Imico n’imigenzo ifatiye kw’idini iri canke ririya, rimwe na rimwe iratuma haba ingo zubakwa, ariko zidafatiye ku rukundo. Ivyo bigatuma ivyiza uwubatse yokwitega mu rugo atabironkayo. Zayinabu* yaratwiganiye amagorwa aterwa n’uwo bubakanye, iyo hageze amabanga y’abubatse. Ng’iyi inzira y’umusaraba ariko aracamwo.
Haraciye imisi, Yaga yari yatunganije ikiyago mu ntara ya Rumonge. Cari gifise icivugo kivuga giti : ‘’amabi akorerwa abakenyezi, ikibano coba kibifisemwo uruhara ? ’’
Ubu mfise imyaka 21. Ngifise imyaka 18, nari nimirije guheza amashure yisumbuye. Nk’uko bisanzwe, mw’idini ryacu, umugabo aremerewe kurongora abagore barenga umwe, mu gihe abishoboye kandi avyumvikanye n’umugore wiwe mukuru. Hassan*, umugabo wanje, ni umukoresha wa data, akaba ari umudandaza akomeye mu ntara yacu ya Rumonge.
Kugira adugirizwe agahembo, ndetse anadugirizwe n’igiti, eka mbere n’imigenderanire ikomezwe hagati yabo bagabo babiri, vyabaye ngombwa ko yumvikana na shebuja. Mu muryango wanje babona ko ataco bitwaye, kuko vyasa n’ibikurikije imico n’imigenzo y’idini. Kira noneho, n’imyaka yo kwubaka itegekanijwe n’amategeko nari ndayikwije. Urubanza rurategurwa ruraba, gutyo mba mbaye umugore wa kabiri.
Indoto zanje zanigiwe mu menshi
Mu gihe nariko negereza guheza amashure, nari nipfuza kuzoba umuganga. Ntivyabaye bigikunda kuko, ahuko abavyeyi bontera intege ku kubandanya amashure, nigishijwe uko abisiramukazi bitwara mu rugo no mu mabanga y’abubatse. Bakivugira bati : « na kare impamyabushobozi y’umwigeme ni umugabo, ndetse n’ubushomeri ni bwinshi, wohejeje uja kwicara nk’abandi ; ariko ko uronse umudandaza, uraguyeko. »
Ku myaka nari mfise, sinariko ndatahura ibinshikiye, kuko si vyo nari niteze. Ngo « uko zivugijwe ni ko zitambwa », nta ko nari kugira, naraherekejwe nk’abandi.
Amfata ku nguvu imisi yose
Umugabo andusha imyaka yababa 25. Hassan nta mwanya munini yifitiye. Yama yibereye mu bidandazwa vyiwe. Ugutegura umugore wiwe hageze amabanga y’abubatse ntubimubaze. Ngo yibaza ko niyarongora umwigeme akiri muto, azoza azi vyose vyomunezereza, kuko umugore mukuru yasa n’uwuriko arakura.
Zayinabu avugana umubabaro ati : « Hassan aribagira uruhara rw’umugabo muri ayo mabanga. Iyo atashe, yumva ashaka kurangura nya mabanga, yama ankwegera mu cumba maze akansimbirako. Nanje sindi bwanke canke ngo ndamuvuguruze. Bisa nk’uko amfata ku nguvu, kuko ndabigirirwa ntabitegujwe. Ni ukuri, rimwerimwe aranankomeretsa. »
Ivyanshikiye birakunze kwibonekeza cane mu kibano cacu. Gusa nyene abo bigeme n’abagore ntibokwidoga, kuko atawe bobiyagira ngo agire ico ahindura. Ariko, hari hakwiye kujaho urwego rwigisha uko bamwe n’abandi babwirizwa kwifata mu kurangura ayo mabanga. Benshi baribaza ngo niko zubakwa mugabo vy’ukuri birababaza, biraruhisha. Inkurikizi nazo zikaba umurengera.
*Izina ryahinduwe
Kuyaga kw’ abantu bubakanye mubijanye n’alabanga y’abubatse hagati yabo ni ngombwa. Bashire imbere cane ikiyago
Mubisanzwe birababaje kuko iyo udikirije umukobwa mwico gikorwa utamuteguye mubyukuri ubumuhohoteye kuko ukuryohererwa igikorwa bicabiba muruhande rumwe mugihe carinigikorwa cbabiri
Ivyo,nivyo nibige nabo ingene bikwiriye ,urumva kwari ikibazo
Mushingantahe Mugisha wanditse iyo nkuru.
Ivya Zayinabu bibababaje. Kandi ntibiri mu Burundi gusa. Si amabi akorerwa abagore bagira kabiri, canke karenga, gusa. Ni ububisha bukorwa n’abagabo bamwebamwe bari mu madini atandukanye, mbere n’abatagira idini.
Nagire menyeshe abatoba babizi ko hariho itegeko rihana ico caha (Loi N°1/013 du 22 septembre 2016 portant Prévention, Protection des Victimes et Répression des Violences basées sur le Genre). Zayinabu aritura ubutungane bumutunganirize. Kiretse ni haba hariho ico ashira ku munzane kikamubuza gushengeza uwumukorera ico caha ( raba canecane ingingo ya 27 uyisomeye hamwe n’iya 2 urudome i).http://www.presidence.gov.bi/wp-content/uploads/2017/07/loi-013-2016.pdf
Biratangaj nimba yari abafata ku nguvu abo bubakanye, mu bisanzwe iyo hagize uwushaka kurangura amabanga yabubatse arabibwira mugenziwe naw akavyemera hanyuma bakitegurira ico gikorwa kiza kuba,kuber bose baba babishatse barategurana maze boose bakabinezererwa nuko numva bikwiye kugenda
Yemwe Abagabo Nkabo Barakwiye Gufatirwa Ingingo Pé!
Nanje Nifuza Kwubaka Ariko Ntanarimw Ndakori Cokint Nokwitwara Gut?
Impanuro noha abubakanye nobabwira yuko kizira « gutarukirak nkimpene kuk nayonyen irabanz igahobobez niko guteret kway noe twebw dufis ubweng biratunanir kuryosh abo twubakany (kumu caresse) ? »Kenabo bagab barakwiy kwisubirak pe cank bagafatirwa inging pe!