Abahaciye bahazi nk’ahantu “heranda”, “ahantu h’ubuntu, hari abantu b’ubuntu, ikirimba c’ubumenyi n’ubushakashatsi”. Ariko uwo mwidondoro ntukibereye kuko, hari ibintu biriko birahatosekaza. Ubu hoho vyarenze ihaniro. Ata gikozwe birayangara.
Imico
Sobanukirwa insiguro y’amazina y’amezi mu kirundi
Biratangaje ukuntu usanga Abarundi bari bazi ibihe, buri kwezi bakamenya ikiramukiwe gukorwa. Usanga bamenya umurimo uramukiwe kandi batavyumvikanye. N’ukubona baramenya ukwezi bagezemwo, vyari bitangaje cane. Reka Patiri Yohani Batisita Ntahokaja, umwigisha muri kaminuza atuyagire ivy’amezi nk’uko tubisanga mu gitabo ciwe […]
Ingendo zine dukwiye gusezera kugira habe ugushigikirana gushitse
Ku wa gatanu uheze igenekerezo rya 6 Nyandagaro, Uburundi bwarahimbaje, ku ncuro ya kane, umusi wahariwe ugushigikirana mu Burundi. Mu gihe ugushigikirana kwategerezwa kuba ukwa misi yose, uyu mwanditsi we asanga hari ingendo zine ziriko ziratitura uwo muco mwiza wamye […]
Inyuma y’imyaka 44, abahoze bitwa abagererwa baraciruhutsa
Kuwa 30 ruheshi 1977, ni ho Reta y’Uburundi yasohora itegeko rifuta ubugererwa. Abari abagererwa ico gihe bariruhukije. Baratubwira ubugererwa ico ari co n’ukuntu bari bayeho. Umugererwa yafatwa neza canke nabi bivanye na shebuja.
Ruguru ni ho bagitaha ubukwe, mu gisagara barayeyemvya
Mu gisagara, kugira habe urubanza rw’ubugeni hategerezwa kuba inzoga nyinshi za Brarudi, ikibanza kiberamwo urubanza kigakotwa, amajambo arambira, abantu bakagira inyota n’inzara, urubanza rukabera kure bikagorana gutaha, n’ibindi. Hagati mu gihugu hoho si uko. Mu buryo buba buhari, urubanza ruba […]
Kuramukanya : umuco w’ubuntu ugira uzimangane
Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana icatumye bitituka n’icokorwa ngo […]
Kuki abigeme b’aho hambere bababuza gupfuka amabere ?
Nk’uko tubibonera ku mafoto, kera abigeme baguma bigira mu bikorwa vya misi yose ata kintu na kimwe gipfutse amabere yabo. Bagaca imbere y’abavyeyi, ababanyi, incuti n’abagenzi ataco binona. Ivyo abigeme ba kino gihe batokwubahuka. Umuntu yoshoka yibaza ko kwari ukubura […]
Kubandwa : ibintu twomenya kuri iryo banga (igice ca mbere)
Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku […]
Kubandwa: ico babandirwa n’ukuntu vyagenda (igice ca kabiri)
Mu gisomwa giheruka, twarabonye ivyerekeye kubandwa, turamenya ibitari bike, ariko hari ivyo tutashoboye gushikako. Uno musi, reka turabire hamwe rero ukuntu babandwa, icatuma babandwa, ndetse n’ico ababanzwe canke abahinga babivugako.