article comment count is: 11

Ibinini nkaburamubiri : ingaruka mbi ziraririye urwaruka rubifata

Nta vyigwa birakorwa, mugabo ntihabuze urwaruka rwo mu Burundi rukoresha ibinini nkaburamubiri (viagra). N’aho benshi babigira kugira ngo “bemeze” uwo bariko baragira imibonano, inkurikizi ziragoye kwitura. Reka twisunge ivyo abatohoji b’Abanyamerika berekanye. Tubisanga ku rubuga rw’ikinyamukuru Atlantico.

Ivyo binini bifasha abagabo batagifise ubushobozi bwo kurangura amabanga y’abubatse kubera ibihimba vyabo bigoyagoya. Muri rusangi baba ari abasaza. Ikibabaje, muri kino gihe, urwaruka rusigaye rubikoresha. Nko muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, abahungu 1 200 barabajijwe ko babikoresha, baca basanga abashika ibice 8% barafata uwo muti.

Aho rero ntibabifata ngo ni uko babikeneye, kuko ibice 6% babifata ata ngorane bafise, ibice 2% gusa ni bo babifata bavyandikiwe na muganga.

Kuki babikora ?

Christopher Harte na Cindy Meston, abahinga banonosoye ibijanye n’inyifato bo kuri kaminuza y’i Texas baragerageje gutanga inyishu. Basanze urwaruka rufise muri rusangi imyaka 22 rufata iyo miti kubera batizigiye ububasha basanganywe muri bo. 

Iyo nyifato bakaba bayiterwa n’ukwama baraba amareresi yerekana ubuhumbu. Aho bihendera, bibaza ko umugabo amara umwanya nk’uwo basanzwe babona muri ayo masanamu. 

Abo batohoji bavuga ko urwo rwaruka rubona ko ubugabo buhagaze ku kumara umwanya munini cane mu gikorwa c’imibonano mpuzabitsina, navyo bikaba bishoboka bafashe iyo miti. Ivyo rero bikabayovya ubwenge, bakabona ko uwudafashe iyo miti ataco yoshikako. Gutyo, bagakongatarirayo.

Igiteye ubwoba kurusha akaba ari ukuntu uwo muti ushobora gutuma umuntu aca abohwa n’ukwama awukoresha. Eka mbere urafise ingaruka mbi abantu birengagiza, kuko ishobora gutuma umuntu agira indwara zitandukanye nko gucibwamwo, kutabona neza, guhema nabi, umutima utera nabi kubera amaraso adafise umurindi umeze neza, n’izindi. 

Baguma bongerekana…

Nk’uko Muganga Dan Véléa abisigura, mu bisanzwe, umuntu wese ikintu akoze canke ico agize, yipfuza ko yogikora ku buryo bushimishije. Abagabo bamwe bibwira bati : “ko n’akazi ndagakora neza cane, bitegereza kuba gutyo no mu vy’imibonano”

Abantu b’igitsinagabo benshi bafata iyo miti kugira ngo bagaragaze ubugabo bwabo mu kugira inguvu nyinshi canke zirenze iyo bariko baragira iyo mibonano.

Uwo muganga avuga ko abantu baza gusaba kwandikirwa iyo miti iwe ari batanu canke batandatu ku ndwi, mu gihe kare ata n’umwe yahora abona. Ikibishe kurusha ni uko mu baza iwe ata n’umwe ashikana imyaka 50 arimwo. Uwitwa ko akuze afise imyaka 45.

Iyo ababajije na ho ko hari ingorane yo kugira imibonano bafise, benshi bavuga ko bakomeye.

Ni ukuhagabira

Igiteye amakenga muri ivyo vyose rero ni uko hari imbuga ngurukanabumenyi nyinshi cane zisanzwe zirata urudandazwa rw’iyo miti. Aho rero ni ukuhagabira; kuko ngo kenshi bashobora kugura imiti itameze neza, na cane cane ko itaba ifise urupapuro ruyemeza (certificat mu rurimi rw’Igifaransa).

Ibinini nkaburamubiri bifise ingaruka mbi nyinshi. Ku muntu afise ingorane z’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, birashobora kuyangara, n’amahaha agashobora kwononekara. Ku rwaruka rubifata rukiri ruto hoho, vyica vyinshi: biramwizizira, ntabe agishobora kurangura imibonano mpuzabitsina atabinyoye, kandi no mu mutima akama yigaya ko ataco ashoboye. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (11)

  1. Inyaruka mbi ziraririye? Irivuga kurarira barikoresha muburyo bubiri gusa:
    1) umuntu arashobora kurarira ibintu kugira ntibavyibi
    2) Imbwa arashobora kurarira ibintu kugira ntibavyibe
    Ico jewe nzi nuko irivuga « kurarira » muri ubwo buryo bubiri…
    Ndibuka ibisoma twize mu mashure mato mato. irivuga kurarira ryakoresha kubasuma( Hararira imbwa canke umuntu)

    1. None ngaho ushatse kuvuga iki ga cadeau ??? Banza wandike neza ikirundi Hama ubone kunegura abandi ivyo banditse…
      Narengana🚶🏾

  2. Non kuk iy mit bayirek igwakwir isi kandi ifis ingarukambi oms irab ihagabir ikind izombug ngurakabumenyi ntizikontorogwa kuvy zikora?? Twaragiy mur démocratie tuzobibon

  3. Murakoze cane. Ivyo bifise ingarukambi nyinshi cane. Bikomoka ubwambere kukutiyemera kw’umugabo/umuhungu muvyerekeye ubushobozi bwiwe bwo kurangura amabanga mpuzabitsina neza (manque d’estime de soi). Ariko ababifata bibagira ko umubiri w’umuntu ari ikintu kimwe gifatanye, ibihimba vyose birakorana. Wongeye inguvu mugitsina wewe ubwawe atazo usanganywe mumubiri wose uca umera nk’umwana w’imyaka 10 boremeka mitrailleuse yuzuye igisandugu n’amachaines y’amasasu atanguvu zo kuyiterura no kuzirasa afise canke uwofata imoteri ya V8 akayishira muri probox….