Amatohoza yerekana ko abagabo babiri kuri batanu mu bafise imyaka itarenga 40, bimaze gushika bikanka ko igitsina cabo kivyuka. Aho ni mu gihe benshi baba bibaza ko bishikira abafise imyaka yitereye gusa. Mu bisanzwe, ikibituma si imyaka gusa. Bifise imvo nyinshi cane, ariko igikomeye, ni uko hari umuti wa vyo nk’uko bivugwa na Muganga Brenot, yanonosoye ibijanye n’ubuzima ndorabitsina, imigenzo n’inyifato ; tubisoma ku rubuga Doctissimo.
Nk’uko uwo mwigisha muri Kaminuza y’i Bordeaux mu Bufaransa abivuga, abagabo bari ku rugero rwa 39% biramaze gushika bikanka ko bagira imibonano mpuzabitsina. Mu gihe ico gikorwa ari co kigaragaza umugabo abushitse, uwo vyashikiye biramugora kwemanga.
Urwo rubuga rubandanya ruvuga ko ku bantu 1 000 b’igitsina gabo bafise hagati y’imyaka 25 na 40, hatowe ibintu bitari vyitezwe kuko babiri kuri batanu bamaze gushikirwa n’iyo ngorane. Abari ku rugero rwa 26% muri abo babajijwe, ngo biramaze kuba kenshi, mu gihe abangana 12% na bo bimaze kwanka rimwe gusa.
Kuri aba ba nyuma, Muganga Brenot avuga ati : “Kubona vyanka si indwara, ahubwo ni ibishika bivanye n’uko umuntu aba amerewe.”
Inkwezi y’amarere
Kubera ko ayo matohoza yagizwe mu gihugu c’Ubufaransa, uwo muhinga avuga ko abo basanze ubugabo bwabo budahungabana ari ababa mu bisagara bitobito, usanga bafise n’abana. Abo baremanga ko ibijanye n’ubuzima ndorabitsina bwabo bwifashe neza, co kimwe n’ubw’abo bari kumwe. Abo rero ngo baratekanye, kandi ntibatinya kubivuga.
Abo bitagishoboka na bo ngo ahanini baba ku mugwa mukuru mu gisagara ca Paris. Barabana, mugabo ngo abashika ica kabiri cabo nta mwana bafise. Bavuga ko ayo mabanga atagenda neza. Usanga barigeze kubaho badatekaniwe, bafise akabonge, canke agahinda. Bitayeko, usanga badashwashwanutse.
Benshi mu bakiri bato, usanga bavuga ko ibintu vyifashe uko ari ibisanzwe. Bavuga ko ico bivako ari ingene umuntu aba amerewe : adatekaniwe, abuze amafaranga canke ku kazi vyifashe nabi.
Ikindi gitangaje, mu bagabo vyabayeko, abashika 22% ni abafashe ibihungabanya amara yabo : inzoga, itabi, ibiyayuramutwe… ; mbere imiti na yo nyene yaravuzwe mu bitera izo ngorane.
Ibindi bituma igitsinagabo kitavyuka, ni indwara y’igisukari, izindi ndwara zihungabanya mu bwonko, canke izindi ngorane zitandukanye.
Umuti ni kwa muganga
Naho abakiri bato babifata minenerwe, ku bwa Muganga Brenot, “Umuntu w’igitsina gabo adashora kugira imibonano mpuzabitsina agifise imyaka iri munsi ya 40 biramuhagarika umutima. Wokwibaza ko babona nk’uko ari bito cane, mugabo uravye ukuntu bitura abaganga, uca ubona ko bamerewe nabi ku mutima iyo bishika bikanka ko imibonano ikunda.”
Ivyavuye muri nya matohoza vyerekanye ko abagabo bamwebamwe bababazwa cane n’ubwo bushobozi bugenda. Abashika 20% muri bo bavuga ko vyabababaje cane, mu gihe abandi nk’abo na bo bavuga ko baje kuzitira kugira ntibizosubire kwanka.
Muganga aratomora : “Uwubura ubushobozi bwo kugira imibonano mpuzabitsina rero aja kwa muganga mu gihe igitsina c’umugabo kitavyuka, canke iyo kivyutse kigaca kiryama ningonga, ntashobore kurangura ayo mabanga. Ategerezwa kandi kuba amaze ikiringo kitari munsi y’amezi atatu vyifashe uko. Icihutirwa, ni ukutaguma wigunze, nyabuna ntutinye kwitura abaganga. Barabitorera inyishu.”
None ivyo mugihugu cuburundi hariho abaganga bavyo bavyigiye babivura?
None mugihugu cuburundi hariho abaganga bavyigiye babivura?
Bibaho pe