Mu Burundi dufise intambo nyinshi zitandukanye kandi ziteye igomwe. Zikomoka mu mihingo itandukanye y’igihugu, zigatambwa na bose, abato n’abakuze. None izo ntambo zoba zitambwa mu gihe ikihe ? Zikomoka mu turere utuhe ? Umupfasoni Christine Ndayizeye, umutamvyi yabigize umwuga akaba […]
Imico
«Baje gusaba irembo iwacu, bagirako n’ugutanga inkwano» : intahe
Muri kino gihe, imiryango itari mike iraboshwe n’imigirwa iza yaramaze guta insiguro n’akanovera. Ijanye n’imanza zo gusaba irembo, ibirori vyo gukwa, ibirori vy’abandikwa mw’ikomine n’ivy’ubugeni nyezina. Ntawe zitaremera, iyo ashikiriwe; ariko kuzireka bikaba umugani. Claude* na Francine* baravyubahutse, baradushingira intahe.
Ihiganwa “Miss Kayanza”: abatyoje Neilla bose Imana ibaharire
Ku wa mbere Nzero 2020, mu ntara ya Kayanza habaye ivyatangaje benshi. Umwigeme wo mu bwoko bw’Abatwa yagiye mw’ihiganwa ry’abigeme beza kandi baciye ubwenge bise “Miss Kayanza” araritsinda, atahukana ikibanza ca mbere. Hakurikiye amajambo menshi, agwiriyemwo ayamutyoza. Inyifato itabereye muri […]
Kwizizirwa n’ivyuma vy’ubuhinga bwa none: indwara mu zindi
Iterefone ngendanwa, imashini nyabwonko, imboneshakure, n’ibindi biri mu vyo dukoresha mu buzima bwa misi yose; kandi bidufitiye akamaro. Ariko tutiyubaye, biba mu bintu bifise ingaruka mbi ku magara yacu. Muti gute?
“Senge na Dawe b’isomero” : intambwe mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu mashure
Mu ntumbero yo kumenyesha no kurwanya amabi afatiye ku gitsina, n’igwirirana ry’imbanyi zitipfujwe mu rwaruka, hasigaye hari “Senge na Dawe b’ishure”, abavyeyi bitirirwa ishure kugira ngo bafashe iyo miyabaga mu vyerekeye ayo mabi, umugambi wa FAWE Burundi. None abo bavyeyi […]
«Imbanyi» canke «inda» : ng’iyi imvugo ibereye uwibungenze
Ejo bundi haribonekeje ukutumvikana kw’ikoreshwa ry’ijambo “imbanyi” ku mwigeme yibugenze atarubaka. Bamwe bakabona ko iryo jambo ryisoneye, rikwiye gukoreshwa ku mukenyezi yubatse gusa. Nayo ku mwigeme, hagakoreshwa ayandi, rimwe na rimwe atamuhesha agaciro. None ivyo biva kuki ? Vyoba bikwiye kuguma […]
“Kwiyambiza”: bigezweho, yamara…
Mu bisagara bitandukanye, eka mbere no hagati mu gihugu, abigeme n’abakenyezi baraharaye guhindura ibara ry’urukoba. Uwahorana ubwirabure nka Nanda agasigara ari inzobe nk’umuhondo, mu kanya gato. Ariko rero, si kwa gusa.
“Ndahakanye ko mama yakwa ijambo kubera imico”
Mu Burundi, iyo serugo yitavye Imana, umupfasoni asize ntaba afise uruhusha rwo guhaguruka ngo avuge ijambo kw’izina ry’umurango. Ategerezwa kurondera umuntu w’umugabo mu muryango, akaba ari we avugira urugo. Akarenganyo gasasiwe indava kugeza iyo; intahe ya Annick Ndihokubwayo* irabigaragaza.
Ngo “umwana wese ahoha ahamagara se”: ni ukwihenda
Mu mayagwa n’imigenzo vy’ikirundi, hari abemeza ko umwana atanguye guhoha ategerezwa kuvuga se wiwe; ati: “da da da”. Bishitse akavuga nyina, bakagira bati ni agasema mu muryango. Ni uwundi mugenzo ucinyiza abakenyezi.