article comment count is: 1

Isuku mu gisagara ca Bujumbura : turi « abana babi »

Ukugendera ku nkengera z’imiserege ya hano mu gisagara, ni nk’inzira y’umusaraba ; kubera umunuko uturutse kw’isuku rike urangwa muri iyo miserege. Umwe wese mu bahabaye, yaba umutware canke umutwarwa, abifisemwo uruhara. Muti gute ?

Maze imisi mparaye kuzindukira mw’ikarashishi. Muri iyo myanya myiza, ndaharonkera akaryo ko kugendera cane ku nkengera z’amabarabara ya hano mus gisagara ca Bujumbura, iruhande y’imiserege. Kuva ku musi wa mbere ntangura iyo myimenyerezo, hari ikintu kidasanzwe kidahengeshanya kugwa mu maso yanje, maze umusi ugahera kiguma kigaruka mu bwenge bwanje ; isuku muri kino gisagara. 

Igihe cose ndi ku nkombe z’imiserege, ndahahagaze, ntambuka canke nirukanga, ndababazwa cane n’umunuko urangwa muri ivyo bibanza. Kandi ga, ivyo biri uko mu gisagara cose, uhereye mu buraruko ukageza mu bumanuko, mu buseruko gushika mu burengero, uciye hagati mu gisagara. 

Buri gitondo, umurango n’umugoroba, nkomeza kwibaza nti : mbega Mana twacumuye iki, kugira igisagara tubayemwo kibe gisa uku ? Intambuko ku yindi, ndunama nkaraba mu muserege, nunamuka nkaraba ubwiza bw’inzu ziri iruhande ya wo, nkumva mu mutima umengo ndacumiswe. Nkitonganya nti : aha ni ho tuba, canke ndiko ndarota ? Ibi biva kuki ?

Indero mbi ?

Indero iri kune ikaba gutanu. Hari iyitangirwa mu mashure, hakaba iyitangirwa ha ziko mu muryango, hakaba rero n’iyihabwa ikabano (« société » mu gifaransa), itanzwe n’indongozi. Iyo ya nyuma ni yo ngira ngarukeko ; naho nyene ubwo bwoko bwose bugira aho buhurira. 

Abasokuru bati : « umwana arezwe neza, asohora amaboko » ; ni ko. Numva umengo nta n’ikindi cotuma abantu bama bavyukira impande y’imiserege inuka ukuri hano, bakayica iruhande igitondo, umurango n’umugoroba, binjira basohoka, ariko imisi ikahaca, iyindi ikagenda, iyarara ari agahabwa muri uwo muserege. 

Tukivuze iyarara, ni igiki kindi, uretse ya ndero mbi nyene, cotuma umuntu, ata n’isoni na nkeya, arangiza kunywa amazi agata agacupa mu muserege, yarangiza gukoresha akamwanya, akagaterera mu muserege nyene. Hari mbere n’abasukayo ivyo bakubuye canke irindi yarara ryose rivuye mu dukorwa two mu nzu. Vyotumwa n’iki, atari indero nke ?

Hagat’aho, iyo miserege ijana amazi. Ano mazi aba yuzuye imyanda y’ubwoko butandukanye ; kugira simvuge nti bwose. Ayo mazi nyene, ahatari hake barimira irengarenga ku nkenegera z’amabarabara, ni yo bavomeza. Tugaheza tukazifungura, abato n’abakuru. Sinkekeranya ko mu kuzirya, umwe wese yibwira ati : « jewe sindiko nrya zirya za harya, izi kumbure zavuye ahandi » ; nzobigarukako neza mu kindi gisomwa. 

Umwera uve i bukuru

Twaraye turonse indongozi nshasha muri kino gisagara : umukuru w’igisagara, ba musitanteri b’amakomine n’abahanuzi babo, n’abandi. Nta bandi bo gutanga iyo ndero ibuze, atari abo nyene. Iciyumviro c’ibikorwa rusangi vya buri wa gatandatu, kiboneka nk’aho cananiwe gushika ku ntumbero cari kizananye. Imvo ni nyinshi. 

Bigaragara ko isuku ry’aho tubaye atari umwitwarariko wa twese Abanyagisagara, mbe ndaretse kuvuga ko vyonaba mu mico yacu. Nimba ari uko rero, ingingo n’igikorwa vy’indongozi, ni vyo vyo kuhadukura ; « nta bundi buhinga », akavuze wa wundi. 

Ukugira isuku, umwe wese imbere y’aho abaye canke akorera, ni bishirweho nk’itegeko. Rishirwe mu ngiro, kandi rikurikiranwe. Nk’akarorero, imikwabu ku gakaye k’umuryango igasubirirwa n’imikwabu kw’isuku ry’aho tubaye. Si ku neza ya twese none ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)