Kuva umuntu yaruka, abwirwa vyinshi ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina. Muri vyo hari ibijanye n’ubusugi. Umwe wese usanga afise uko babimubwiye, uwundi akaba yabwiwe ukundi, ku buryo n’abakunzi ba Yaga usanga babivuga kwinshi. None ni ibiki twomenya kuri ivyo bintu bimeze nk’insigarabwenge ? Muganga Laura Berlingo yanonosoye ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza araduha umuco.
Ince ni iki ?
Hari abibaza ko ince ari agace k’umubiri kameze nka kurya kw’urushato rw’ingoma ruba ruzibiye ku mbiga zayo, ako na ko koba kari ku rwinjiriro rw’igisabo. Utoboye urusato ruri ku mbiga z’ingoma, uraheza ugashika imbere muri yo. Bakiyumvira ko n’ince iyo zicitse bigenda uko.
Si vyo namba! Ince si agahimba kameze kurya kw’urushato rupfundikira ingoma yose. Ahubwo twovuga ko ari akabiribiri kameze nk’umuringa mutoya cane, ku buryo ubwinjiriro bwako butuma amaraso arengana, iyo umuntu ari mu butinyanka.
Uwugize imibonano mpuzabitsina irya mbere ategerezwa kuva amaraso ?
Oya si ko bimeze. Birashika nko ku bantu 50 kw’ijana. Urumva ko umuntu umwe kuri babiri ashobora kuva amaraso, kubera yakomeretse gatoya ahantu hamwe canke henshi. Birashika rero abigize irya mbere akava ayo maraso, canke ntihagire na kimwe aba.
Iyo uwubigize irya mbere ababaye, twovuga ko ari ince ziba zicitse ?
Oya si co bivako. Uwuriko arabigira irya mbere aba ahagaritse umutima, adatekanye, afise n’ubwoba. Iyo bimeze uko rero, bituma umukenyezi ataba ameze neza muri we, ugasanga igitsina ciwe ntikibomvye. Bishobora mbere gutuma mu gitsina ciwe hamera nk’ahiyugaye kubera atisanzuye, bikumvikana ko abigize aca ababara cane.
Koko uwudafise ince ntaba akiri isugi ?
Ivyo si ivy’ubu gusa. Bivana n’uko abantu babifata mu mico yabo, canke amadini amwe amwe. Ni ivyo bishizemwo ko biha iteka umugabo. Bafata ko iyo umusore agize ubugeni n’umukobwa akiri isugi, uno akibungenga, vyerekana ubugabo bw’uwamwabiriye, akumva afise agaciro.
Ico abantu bibaza rero ni uko ata kintu cinjira mu gisabo kiretse mu gihe umuntu aba ariko agira imibonano mpuzabitsina. Aho ni ukuhagabira, kuko uwuri mu butinyanka ashobora gukoresha utundi dukoresho, atari turya dutambara twabigenewe ( utwo benshi bita Cotex ndlr). Utwo natwo harimwo utwitwa mu gifaransa “coupe menstruelle” canke “tampon menstruelle’’. Mu kubikoresha uvyinjiza mu gisabo, ku buryo bishobora gutuma ince zaguka. Muri ico gihe, uwubonanye n’umuhungu irya mbere ashobora kutava amaraso, kuko haba hasazwe hagutse.
Kuvuga rero ko umuntu akiri isugi kubera ko basanze agifise ince ni ukwihenda kuko bivana n’ukuntu umubiri w’umuntu wubatse.
Murakoze kunyigiaho nziza muduhaye tutari tuzi.kuko kuva amaraso mugihe cimibonano mpuzabitsina ariko gutakaza ubusugi.
Commentaire *None utwo dutambara bakoresha mi gihe bari mubutinyanka,turashobora gukura ubusugi umwigeme?
jw nibaz ko utw dutambara bakoresh tudakur ubusug
Commentaire *murakoz kunyigish muduh zamuratubarir
Vrt ubusugi ntibushobora gukurwa na cotex kuk turya dutsi turagaruka sous former ya élastique.
Murakoze can kuja mutwigisha vyinshi kunyigisho ndorabitsina mugihe mumico kama bitoroshe ko abavyeyi bacu bobidusigurira.bensh bibatera n’ison ko bitokunda ngo ni ubushirasoni
none kugira umukobwa abonane numuhungu ntave amaraso bigendagut?
Murakoze cane. Mugabo ntimutubwiye ingene twovyifatamwo mugihe duhuye n’isugi itari bwabikore? Merci
Murakoze kudaha inyigisho tutari tuzi ariko sinumva ukuntu udutambara bashira mu gisabo twotuma ince zaguka kuburyo abikoze iryambere ntave amaraso
Vyiza cane inyigisho zanyu ziranyubaka bihagije
Murakoze cane!
Murakoze Cane Nagomba Munsigurire Neza Ince Icarico.
None womenya gite? Isugi nuwutari Isugi?
None umuntu yobigenza gute kugira ntababaze umupfasoni wiwe mugihe bubabakanye akiri isugi?
Murakoz kgutanga inyigisho nimukomez kumbur vyogir’ivo bifashij ario benshi ntobaz bavyitwaz mukubesha abasore ngo barisugi ario bwatwaw nutwodu tambara
murakz can kunyigish muduhay tutar tuzi
Nyamara utwo dutambara turaboneka kenshi?
Noe ince nubusugi sicokimwe ?? Ince iyozicitse ntamaraso Ava ??
Merciii kudutahuza ibibintu Imana Ibahezagire benshi barabigorerwamwo ingo zigasambuma
Abavuga ko ince arizirya mpuzu umwigeme abayambaye umusi agiye kwabirwa,navyo ntacomwobivugako?
Mwarahezagiwe