Uno mwanditsi ati: “Karashize ingani, dutere intemere aho tutateye isuka!” Aho ariko atera ivyatsi ukugene Abarundi isinzi basidukanye n’iyonka kwakirana urweze Francine Niyonsaba n’intsinzi yiwe, kandi ata misi ibiri iheze tubonye ibindi. Na Niyonsaba ubwiwe igihe yasaba gushigikirwa, “n’ababijejwe twabonye basa n’abigira ba sindabibazwa.”
Barundi, uburyarya bwarigize abantu bubana natwe ? Si agaseseshwarumuri, umunezero waranze Abarundi bakirana urweze intsinzi y’umunonotsikazi Niyonsaba Francine ni akaroruhore. Kandi nta gitangaza kirimwo, nta wutobishima, uwo mwigeme ni intwari. Mbonye amahiganwa yatsinze mu mwanya muto n’iyo vyavuye, ubwira yeretse isi yose bikarangira adugije ibendera ry’igihugu canyibarutse, narumvise ikigumbagumba c’umunezero. Kubona uno musi yakiriwe kurya rero vyari bihimbaye cane kandi bikwiriye.
Vyari bibereye kuraba, biba biryoshe canecane kw’isanamu, kubona ingene Abarundi mu butandukane bwabo indiri, uri ubwa politike, ubwoko, amashengero, ikibano, ibitsina, urunganwe n’ibindi, baburengera bwose, bagahuriza kw’isanamu imwe: Niyonsaba Francine. Ariko naho biri uko, ni wa mwonga utabura isato.
Igihugu kimwe, isanamu zibiri
Mu kiringo c’imisi itatu gusa, Abarundi twerekanye isanamu zibiri zitandukanye. Imwe idutera iteka, iyindi ikatwambura agashambara. Umve! Uko umugwi nserukiragihugu muri Volley ball wakiriwe uvuye i Kigali, ntivyari bihimbaye na gato. Eka ntivyerekana n’isanamu nziza ku gihugu.
Hagati aho, imyiteguro y’ukwakirana igishika cinshi umunonotsikazi Niyonsaba Francine, ku bw’intsinzi zitandukanye aheruka kwegeranya iyo yahora mu mahanga, irabandanya. Ariko ntitwokwibagira ko imbere y’uko afata urugendo yitabira ayo mahiganwa, imyidogo yari injojo, akagira umwikomo w’ukugene ababijejwe batamwitaho muri ayo mahiganwa aba arimwo; ati: “twama twasemereye ahari ingorane, iyo ababijejwe bamwebamwe badahaye ikibanza n’iteka umunonotsi akwiriye. Turarira amarira atagira uko angana nk’abanonotsi, tutagira uwo turirira. Urwaruka rurafise impano, ariko rurakeneye gufatwa mu mugongo.” Hari kuwa mbere Nyakanga 2021, aho yariko ashima amajambo Umukuru w’igihugu yari yavuze.
Muri ca kiringo c’imisi itatu gusa nyene, ng’uwo Niyonsaba Francine aratashe ava mu mahanga, abategetsi bamwebamwe bikoze ku bubasha n’ubushobozi bafise, barahunguruye isinzi ry’abantu kumwakirana akanyamuneza. Muri ico gihe nyene, ba bakinyikazi ba Volley ball, bagize gutaha batsinzwe, bashikira kurara mu mbeho yo ku kibuga c’indege kubera babuze uwubarihira igipimo ca Koronavirisi, ibihumbi mirongo itandatu vy’amarundi gusa ku mukinyi.
Ewe gutera intemere aho utateye isuka !
Biragahera! Twari dukwiye kumaramazwa n’ukwakira uwo tutaherekeje. Simvuze kumwoma inyuma no ku kibuga c’indege ngo ba! Oya. Mvuga kumushigikira nk’uko bibereye, ntabe nk’uwutamba yirorera, yatsindwa tukamutera intege, yatsinda tukanezererwa hamwe.
Ariko, nimba bizokwama uko, aho uwuronse akaryo ko gusayangana mu mahanga adashigikirwa, muga uwutahukanye umudari akakirizwa yompi na bose, numva duteye isoni. Kandi twese, muri bwa butandukane bwacu, ivyo biraturaba; na canecane inzego zijejwe inkino mu gihugu. Ni zikubite agashi.
Ni harambe Fara n’ukwitanga kwiwe, abakinyikazi ba Volley ball bihangane, uburongozi bw’inkino bwikubite agashi, maze Uburundi bwacu buhore burashinga icumu mu mashinga.