article comment count is: 10

Kutitaho umurwayi : indwara ibangamiye abaganga bamwe bamwe

Kuryagagura abarwayi, kwikwega mu kubakira, maze bakirirwa batonze kandi baremvye, canke nyene kubahererekana batabavuye. Ivyo ni bimwe mu vyo Yakobo* yaneguye amavuriro amwe amwe ya Reta ari mu gisagara ca Bujumbura. Aratwiganira ido n’ido uko vyamugendeye.   

Mperutse kugira ivyago ndarwara ndaremba. Inyuma y’imisi ibiri ndindiriye ngo numve iyo bija, nituye ibitaro binyegereye. Mu biri hano i Bujumbura vyose, ivyo bitaro nituye bivugwa ko ari vyo bigendeka, naho atari ko nabisanze. Ngira navyo vyarandukiwe.

Nashikiye aho bakirira indembe nibaza ko baca banyarutsa kunyakira; kukaba nkakwo, nari naremvye. Njugumira, umucanwa umengo bancaniyemwo imbabura, urwuya ruca irya n’ino, nzungurirwa nkaguma nikubita hasi,… ariko umuvuzi wese ahaciye yarandaba gusa, ntaco yabivugako. 

Uwamperekeje abajije igituma ntakirwa kandi babona ko ndemvye, abo yabaza bose bamuhaye inyishu bati: “ rindira”. Nagiye kwakirwa inyuma y’isaha yose, atari uko hari abivuza benshi, ahubwo ari kubera ko banyirengagije; ari naco cantangaje kikanansonga.

Yamara n’aho nyene…

Igihe nshitse mu cumba c’isuzumiro vyari nk’ivyo nyene. Umuganga yanyakiriye nabonye asimbira ku gahamagazo ngendanwa kiwe atangura kuyaga n’incuti n’abagenzi. Ndaheba nditabariza nti: “erega nanje muranyibuka.” Aritangaza ngo: “mbabarira nari nasamaye”. Ni gute wosamara ku kazi ujejwe? Ntazi ko amagara ari amazi aseseka ntibayore? 

Hageze gutondera imiti,  naho nyene sinorohewe. Nahasanze umuntu umwe atonze, ntonda inyuma yiwe.  Uwujejwe kutwakira namusanze yibereye kw’iterefone yitwengera ubutumwa bariko bamwandikira, ubona ko ata mugambi wo kutwakira. 

Dutanguye kwidoga, aho kutwakira yatubajije ati: “ko mungana uko? Nta bandi baraza?” Yampaye inka umwangushi! Ubu rero karashize ingani abarwayi babanze gutumirana bose bazire rimwe gutora imiti? Kandi indwara zidasezerana! Nagira kuba turi bake yari amahirwe yo kwakirwa ningoga, nawe nyene yorohewe. 

Vyakabaye kera turamugondoza, arateba aremera kutwakira. Atwakira aturyagagura nk’uko umengo twotegerejwe twese kurindirana. 

Twikebuke!

Abaganga bitwara batyo baribagira ko dukeneraniye ; baribagira kandi ko igihugu catanze uburyo butari buke kugira bigishwe gukora uwo mwuga. Umuntu arafise uburenganzira bwo kuvurwa  mu gihe kibereye, nk’uko tubisoma mu mateka yategekanijwe n’ishiramwe rijejewe amagara y’abantu kw’isi “OMS”.

Barayamaze bati, uwuja gukira indwara arayirata; akayiratira muganga. Uwo muganga avugwa ni umuganga ababaye abarwayi, arajwe ishinga no kubarokorera ubuzima. Kuja kwa muganga ugatonda umwanya munini biratahuritse mu gihe hari abarwayi benshi; ariko iyo bivuye kuri muganga afata ibintu minenerwe, biba bibabaje cane. 

