Uburundi bwarabayemwo indyane nyinshi muri kahise. Ivyo bikaba vyaragize ingaruka nyishi kandi, n’ubu zicibonekeza. Abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo ako kabi ntigasubire, kuko gasiga igihugu mu kajembegete. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke ruravuga icokorwa muri iyo ntumbero.
Indyane zabaye zarasize ibikomere ku mitima y’abantu batari bake, mbere hari nahatari hake zicibonekeza mu kibano. Izo nyene zikabandanya zikora ku batwarwa, na canecane urwaruka. Egide Manirambona, umwe mu rwaruka rwo ku mutumba wa Ndava, agira ati: «Naho ata masasu akivuga, indyane ziracibonekeza mu mpisho! Ukaza wumva ngo ubu si bimwe vya kera sha ! Murasubira muvuge. »
Niyokwizera Emery na we igira ati : « Indyane zarahabaye kandi n’ubu ziracariho, na canecane zifatira ku moko. Aho wumva hari abivugira ngo mwana abo mu bwoko ubu ni babi, ni bo batunyaze amatongo yacu.»
Iradukunda Irène wewe avuga ko bagwa mu vyo batazi, kuko abavyeyi babuza umwana wabo gushingira n’uwo badasangiye ubwoko. Ivyo ngo birababaza urwaruka kubera bababuza kwubakana n’abo baba bishimaniye.
Mu ntwaro barakebura
Edmond Sibomana umuhanuzi mukuru ntayegayezwa muri iyo komine, aremeza ko komine ya Buganda, Buganda yaciweko n’ibihe bibi Uburundi bwabayemwo.
Avuga ati : « Indyane zo muri kahise ziracibonekeza, aho usanga mbere zitera n’amati mu kibano. Akenshi ayibonekeza ni ay’amatongo. Urwaruka rero rurajuragirika ugasanga ruriko rugwa mu vyo rutazi. Mbere akenshi usanga rutamenya imvo n’imvano y’ayo matati. Ariko ivy’amoko n’imigambwe biriko birahera naho ata vyama vyera ngo de! »
Iyo ndongozi nyene igashima ko hashinzwe umugwi CVR uriko uragerageza kunywanisha abarundi.
Bishakira kunywana
Kugira amabi yashikiye Uburundi ntasubire, aho abavuka gihugu basubiranamwo bakaryana bavukana, urwaruka rwemeza ko rukwiye gukomeza umwumvikano hagati yarwo.
Urwaruka kandi ngo rukwiye gutsimbataza amahoro n’umutekano aho mu kibano. Umwe muri urwo rwruka avuga ko bakwiye kwigishanya uko bokwifata mu gihe cose habonetse indyane aho babaye. Gaudence Nijimbere asaba urwaruka kutisuka mu vya kahise kuko rutakazi maze rwige ingene rwohuza inama n’ingingo kugira rushike kw’iterambere rirama
Edmond Sibomana, nk’indongazi yo muri komine Buganda, asaba urwaruka kwirinda inyigisho mbi z ’abavyeyi canke z’abanyamigambwe. Ku bwiwe, ngo ni zo nkomoko z’indyane,mu gihe hariho abashaka kubakoresha ku nyungu zabo.
Nta nkeka rero ko urwaruka nirwafata intumbero yo kunywana ruzoshika kw’iterambere rirama, kandi rugafasha n’igihugu gukinga za ndyane. Aho ngo n’abipfuza gusubiza mu ndyane igihugu c’amavukiro babure aho bamenera.
Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis Prevention in Burundi soutenu par IFA & GFFO et exécuté par WAR CHILD et AJEBUDI-YAGA