Biramenyerewe mu miryango myinshi, mu bisagara bitandukanye vy’Uburundi. Ni igikorwa ciza, kijanye n’imico n’akaranga ndundi. Yamara, ico ciza ntigihurizwako na bose. Hari imiryango gicanishamwo, igahakwa no gusambuka. Umuntu yovyifatamwo gute none?
Salvator* na Nadine* bamaze imyaka cumi n’ibiri bubakanye. Bafise abana batatu hamwe n’uwundi bareze asanzwe avukana na Nadine. Abo bana bose bafashwe neza. Mu mwaka uheze, nyina wa Salvator yaragize isanganya aravunika; biba ngombwa ko bamumanukana kumuvuza i Bujumbura, bakanamwiyegereza ngo ntasubire ruguru kuko atakibasha.
Mu misi ya mbere bamufata neza, bakamwoza, bakamusiga, bakamwambika neza. Eka bakamugirira vyose. Ariko, Salvator yapfuye gukura ikirenge aja hanze y’Uburundi, umutamakazi asigara abayeho nabi, abura gupfa n’ugukira. Nadine ntiyari akimwitaho. Salvator abimenye yaciye agaruka, nyina abona gutora agahengwe. Ariko urukundo rwa be na Nadine rwarahatosekariye cane.
Iciza kidahurizwako
Umusi umwe, twariko tuganira n’abagenzi, nca nzana ico kiyago tuba turagiteramirako. Umwe muri twebwe, Claver * ati : “Nta muntu n’umwe tuzotunga. Uwuzodukenera tuzomufashiriza iyo azoba asanzwe ari. Gutyo turere abana bacu gusa, urukundo rwacu rugumane akanovera.” Na Bosco* ntiyagiye kure yiwe, mbere we yayiciye umurya ati: ˝Jewe ntareheje uwivukana, nzoresha umuhererezi. Bisigura ko nzoresha uwutagira barumunawe. Bose boca baza kuba iwanje, bakangoza vyinshi, ubutunzi bwanje bukahahonera, tukagwa mu bukene; ubwo nabwo ni umwansi w’urukundo.˝
Ivyo bintu vyama vyacanishijemwo imiryango. Ukumva ahanaka ngo umugore n’umugabo barwanye bapfa uwo bahaye indaro. Umwe mu bubakanye atakimushaka, amubeshera ko asigaye akora ibi canke biriya. Umwigeme wewe ntapfa yemereye uwo bavukana kuza kuba iwe, kuko atinya ko yohava amwiba umugabo. Ivyo vyose bikagera n’igihe bitandukanya abantu bahora bakundana.
Ibigiye inama…
Imiryango icanyemwo biturutse ku kintu nk’ico, nta rukundo ruba rwayiranga. Mu bisanzwe, amikoro y’umuryango, abubakanye baba bayazi bose. Ari ivyo bashoboye gukora bose, baba babona ko babishoboye, ivyo badashoboye navyo bakavyihoza. Bakundana vy’ukuri, n’ivyo babona vyohava bibateranya, barabivugana, hanyuma bakazitira bataronerwa. Maze bagaha indaro umuntu bishoboka, kuko aba ari uwabo bose.
Sokuru ati: “urukwavu rurakura rukonka umwana”; bisigura ko umuvyeyi akurera ukiri muto, akitega ko nawe uzomurera amaze gushora imvi. Biri mu mico n’imigenzo yacu, nk’Abarundi. Ngo: “Umuntu adahaye indaro umuvyeyi yamwibarutse yoyiha nde wundi ?”
Na ntaryo, ikiganiro hagati ya bene gutanga indaro nico conyene gishobora gukinga ukutumvikana, bakaja inama n’ingingo. Bakaraba ikibereye, ico bahurijeko bakagikorera hamwe gutyo. Na kare ngo “umutezi w’ubureza arabwibanza.”
*: bahinduriwe amazina
Nshigikiye ko uwo ariwe wese yaba n’umuvyeyi umufashiriza aho ari. Uramwubakira inzu ukamuha n’abamufasha udukora twa minsi yose ariko ntaza kuba umuzigo w’umafasha wawe n’abana banyu.
Ikiganiro ciza cane kandi kidufasha natwe kwiyumvira ivyiza vyakazoza
Ico muvuze n’ukuri. ABabubakanye bapfuye uwo bahaye indaro nta rukundo rw’ukuri ruba rwarabaranga. Jewe narezwe n’abavyeyi banje, na ba Mamawacu. Igihe uwanyuma yasohoka vyasa nkuko ar’umwana wo mu rugo asohoste. Ico ndi uno musi ndagikesha abavyeyi banje na ba Mamawacu (sinzi neza kw’ar’uko vyandikwa). Ndabashimiye ko mwitaho imice itandukanye y’ubuzima bw’Abarundi mu nyandiko zanyu.
Menya neza mureke kwitiranya amata n’inzoga. Bavugako umuvyeyi ko arimana yakabiri ninacogituma iyo ageze muzabukuru uramwiyegereza impande yahuba ukamubungabunga nakare ntagikorwa woba ugira umukorere gusumvya ico yagukoreye gushika usohoke.
Umuntu Yokora Ineza Kuko Atazi Ejohiw Natw Ahaturi Harabandi.
ivyo muvuze nivye merci