article comment count is: 6

Kubandwa: ico babandirwa n’ukuntu vyagenda (igice ca kabiri)

Mu gisomwa giheruka, twarabonye ivyerekeye kubandwa, turamenya ibitari bike, ariko hari ivyo tutashoboye gushikako. Uno musi, reka turabire hamwe rero ukuntu babandwa, icatuma babandwa, ndetse n’ico ababanzwe canke abahinga babivugako. 

Nk’uko twabibonye, kubandwa vyarategurwa. Bahejeje kwiraba, Kiranga agafata icicaro, iruhande yiwe hari igihweba gikuru citwa “Rubambo”, bagatamba bagatarika, bagafungura bakanywa basubira. Imvyino ziryoheye amatwi, haba mu ngeromugere (rythme) canke amajambo azigize, zigasekera. Ikintu usanga gihambaye mu vyo bavuga, ni uguhayagiza ububasha bwa Kiranga, canke bo nyene bakinyamasuza (kwigira agahambaye), ugasanga bivuga ko bashoboye ibidasanzwe.

Uwubandwa aritura Kiranga avuga ati : “Warampaye musongoranyundo. Uracatanguranwa n’inkona ku rugomero, ukayitanga gushoka, ugakora ingwe mu jisho, ugatosora imamba… “ Ayo majambo yerekana ububasha budasanzwe, kuko nta muntu n’umwe yopfa agize ivyo bintu. 

“Imvovoto” ari yo “mborogoto”, imvugo bisangije

Uko baba bariko baravyina, baracishamwo bakayaga. Uretse ko hari ibirimwo gushirukanya, hari n’amajambo usanga agoje indangurakintu, kuko bafise uko bita ibi na biriya. Mu gutwenga canke mu kuramukanya bivugira ngo : “Hwayi ! Hwayi ! Hwayi !” 

Umwumbati bawita umujumati, gutamira ngo ni ugutagira, igitoke bacita igihunga, indagara bazita agahungamuyaga,… 

Patiri Ntabona akabisigura imvovoto ati : “Urwo rurimi rwagiye rurahanahanwa gutyo, bakarwisangiza. Ni amajambo bagiye barahanahana, gutyo n’ukuyungura bakayungura, kugira ngo berekane ko atari abasanzwe, kuko begamiye Kiraga.”

Amahasa, ikidasanzwe babandirwa cane

Ubiravye, babandirwa vyinshi cane : uwurwaye, uwabirwa, inka itunga, imirima, ukuroranirwa n’ibindi. Mugabo ikirengeye ivyo vyose ni mu gihe haba havutse amahasa, ku buryo n’inka yavyaye amahasa bayibandirwa. 

Umutohoji Ntabona akabisigura ati : “Havutse amahasa, bavuga ko ari Kiranga yihaye ububasha. Abo rero bavutse kuri Kiranga baca babatinya nk’uko batinya Imana bagatinya Kiranga. Baca babagirira imihango idanzwe.”

Igitangaje, ubushuri (abana bavutse ari batatu) ntibabubandirwa. Cassilde Inagakima yahoze abandwa asanzwe ari inababiri ati : “Ubushuri ntibabundirwa kubera ko bavuga ko uwo mwana agira gatatu aba yavyinye ayo mahasa.”

Mu kuvyina amahasa rero rwaba ari urubanza rudanzwe, kuko ngo incuti z’iyo miryango yompi (z’umugore n’umugabo) zaraza, ku buryo n’igisanira ngo citaba. Ku bwa Patiri Ntabona, ivyo ntibabigira kubera urukundo gusa, nyabuna harimwo n’ugutinya amahasa.

Baba kandi bazanye intama y’ishashi, ivuye iwabo w’umugore yabaye inababiri, i bugabo na ho bakanzana intagari. Ico cari ikimenyetso c’uko iyo miryango inywanye, ubona ko kandi intama ari ikimenyetso c’Imana mu kwemera kw’Abarundi.

Abo bana rero barabashira ku rutaro bakabajana mu mugezi bavyina bati :“Tuje kwoga amariba.” Umupfasoni Floride Nijimbere, yahoze abandwa ati : “Amahasa ntiyashobora gusohoka Kiranga atahashitse. Baca bajabuka umugezi, hagatangura abo kwa Sebabiri, hagakwirikira abo kwa Inababiri . Rwa rutaro baca barudahisha ya mazi, abavyaye amahasa bakayanywako ikigundu, imyino n’impundu zikabandanya.”

