Ibituma abantu batangura kunywa inzoga zambiye ni vyinshi kandi biratandukanye bivanye n’umuntu. Ariko muri vyo hari ibibabaza gusumba ibindi. Nk’igihe usanga utabishaka ariko ukagodonzwa ku mvo zitakuvuyeko, birababaza cane nk’uko aba banyakayanza babitwiganiye.
Imibano
Ibintu bine twomenya imbere yo kuja mu bihugu vy’Abarabu
Tumaze imisi tuvyumva. Hari abarundi, na canecane abakenyezi n’abigeme barondera akazi, bijukiye kuja mu bihugu vy’abarabu, ari na bamwe twama twumva bagize ingorane ari yo bari. Narabaye muri kimwe muri ivyo bihugu kandi naraganiriye n’abatari bake babayo. Ng’ibi ivyo umuntu […]
Ntukarage imbuto y’urwanko n’inzigo umwana
Kuva Uburundi bwikukira, ntiburamara imyaka irenga cumi n’itanu ata ndyane bubayemwo. Imiryango myinshi yarahaburiye. None abavyeyi bobiyagira bate abana babo batabibonye mu buryo budakwega izindi ndyane ?
Ugutatura amatati i Buganda: ata rwaruka nta gishoboka
Indyane ntizigera zibura mu kibano. Iyo hageze kuzitorera umuti, akenshi biragorana kubera ko umwe wese usanga yikwegerako, bivanye n’umugwi arimwo. Hamwe n’urwaruka rwo muri komine Buganda tubirabire hamwe ikibereye gukorwa, gutyo abantu bame bazitira bataronerwa.
Gukinga amabi n’indyane : urwaruka rw’i Buganda rurasemerera
Uburundi bwarabayemwo indyane nyinshi muri kahise. Ivyo bikaba vyaragize ingaruka nyishi kandi, n’ubu zicibonekeza. Abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo ako kabi ntigasubire, kuko gasiga igihugu mu kajembegete. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke ruravuga icokorwa […]
Ng’iki icatumye ntaja gusanganira Francine Niyonsaba
Uno mwanditsi ati: “Karashize ingani, dutere intemere aho tutateye isuka!” Aho ariko atera ivyatsi ukugene Abarundi isinzi basidukanye n’iyonka kwakirana urweze Francine Niyonsaba n’intsinzi yiwe, kandi ata misi ibiri iheze tubonye ibindi. Na Niyonsaba ubwiwe igihe yasaba gushigikirwa, “n’ababijejwe twabonye […]
Ibintu bitatu vyerekana ko ikibazo c’amoko kitarahera mu Barundi
Imyaka miringo ibiri n’amezi ane birigoroye amasezerano ya Arusha ateweko igikumu. Ntawobideha, kuva ico gihe, intambwe itari nto yaratewe. Ibibazo bimwebimwe vyari bihanze igihugu vyaratorewe umuti, harimwo n’ic’amoko cari kizingamitse Uburundi. None vy’ukuri ico kibazo coba caratorewe umuti ? […]
Kuramukanya : umuco w’ubuntu ugira uzimangane
Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana icatumye bitituka n’icokorwa ngo […]
Amarira y’icibutso c’Ubumwe bw’Abarundi kiri ku musozi wa Vugizo
Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira […]