article comment count is: 1

Ibintu bitatu vyerekana ko ikibazo c’amoko kitarahera mu Barundi

Imyaka   miringo  ibiri  n’amezi  ane birigoroye amasezerano ya Arusha ateweko igikumu. Ntawobideha, kuva ico gihe, intambwe itari nto yaratewe. Ibibazo bimwebimwe  vyari bihanze igihugu vyaratorewe umuti, harimwo n’ic’amoko  cari kizingamitse Uburundi. None vy’ukuri ico kibazo coba caratorewe umuti ? Ntitwosya bwose. Hari  ibintu  bimwebimwe vyerekana ko Abarundi  batarashobora  kurengera  ivy’amako. Umwihwezo.

Hari ababona ko twoba twaranywanye, bakumva ko ico kibazo mu Burundi camaze gukemuka. Hakaba n’abandi babona ko hari intambwe nini dutegerezwa gutera. Ndetse wogasanga n’ibi tuvuga aha bishobora kuba atari vyo  yamara vyerekana ko hari intambwe itaraterwa  mu kunywana kw’amoko.  

Tugaruke ku bintu  bitatu  biba mu buzima  bwa  misi  yose  bigaragaza  ko ikibazo c’ubwoko kikizingamitse bamwebamwe mu gihugu cacu.  

1. Imigwi y’ubwoko bumwe mu mashure

Noba ndi jewe jenyene maze kubibona ? Ku mashure menshi, yaba ayisumbuye canke aya  kaminuza,  harabaho imigwi y’abagenzi. Kanatsinda, biragoye  ko abanyeshule bose bogendana. Usanga rero bariciyemwo imice bisunze uko bahuje ivyiyumviro. 

Ibiteye ikibazo, n’uko iyo migwi usanga, kenshi na kenshi, igizwe n’ubwoko bumwe. Usanga hari iligala (ni yo mvugo ikoreshwa kenshi) ryiganjemwo abo mu bwoko bw’abahutu. Ku rundi ruhande nyene ugasanga hari iryiganjemwo abatutsi. 

Ego ni vyo,  birashika ugasanga  hari umututsi asangiye umugwi n’abahutu canke umuhutu  agendana n’abatutsi. Iyo biri uko naho, hari igihe usanga hari abo bitagwa neza. Karori* aravyibuka neza. Muri kaminuza, afise umurwi w’abagenzi uvanze abahutu n’abatutsi. Yamara umusi umwe, yaguye mu gahundwe amenye ko hari bamwe mu banyeshure bigana bagereye umwe mu bagenzi biwe badasangiye ubwoko bamubaza igituma agendana na bo.

2. Ama karitye akibonwa nk’ay’ubwoko bumwe 

Mu misi iheze, hari igiteramo c’umuziki cabereye muri imwe mu ma komine yo mubaruruko bw’igisagara ca Bujumbura. Yohani* wo mu bumanuko bwa Bujumbra, ni umwe mubitavye ico kirori. Igitangaje ariko, uretse ko yemera ko adakunze gutemberera mu ma  karitye yo mu buraruko, mu kwitaba ico giteramo, yashimye kugenda  yitwaje ico kunywa. Ngo ntiyumva neza ko yogurira ikintu co kurya canke kunywa aho hantu hazwi nk’ahagwiriye abo badasangiye  ubwoko. 

Si we wenyene. Naho bimwe  vy’uko igisagara ca Bujumbura  cigeze kwigabura bifatiye ku moko bisa n’ivyaheze, n’ubu haracariho abantu batisanzura kugendera  mu duce tuzwi ko twiganjemwo ubwoko bumwe. Ikitavuzwe co ni ukuhaba.

3. No mu manza z’ubumwe biracagoye

Nimba mwitaba imanza zo gushingirana, nta nkeka ko mumaze ku bibona. Akenshi usanga abitavye imanza mwene izo baba basangiye ubwoko. Iyo ari mututsi yasavye mu batutsi nyene, urwo rubanza usanga abarurimwo benshi baba ari abatutsi. Ni co kimwe kandi no ku ruhande rw’abahutu. 

Ariko kandi ntawoca avuga muri rusangi ko ariko vyama bimeze. Hari imanza zitabwa n’abo mu moko bose  kandi bikagenda neza.  Ivyo bija  kumera nk’ibihinduka iyo ari abo mu bwoko butandukanye bagize ubwo bukwe. Iyo batomboye abavyeyi babo ntibavyivangemwo ngo banke ko bashingirana, urubanza  rwabo usanga rwitabwe n’ubwoko bwose. Ivyo biri uko mu gihe mu Burundi bw’aho hambere, imanza nk’izo zahuza amoko atandukanye nk’uko abatari bake barutse aho hambere bavyemeza. 

Ivyo ni bimwe mu bikigaragaza ko ikibazo c’ubwoko kitaratorerwa umuti burundu mu gihugu cacu, kandi si ivyo gusa. Haba mu kibano, mu ntwaro eka mbere no mu buzima bwose bw’igihugu, kunywanisha mu buryo bushitse Abarundi bose cari gikwiye kuba nk’umutwaro uraje ishinga bose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ndibaza cane kwivyo atarikwo bimeze kuko gushika iyi saha muburundi ntarubanza wojamwo ngubure abo mubundi bwoko, nivyo vyama ligala kuba harimwo umwe canke babiri badahuje ubwoko birerekana ko atavyubwoko baba bagiye kuvuga. Kandi nta equation ikenewe mu ma group canke mu manza n’amaquartie nikwo kuko ivyo nibintu bitodusamaza tworaba imbere. La question ethnique au Burundi ikunda kuzanwa na les politiciers pour ses intérêts reka rero twubahirize amategeko.