article comment count is: 4

[Kwishura] : “Eka da! Nta rurimi rw’Ikirundi mu nyigisho”

Inyuma y’igisomwa casohotse mu rukurikirane rw’ibisomwa uru rubuga rwise #UrwegoNshingwakirundi, rukaba rwasaba ishirwaho ry’urwego ruhagararira ururimi rwacu, gisaba ko Ikirundi conagurwa canecane mu mashure; umwanditsi Egide Nikiza abona ko bishoboka, ariko bidasigura ko Ikirundi gica gicika ururimi rwokoreshwa mu nyigisho. Arabisigura.

Ubwa mbere, n’ubwo Ikirundi ari ururimi Abarundi bose bahurirako, ni ngombwa ko twokwibuka ko abantu baruvuga, haba mu Burundi canke hanze, bakiri imparurwa ugereranije n’abantu bari kw’isi yose. Mu barenga imiliyaridi indwi z’abantu bari kw’isi, abashobora kuvuga ikirundi ni . Aba na bo bakaba bari mu karere Uburundi busanzwe burimwo, mu bihugu bibanyi nk’Urwanda, Tanzaniya, Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo hamwe n’igihugu c’Ubuganda. 

Ubugira kabiri, ibihugu bitunganya inyigisho mu ndimi zavyo, ni ibihugu rutura mu butunzi kw’isi, kandi indimi zavyo zisanzwe zivugwa n’abantu benshi kw’isi. Ku bw’ivyo, izo ndimi ni zo ziheza zigakoreshwa mu mashirahamwe mpuzamakungu no mu budandaji. Izo ndimi ahanini ni Icongereza, Igifaransa, Icarabu, Ikirusiya, n’Igishinwa. Bikumvikana ko Ikirundi kikiri kure y’izo ndimi ku ngero nyinshi.

Si ururimi mpuzamakungu ! 

Ni vyo, uguhindura inyigisho mu Kirundi, vyotuma abarezi n’abarerwa boroherwa, ndetse n’umwimbu mu mashure ukongerekana. Ariko rero, ikibazo kihaguma ni ic’ukugene Abarundi boba bariko biga boheza bakifata hageze ko bahiganwa n’abandi ku rwego mpuzamakungu, mu gihe inguvu nyinshi mu nyigisho zoba zashizwe ku rurimi rw’Ikirundi.  

Bitayeko, ryashaka ko inyigisho zitangwa mu Kirundi n’ukugene ritakiriwe neza, si ivyofatwa minenerwe na mba. N’ubwo bitazwi n’Abarundi benshi, indinganizo yo kwigisha mu Kirundi, itahejeje ngo ikurikizwe, yamaze imyaka myinshi, kuko yagiye gufutwa burundu mu mwaka w’i 1992. Ariko murabona ko amaherezo vyateye bisubira inyuma.

Izindi ntambamyi  

Ko Ikirundi gitezwa imbere, Abarundi twese tukakivuga neza kandi co kimwe mu gihugu cose, ni nkenerwa. Kandi urwo rwego nshingwakirundi rurakenewe; kukaba nkakwo, ni rwo ruzoheza rugafasha gushiraho amajambo mashasha nk’uko agenda arakenerwa bivanye n’iterambere y’ubuhinga. 

Ariko, kuvuga ko arico cokoreshwa no mu nyigisho, no mu vyerekeye inyigisho z’ubuhinga, ku bwanje nta co vyomarira igihugu. N’ivyari bisanzwe bihuha mu vyerekeye kuvuga indimi mpuzamakungu vyoca bihuhuka. Ndashigikiye cane y’uko Ikirundi gitezwa imbere, ariko, kuvuga ko coba ururimi rukoreshwa mu nyigisho, no muri za kaminuza harimwo,  kwoba ari ukwihenda cane ; ntaco vyodufasha. Ntidufise ico vyinshi mu bihugu vyigisha mu ndimi zavyo bifise. 

Uburundi buri mu bihugu vya nyuma bikenye kw’isi, ururimi rwacu ruvugwa n’abantu bake cane. Ikindi congeyeko, n’ubuhinga Abarundi bo mu bisata bitandukanye bakoresha mu vyo bakora, babwigira mu makungu, muri izo ndimi mpuzamakungu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Rene* ni vyiza ko higishwa indimi mpuzamakungu mu mashure ariko nibaza ko Ivyogira akamaro kurusha aruko inyigisho zotangwa mu rurimu rw’ikirundi. Kubwanje dutakaza vyinshi mu kuba abanyeshure muri rusangi biga ivyigwa mu rurimi rukibagora, ni nkaho inguvu nyinshi zishirwa mu kumenya ururimi kurusha kumenya ivyigwa vyigishwa.

    Ivyo bituma ata vyinshi abanyeshure baheza ngo bashikeko hama bigaheza bikabuza umwimbu mu bisata vyose arinavyo bituma igihugu kiguma gikenye. Nibaza ko ari nimwe mu mpamvu zituma ibihugu vya Africa muri rusanga vyamana iyo ngorane kuko bigikoresha indimi mvamahanga kuko bibera intambanyi abigisha n’abanyeshure. Ibihugu vyo muri Aziya vyi vyatahuye cane ivyo kuturusha: akarorero keza twotanga ni nka Koreya y’epfo, ubushinwa, nibindi bihugu aho usanga inyuma ibi bihugu vyakomeje gukoresha indimi zavyo bigatuma bikomeza gutera imbere bikanaduza ubutunzi uyu musi bikaba biriko biraja muri vya bihugu rutura.

    Mu ncamake mbona ko impamvu nyamukuru dufise yo kudakoresha ikirundi ahanini ari imvo zo gutinya imfashanyo zihabwa igihugu cacu kubera izo ndimi. Ariko nizera cane ko umwimbu twokura mu gukoresha ikirundi cacu mu ndero woba mwinshi kurusha izo mfashanyo. Kubwanje nibaza k indimi mpuzamakungu zokwigishwa ku ruhande ariko ururimi nyamukuru mu ndero rukaba ikirundi.

    Murakoze!

    1. Ndagishigikiye kuko ivyobihugu vyitwa ko biteye imbere bituronderako ubutare mugihe bosanga murudandazwa basanze dukoresha ikirundi nabo bociga bakakimenya kurya dushiramwo inguvu mukwiga indimi zabo.

  2. jewe gusa sinshima ingene umwana w’umurundi yovuka avuga i gifaransa, yavukiye agakurira m’Uburundi. Ni akamaramaza, ubukoloni,…uko biri kwose twokunda ururimi gwacu hanyuma tukazokwiga indimi z’amahanga.