Barakwiye kwikebuka, bakitaho abarwayi, ntibiyumvire guca amahera gusa. Ku bo bigoye guheba, Reta n’ubugenduzi butandukanye bobafasha mu gutegura ibihano bibereye abo bantu bataye akarangamutima k’ivyo bajejwe. Erega kurokora amagara y’abantu si umwuga, ni umuhamagaro!

*: yahinduwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1.  » Science dans conscience n’est que ruine de l’âme » que ces gens puissent se réexaminer, qu’ils se rappellent que la vie vient avant tout autre chose et s’ils n’ont pas un coeur de servir qu’ils changent de profession ce serait mieux pour eux et pour les autres

  2. Nshimye aho uvuga ngo *Twikebuke*…. Nawewe ni wikebuke urabe ko utoba uriko uremeka inkono ishushe abaganga. Simvuze ko abokora amakosa batahari, ariko nsomye ayo makuru yawe, mbona ko ari aga scene wiyumviriye, biboneka ko atari ivyakubayeko ahubwo ari ama scenarios wihaye… Cank woba warumvise.
    Ku bindi navyo, gukoresha telephone si vyiza uriko wakira umuntu… Ariko kandi no Kurindira imisi niyindi, bitandukanye numugani wewe waciye ngo <>…..
    Mubiba vyose, muze muraba uruhara rwumwumwe wese, imbere yo kwagiriza abandi.

    1. Turakwiy kwikebuk naj ibisa nivy vyarambaeko nubw gar hagati m gihugu.tuciga bar batubwiy k umurwae ariy priorité tub dufis m bitaro ark har bamw mur twebw usang umeng twar twasivy ah babivug ck twaravyibagiy,ningendo y gukosora kd ndaz hoz ubutungan m magara y’abantu twovyubaha kuruta

      1. Ndabona neza kowashatse gukebura abaganga kukuntu bokwitara mugihe bariko barangura imirimo yabo.
        N’abagwayi nabone harigihe bishika ntibubahirize umuganga wababwira ngo rindira kubera imvo iyi cnk iriya bagaca batwagwa n’agashavu hakurindira knd abona vy’ukuri kwariko atunganiriza mugenziwe aho naho bataguhamagariyeko ba oncle cnk ba tante.
        Rero tuze turaba kumpande zose komuvyukuri dutahurana

    2. Abaganga barakwiye kwikebuka pe. Ndavuga abaganga bo mu bitato vya reta. Ubu ugiye mu bitaro vya reta, wosenga usaba ko uhasanga aba interne hakuhasanga abaganga bahakora, kuko nibo bonyene bitaho ivyabarwayi gusumba abaganga bari bajejwe kubabera aba mentor. Kuko nya baganga umenga siho bari, kuko wakira wahwera bo baguma bahembwe. C’est une honte

  3. Birakwiy KO mukazi umuntu wese aho aba ari akiha image yivyo akorera abaje kumwitura muruhande rwiw kuko iyo ugway ukitura ivuriro kanak bagateba kukwakir urababar can urumv nukwirabirako KO mugenzaw ari ikiremw nkaw

  4. Oui quand on a à dire sur des personnes c’est que ces dernières travaillent déjà. On veut la perfection. Le médecin est la personne la moins respectée au Burundi, constate-je avec amertume. Chersi journalistes vous avez le devoir de toujours distinguer médicin de l’infirmier. Aux urgences il y a un seul médecin ( s’il en y a bien sûr ) qui doit gérer tous les cas les uns plus urgents que les autres. Nimba uwo mugwayi( imaginaire je pense ) atashikiriye umuganga n’ingoga kubera abamwakiriye bitwaye nabi, ntibisigura ko muganga ariwe avyagirizwa. Pourquoi toujours blamer les médecins? Il faut reconnaître au minimum le sacrifice qu’ils font pr sauver des vies.

  5. nakamaramaza ukuntu amavuriro ya leta yakira akantu!si uwo gusa twese twama twabibonye tukabura aho tubivugire barakwiye kwikebuka.