Mu Burundi, imico n’imigenzo bisa nk’aho bicegurira ibikorwa vyo mu rugo ku gatwe k’umukenyezi wenyene. Akenshi, iyo umugabo ashatse gufasha umutambukanyi wiwe, hari abamubona nabi; bamwe ngo «aratituye umuco», abandi ngo «ng’uwo uwariye jondama». Uno mugabo yigisha muri kaminuza, mu gisagara ca Bujumbura, yarahatswe.
Hari ku mugoroba w’umusi wa gatandatu, aho abenshi bakunze kwigina impera z’indwi. Olivier* yajanye abiwe kwinezereza. Abana bari babimusavye, kuko bari baronse amanota meza mw’ishure; ubona ko umwaka uheze. Muri bo harimwo umucuko, mbere nyina akaba afise iyindi mbanyi y’amezi indwi. Bari basohokeye mu kirabo kimwe co hagati mu gisagara. Bugingo buguruye irya kabiri, wa mucuko atangura guhunyiza.
Muka Olivier arya akara umugabo amusaba ko bataha. Ariko, umugabo ati : « Ko abana bandi bakiriko bariryohererwa, kandi bakaba bataranafungura, ntitwobabihiriza ibirori. Reka ndamushire ku mugongo. »
Umugore yijijanya imitima. Muri we, yibaza ko naho umugabo wiwe asanzwe aheka abana muhira, aho hantu atohamuhekera, kubera ko abantu bobatwenga. Agerageza kumubuza ku ruyeri, ariko biba impfagusa.
Olivier asanzwe ari umwigisha muri kaminuza. Azwi nk’umugabo atadohoka vyoroshe ku ciyumviro ciwe. Ubanza kumusigurira neza, kugira ngo yumve ko iciyumviro cawe gifashe kurusha.
Intureka
Wa mugore ahava aramuha impetso n’umwana, umugabo utanka amuterera ku mugongo. Mbere abwira umugore ati reka nje ahakirurutse umwana asinzire neza. Yaciye ajana n’uwundi mugenzi bari kumwe, bicara ahari intebe ndende, aho benshi bita kuri « comptoir ».
Ntivyatevye, umuporisi yari ngaho aramwegera. Atangura kumubaza utubazo tumwetumwe, umengo aratangaye, nk’uko yoba yanabishimye. Olivier na we aramwugurukira aramuyagira. Ati: « Aka mpetse ni agakobwa kamwe kanje kagira kane, na mukuru we w’imfura arazi kumuheka ; nta bikorwa vy’abahungu n’ivy’abakobwa ngaho. »
Harya ikiyago gisa n’ikiramye, umuporisi aramuhinduka. Ati : « Mbega harya urazi ko ibi wagize amategeko abihana? Uku ni ukurenga amategeko akingira imico. Aha wadusuzuguje, kandi noguhana. »
Uri uwundi atangura kubaza amategeko yarenze neza na neza. Ati: « Ingingo narenze ni iyahe? Ivuga iki ? »
Vyahavuye bibamwo intureka, baraharira. Abari aho, bamwe bati : « Uwo mugabo ni intwari, natwe twomwigirako .» Abandi bati : « Ishwi da! Nta guheka umwana uri umuntu w’umugabo. Nyamba yariye imiti . »
Wa mu porisi asa n’uwutera ubwoba Olivier ko yomuraza mu gasho, na we abihakana amubaza itegeko yarenze. Ariko Olivier amaze kubona ko abana n’umupfasoni wiwe bagize ubwoba, ahitamwo kubihagarika, ndetse aca afata ingingo yo gutahana umuryango wiwe.
« Ubugabo si urucumu »
Uwundi mugabo yubatse afise umwana, yarakengurutse ubutwari bwa Olivier. Akamushima, ati : « Naragerageje guheka umwana birananira, mugabo sinashizwe ; n’ubu nkazoronka uwundi mwana nzogerageza, kugeza ndabishoboye. Urashobora kwibaza ukuntu inarugo arwara umugongo agahatirako, na yo umugabo akomeye nk’urutare ngo ntiyoheka !»
Uno wewe avuga ko bica bituma abana bahimbarwa n’abavyeyi bompi kurusha. Ikindi na co, na inarugo ngo abonye ubufasha bugeze hiyo, urukundo rurongerekana, urugo rugahimbara cane. Akanashika kure ati : « Ndakurahiye no ku buriri usanga ari amarame. Niharambe Olivier. »
*Izina ryahinduwe
Oliver ni intwari y’umugabo. Kuba abagabo bamwe batabishigikira ni uko batabishoboye ntabwo bikengeretse canke bikengereza.
