Inyuma y’aho patiri mukuru wa paruwase Ngozi afatiye ingingo igiye kugenga ibijanye n’inyambaro ibereye mu rusengero arongoye, Painette Niyongere yagize ico yishura ku gisomwa caciye hano kuri Yaga kinegura iyo ngingo.
Imico
Burundi : abantu bakora urubanza rwo kuganduka kabiri babikura kuki ?
Mu Burundi, bisigaye bimenyerewe ko iyo hagize uwitaba Imana, bamugandukako incuro kabiri, bivanye n’uko yari afise incuti zisabagiye irya n’ino mu ntara zitandukanye. Ivyo bisigura iki none? Ababikora baba bagamije iki? Nimpagaritse Patrick arabituyagira.
« Amasaha y’Abarundi » : ahubwo tuyite « amasaha y’ububegito »
Mu Burundi, iyo ufise isango n’umuntu, mukavugana igihe muhurirako, agacerwa, aca yitwaza ngo « ni amasaha y’Abarundi. » Ingabire Landry ati : « ayo masaha ntabaho, ni icitwazo c’ububegito. »
Ni kuki kizira ko umwigeme avuza ingoma ?
Mu mico y’Abarundi, kirazira kikaziririzwa ko umwigeme avuza ingoma. Mbega vyoba bituruka ku karenganyo kagirirwa abana b’abigeme mu guha ububasha burenze abahungu ? Egide Nikiza aratuyagira ivyo yatohoje kuri iyo nyifato.