Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana icatumye bitituka n’icokorwa ngo […]
Imibano
Amarira y’icibutso c’Ubumwe bw’Abarundi kiri ku musozi wa Vugizo
Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira […]
Bavuze amabi ashingiye ku gitsina mu Burundi twokumva iki ?
Amabi ashingiye ku gitsina afatiye ku bintu vyagutse cane, haba mu ndangurakintu yayo, eka ndetse no mu vyo yerekeye. N’ibihugu bitandukanye, eka n’imico itandukanye, kimwe cose kiba gifise uko cita amabi afatiye ku gitsina. None mu Burundi ho tuyatahura gute ?
«Naranguye amabanga mpuzabitsina “bunyamaswa” none umugore ntakinyerekwa » : intahe
Amabanga y’abubatse ntiyama ari isoko rivomera ubumwe n’urukundo, na canecane iyo abayaranguye bavyifashemwo nabi. Divin*yabuze imbwa n’imbwebwe, akemeza ko icari kuzigama urukundo rwiwe na Carlene ari co caruhungabanije, kandi bimuvuyeko. Intahe.
Reka ibinini nkaburamubiri nimba utarwaye, ng’izi imfungurwa zongereza ubugabo
Tumaze imisi tuganira ku vyerekeye ibinini nkaburamubiri. Twasanze n’urwaruka ruvyihereza ku bwinshi mu ntumbero yo kwiyongerera inkomezi mu kurangura imibonano mpuzabitsina. Ariko abatohoji bo kuri kaminuza y’i Havard muri Reta zunze Ubumwe za Amerika basanze ivyo ari bibi, maze berekana […]
Kubura ubushobozi bwo kugira imibonano mpuzabitsina : indwara ikira
Amatohoza yerekana ko abagabo babiri kuri batanu mu bafise imyaka itarenga 40, bimaze gushika bikanka ko igitsina cabo kivyuka. Aho ni mu gihe benshi baba bibaza ko bishikira abafise imyaka yitereye gusa. Mu bisanzwe, ikibituma si imyaka gusa. Bifise imvo […]
Ibohero rikuru rya Mpimba: uko ubuzima bw’abanyororo butunganije ku musi ku musi
Ibohero rya Mpimba, ni ibohero rikuru mu gihugu cacu, dusangamwo abapfungwa bava mu mihingo itandukanye y’igihugu. Ivyo benshi batokwibaza, hariyo ubuzima nk’ubw’ahandi hose hari abidegemvya. Umwanditsi wa Yaga yegereye uwahora muri iryo bohero, maze aramwiganira uko bitunganijwe.
Amareresi y’urukozasoni: “Umwana wanje yayaravye akiri musi y’imyaka indwi”
Muri iki gihe c’uburuhuko, abavyeyi bazinduka baja ku mirimo, abana bakaguma i muhira. Bivanye n’aho bari canke abo basigarana, abo bana basigara barakora ibintu bitandukanye, n’ibitabereye bidasizwe inyuma; nk’ibi vyashikiye umwana wanje. Intahe.
Imibonano mpuzabitsina mu miyabaga : « ntimukaruce rutarama ! »
Muri iyi ndwi, twarabonye ukuntu usanga imiyabaga bazazanirwa ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina, ku buryo badaheza ngo bamenye uko bitwara mu buyabaga bwabo. Kubera ko benshi baba bakiri ku ntebe y’ishure, bakaba bagiye mu buruhuko, reka twifashishe igitabo kigenewe abanyeshure citwa […]