Mu gihe hirya no hino kw’isi, tudasize inyuma no mu Burundi, abana bakunda guhura n’ingorane zitandukanye bivuye ku magara canke ubushobozi buke vyabo, ni ngombwa ko uwariwe wese yibaza icokorwa kugira agateka kabo kagarukirwe. Chadrack Nzeyimana aratwibutsa ko umwana ari […]
Amagara
Koko umugabo ntaba ingumba ?
Aho hambere, mu Burundi, eka n’ubu bikiriko, abantu ntibemera ko umugabo shobora kuba ingumba. Abatari bake biyumvira ko, iyo umuryango ubuze umwana, vyose vyaba vyavuye ku mugore. Ariko rero, ukwo ubushakashatsi bwabandanije gutera imbere, vyaribonekeje ko ubugumba bushobora no kuva […]
Pome ni ngirakamaro ku magara
Mu Burundi, hararimwa kandi hakimbuka ivyamwa vyinshi. Ivyo vyamwa birafasha cane mu ngaburo y’abantu b’ingeri zose, na cane cane abana. Ariko rero hari icamwa citwa pome bimaze kwibonekeza ko gishobora kuhamera kandi bakagisoroma. Pome rero ni ngirakamaro cane ku magara […]
Ubukene bw’amazi meza ku Mugoboka
Amazi n’ubuzima ku bantu, ibitungwa eka mbere n’ibiterwa. Ariko rero, ku bantu, ubukene bw’amazi meza n’ingorane ikomeye cane kuko bishobora gukwega n’indwara z’ivyaduka nka kolera, amacinya n’izindi. Prosper Niyonkuru aratuyagira ibijanye n’aho iyo ngorane yibonekeza nko ku Mugoboka, mu gisagara […]
Twese turi n’ivyo dushoboye
S’agaseseshwarumuri, hirya no hino, aho tubaye, twama twabonye ko abagendana ubumuga butandukanye binubwa eka mbere n’ugukumirwa bagakumirwa. Ariko rero n’aho biri uko, abagendana ubumuga n’abantu nk’abandi kandi bashoboye no gukora vyinshi nk’abandi bose bakomeye. Chancelle Bayubahe yaraganiriye n’umwana yavukanye ubumuga […]
Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira […]
Duteze imbere abavuza imiti y’ikirundi
Mu Burundi, mu gihe abatari bake bacitiranya abavuzi bakoresha imiti y’ikirundi hamwe n’abapfumu mbere ugasanga bamwe barabigiriyemwo n’ingorane, Renovat Ndikumwenayo aratubwira ko abo bavuza imiti y’ikirundi atari abapfumu canke abafyitirizi bakunze guhenda abantu ngo baravura indwara z’ikirundi. Muri abo bavuza […]
Inkurikizi z’ukutumvira muganga
Mu gihe abantu benshi bivuriza kwa muganga bakira indwara nka zose baba barwaye, hariho abo bitagendera gutyo. Muti mbega kugira umuntu asubire kurwara ata minsi ihaciye avuye kwivuza vyoba biva kuki? Spageon Ngabo, nk’umunyeshure ariko aritegurira ibanga ryo kuvura, araducira […]
Dufunguye neza, tugira amagara meza
Abarundi benshi baracibaza ko gufungura neza ari ukwama barafungura indya zitetse n’amavuta gusa, abandi nabo bakabona ko kwama barafungura inyama, amagi canke bakanywa amata n’ibindi bifungurwa vyinshi vyiza nk’ivyo. Ariko naho biri ukwo, Renovat Ndikumwenayo wewe ahanura benshi ko nyabuna […]