Adrien Ntabona, avugako ko “kwari ukugira ngo ayo mahasa aronke ububasha bw’Imana buri mu mazi.” 

Agasumo ka Mwaro, ikibanza kidanzwe ku babandwa

Umukamakare Mbondogotwe, yahoze aba Kiranga mu micungararo ya Gisozi na Gasumo ka Mwaro avuga ati : “Twahengera harya ijoro riri mu guca, tukagenda umwonga wose tukawuheza, tukabandwa, kuno twabanzwe i muhira, hanyuma Kiranga akikebanura, ibihweba vyiwe ngo nzoza maze gatanu, gatandatu ni ak’inera.”

Ivyo bavyita gushoka amariba, nk’uko Ntabona atanga umuco, akavuga ko agasumo ka Mwaro cari ikibanza Imana yiyerekaniramwo, abantu bakahabandirwa. Kira noneho, Abarundi bafata  ahantu hari amazi asuma (isumo), aza mu buryo budasanzwe, ko harimwo Imana. Mu zindi ntara baja ku myonga ubegereye (yuzuye cane).

Bagenda bajanye ibifungurwa n’ibinyobwa bagatanga nk’amashikanwa, imbandwa yitwa Barijane yarabidutomoreye ati : “Twazana ibifungurwa, umubira n’ibimazi bindi tukabiha Imana iri ngaha.”

Kubona rero basozerera ku mazi, ngo harimwo n’ubwenge kuko baba barushe baraye barabandwa, bagaca biyoga bakikurako ya ngwa biraba, bagaca basubira kwibera abantu basanzwe.

Basenga bisengera…

Ubiravye, kubandwa ni ugusenga koko. Basaba gukizwa ibigoye, gutunga bagatunganirwa, n’ibindi. Ntabona ati : “Kubandwa ntikwari ukurondera ubweranda. Abantu basenga mu buryo bugaragara buhuye n’ubuzima bwabo bwa misi yose.”

Atanga akarorero k’umuntu vyashika bakamubandirwa arwaye mu mutwe kubera akabonge agakira (kandi nta muti bamuha NDLR). Ngo baramuduza, bakamumanura, bakamutambira bamuvyinira bati : “Yaraye yenena, yirirwa yembemba, agorobeza yambamba. Ni umubandirwa nyakubandirwa, nyakugira inkoni nyakugira inkuyo, nyakugira ikibondo ku bibero. Wa muntu Yaraheza akiyumvamwo ubuzima bwari bwagiye.”

Ku bwiwe, ngo ubwo buryo n’uwobukoresha ubu vyofasha atarinze kuja mu vya kiranga, yovura abantu bagakira, kurusha n’ imiti duhora twumva bavuza abantu iyo barwaye mu mutwe. Kukaba nka ko, mu kubandwa nta muti wajamwo.

Bamwe mu bahoze babandwa, babaye abakirisu, babona ko bari bakwiye gufatanya gusenga kw’ubu no kubandwa. Umwe ngo cari ikintu ciza cane ataco conona.

Uwitwa Gaspard Nyamwana wo mu Bisoro wewe arayica umurya, akavuga ko kubandwa bitazopfa bivuyeho, ati : “Uwuzokwaruka tuhavuye, ntaze agire ngo Kiranga yaraciwe. Yaciwe ku wagiye mu kuzimu. Kiranga ari kw’isi. Kiranga afise abantu bazi iryo banga. Bagiye barisigarana abandi. Iryo banga rero ntirizotakara Imana idasituye isi kugira ngo ntihagire n’umwe asigara kw’isi. Imana yaremye Kiranga n’abantu.”

PS: Mukaba mufise ibibazo vyerekeye kubandwa canke intererano, ntimwitinye ; bitubwire.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Nakunze cane iki gisomwa mwanditse, kidusobanurira ku kintu tutigishijwe neza kw’ishure. Murashobora kutugirira video ibivuga neza kugira bishikire cane cane urwaruka ? Abenshi bafise ubunebwe bwo gusoma ibisomwa nk’ibi.

  2. Iki gisomwa cakabiri hamwe nicambere birerekana neza indangurakintu,imvo nimvano yo kubandwa kandi bikagaragaza ko wari umugirwa mwiza udahumanye.kubwanje uwo mugenzo wogaruka ariko tukawufatanya n ugusenga kwubu.ndabona ko kubandwa vyakiza umutima(traitement psychologique) nkuko gusenga kwubu hambavu yo gukiza umutima biteza intambwe y Ubweranda.muradutohoreze guterekera naho nimba mutaravyandika