Nyabuna abagabo na twe dukwiye kumenya gukora vyose kuko abagore bo gukora ivyo abagabo bakora ntibikiri ikibazo.
Nukuri ni vyiza ariko biragoye pe
Urugo ni babiri.Olivier yerekanye ubutwari kandi ko kurera abana,kubaheka ataco bitwaye kuko ‘tibituma ubugabo bugenda ahubwo uwamugwanije yerekanye ubugaba bwiwe no kudaha agateka umupfsoni wiwe.
Ishwida! Guhka Umwana Urumugabo??Ntaho Vyakabay! Niyambar Ijipo Rero Cnk Imvutana!
Wapi, umwe wese n’akazi kiwe. Imana yaturemye dutandukanye nicogituma n’ibikorwa bitegerezwa gutandukana. Si non wohava ugiruti ndamufashe n’ugusam’inda?
Abagabo bakuze batahura ivyo barimwo nibo bintwari. Uwo arazi ko yavyaye shaa
Huuu!! Emw nabazomumpere n’ijipo aziyambarira!! Mumugongo kweri?? Oyaaaa
Olivier n’intwari kuko umwana n’uwababiri
N’abandi bamwigireko ni intwari.Umeng ni Olivier wanje muvuze nukur,ahubwo iryo zina ryarakunze pe!
Olivier nakomere gufashanya murugo birongereza urukundo mu muryango.Ntangazwa nabiyita ngo barize e mama ngo bari guharanira agatek ka zinamuntu mugihe mungo zabo gahonyangwa.Tujijuke tumenye ibikorwa nibidakorwa
Uyo Mugabo Aratahurako Umwana Agorana Kuronka Ntashaka Gufata Umwana Wiwenabi
Numushingantah Olivier kuko umwana nuwiw ntaco atomukorera ahubwo uwubibona na i ntamutima agira nayo uwo mupolisi wew yarakwiye guhanwa kuko yaramubihirije umugoroba yongera ata numwanya nimba atakazi yarafis akora
Egome cane uyo mugabo ni intwari atahura umugenzi wiwe akereka urukundo abiwe.Umwana s’uwumugore canke umugabo n’uwabose
Ivyo yakoze bikwiye kwigisha abandi ko gutana ibikorwa abagore ataribwo bugabo.. Vyose ni mu mutwe. Mu rugo ni ugufashanya tukibukako abagore Atari abayaya ahubwo ari abafasha bacuuu
ntakosa narimwe ririmwo ahubwo bituma umuryango(père,mère,enfants) babana murukundo numunezero.nimba mwihweza bariya batama bo kugatumba,muzosanga atagikorwa nakimwe badakorana nabafasha babo.umugabo arateka,arasya ,aracumba…rero vyose numwumvikano.
umupolisi nawe,harigihe akanyota koba kari kamufashe aca agomba » gukamisha amata mumatako yigihori(criquet) »
Ukwo ni ukugumuka ntabugabo buri ngaho nikwo guta akaranga Kandi utaye akaranga kigihugu uba utaye akabanda
Quoi d’anormal? Naje naraheka mon bébé ndamusinziriza la maman ARI kukazi ata mu bonne dufise. L’enfant muko asinzira yabanza mumugongo. Udahetse umwana wawe woheka uwande? C’est super.
Wow nivyigiciro canke
Umwana avyagwa nabantu babiri
Aregwa nabantu babiri.Ntakibi cutuheka umwana wawe .Ahubwo uwo Olivier yagiz neza kwereka abantu kwazi Kandi ashoboye guheka umwana .Uwo mu polic naw Kari kamunaniye atinda akinjira vie privee yumuntu.ko umwana yari uwa Olivier,agahekwa kumugongo wa Olivier,uwo mupolisi yarababajw Niki.
Biragoye kweli
Ah! Siw!!!! Iswingi Ryariryabay Ryinshi Mukabar?
Ekada!!! Umuryango Numuhagurukir Ataraheka Inabukwenaw.
Olivier yerekanye ubutwari afitiye umuryango wiwe, ninkuko mushobora kujana n’umugore wawe afise umwana ahetse Hama umugore akarwara muri kunzira uri umugabo akunda umufasha wiwe uramwakira umwana ukamushira mumugongo Hama mukabandanya.
Muga abagabo bishobora bake
Abantu nabotahurana