imberagabo.
Guha indaro incuti mu gisagara ca Bujumbura : twobigenza gute?
Biramenyerewe mu miryango myinshi, mu bisagara bitandukanye vy’Uburundi. Ni igikorwa ciza, kijanye n’imico n’akaranga ndundi. Yamara, ico ciza ntigihurizwako na bose. Hari imiryango gicanishamwo, igahakwa no gusambuka. Umuntu yovyifatamwo gute none?
Intambo z’ikirundi : vyinshi mutari muzi kuri izo nkingi z’umuco wacu
Mu Burundi dufise intambo nyinshi zitandukanye kandi ziteye igomwe. Zikomoka mu mihingo itandukanye y’igihugu, zigatambwa na bose, abato n’abakuze. None izo ntambo zoba zitambwa mu gihe ikihe ? Zikomoka mu turere utuhe ? Umupfasoni Christine Ndayizeye, umutamvyi yabigize umwuga akaba […]
«Baje gusaba irembo iwacu, bagirako n’ugutanga inkwano» : intahe
Muri kino gihe, imiryango itari mike iraboshwe n’imigirwa iza yaramaze guta insiguro n’akanovera. Ijanye n’imanza zo gusaba irembo, ibirori vyo gukwa, ibirori vy’abandikwa mw’ikomine n’ivy’ubugeni nyezina. Ntawe zitaremera, iyo ashikiriwe; ariko kuzireka bikaba umugani. Claude* na Francine* baravyubahutse, baradushingira intahe.