Igisukari n’indwara abatari bake bibaza ko ifata abantu b’abatunzi gusa. Ariko rero, iyo ndwara ishobora gufata uwariwe wese biturutse ku mvo zitandukanye. Umunyeshure yimenyereza ibanga ry’ubuganga, Rénovat Ndikumwenayo, aratuyagira ivyo abantu bari bakwiye kumenya kuri iyo ndwara n’ukwo twoyikingira.
Amagara
Abarwaye mu mutwe n’umwitwarariko wa bose
Mu gihe aha mu gihugu c’Uburundi hasanzwe hatagwiriye ibigo vyitwararika abarwaye mu mutwe, abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo iyo ngorane itorerwe umuti urama. Leta yaruguruye igisata cigisha kuvura bene abo barwayi muri kaminuza INSP. Abanyeshure bariko bararangiza ivyo vyigwa […]
Abarundi ntitwari dukwiye kwicwa n’inzara
Haraheze iminsi intara zimwe zimwe ziriko zirakora igikorwa co kwegeranya ibifungurwa vyo kugarukira ku banyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bageramiwe na kigoyi. Bisanzwe bizwi ko iyo ntara yari ikunze kubonwa nk’ikigega c’igihugu kuko imera kandi ikimbuka cane iyo imvura […]
Ugutanga ishano mu ntara z’uburaruko
Mu ntara z’uburaruko nka Kirundo, haraheze iminsi bivugwa ko himonogoje gutanga ishano. Ishano rero ngo riranagoye kuvura kuko ngo ntiryibonekeza kumwe ku bantu baba barihawe. Umuntu yokwibaza ukwo barisuzuma hamwe n’ukwo rivurwa iyo basanze umuntu yarihawe. Apollinaire Nkurunziza araducira ku […]
Indwara yo kugira ubwoba birenze urugero
Muri kamere k’umuntu, hamwe n’ibindi binyabuzima bihema, harimwo inyifato ndemanwa yo gutinya ikintu cose gishobora guhungabanya ubuzimwa bwiwe canke bw’ico gikoko. Iyo rero umuntu abonye ikintu kigeramiye amagara yiwe aragihunga mu gihe adashoboye guhangana na co. Ukwo kwiruka canke kwinyegeza […]
Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga
Aha mu Burundi, abantu batari bake biyumvira ko umwana avukanye ubumuga bwo kutavuga aba abaye igihombo ku muryango wiwe. Ivyo bavyibaza kuko, akenshi, mu gihugu hagati, bene abo bana bakurira muhira maze ntibashobore gushirwa mu mashure nk’abandi hanyuma ntihagire ico […]
Malariya n’indwara ya mbere ibangamiye Abarundi
Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu, hari indwara usanga zikunda kwibonekeza cane kuruta izindi. Ivyo rero bikunda kubonekera ku bitigiri vy’abagwayi baza kwitura muganga ku mavuriro atandukanye. Ikimaze kwibonekeza n’uko malariya ari indwara ya mbere ibangamiye Abarundi. Rénovat […]
Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara
Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe […]
Ubuganga ni ibanga ritoroshe
Mu buzima bwa minsi yose, abantu barazezwa amabanga atandukanye. Hari abayashingwa kubera icizere abantu babagiriye. Ariko hari n’abandi, hambavu y’ico cizere c’abantu, babanza kugira ico bakoze kugira ngo vy’ukuri babere ibanga kanaka. Hari rero amabanga asaba umwiteguro nko kwiga canke […]