Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana icatumye bitituka n’icokorwa ngo […]
Imico
Kuki abigeme b’aho hambere bababuza gupfuka amabere ?
Nk’uko tubibonera ku mafoto, kera abigeme baguma bigira mu bikorwa vya misi yose ata kintu na kimwe gipfutse amabere yabo. Bagaca imbere y’abavyeyi, ababanyi, incuti n’abagenzi ataco binona. Ivyo abigeme ba kino gihe batokwubahuka. Umuntu yoshoka yibaza ko kwari ukubura […]
Kubandwa : ibintu twomenya kuri iryo banga (igice ca mbere)
Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku […]
Kubandwa: ico babandirwa n’ukuntu vyagenda (igice ca kabiri)
Mu gisomwa giheruka, twarabonye ivyerekeye kubandwa, turamenya ibitari bike, ariko hari ivyo tutashoboye gushikako. Uno musi, reka turabire hamwe rero ukuntu babandwa, icatuma babandwa, ndetse n’ico ababanzwe canke abahinga babivugako.
[Kwishura] : “Eka da! Nta rurimi rw’Ikirundi mu nyigisho”
Inyuma y’igisomwa casohotse mu rukurikirane rw’ibisomwa uru rubuga rwise #UrwegoNshingwakirundi, rukaba rwasaba ishirwaho ry’urwego ruhagararira ururimi rwacu, gisaba ko Ikirundi conagurwa canecane mu mashure; umwanditsi Egide Nikiza abona ko bishoboka, ariko bidasigura ko Ikirundi gica gicika ururimi rwokoreshwa mu nyigisho. […]
Nankana umwigeme yipangiye inzu aba ashaka kuja mu buhumbu ?
Hari ibihugu vyinshi, umwana ashikanye imyaka 18 aca afatwa nk’uwukuze, maze akava mu nzu y’abavyeyi, akaja kwimenya. Ariko hano i wacu si uko biri. Uretse ko ari bake babishoboye, n’ababikoze ntibabonwa kumwe. Umuhungu yipangiye inzu abonwa nk’umuhizi, mu gihe umukobwa […]
Isuku mu gisagara ca Bujumbura : turi « abana babi »
Ukugendera ku nkengera z’imiserege ya hano mu gisagara, ni nk’inzira y’umusaraba ; kubera umunuko uturutse kw’isuku rike urangwa muri iyo miserege. Umwe wese mu bahabaye, yaba umutware canke umutwarwa, abifisemwo uruhara. Muti gute ?
Kunonora abantu biciye mu kubakanda: uko nabiziga siko nabisanze
Hariho imyuga usanga abayikora batabonwa ibisanzwe, nk’abandi banyamyuga bose. Mur’iyo, hari ukunonora abantu biciye mu kubakanda, mu mazu yabigenewe. Ni umwuga utunga neza abawukora ; naho nyene hari abawutukisha.
Uno mugabo yigisha muri kaminuza yazize uguheka umwana wiwe
Mu Burundi, imico n’imigenzo bisa nk’aho bicegurira ibikorwa vyo mu rugo ku gatwe k’umukenyezi wenyene. Akenshi, iyo umugabo ashatse gufasha umutambukanyi wiwe, hari abamubona nabi; bamwe ngo «aratituye umuco», abandi ngo «ng’uwo uwariye jondama». Uno mugabo yigisha muri kaminuza, mu […]