Igisukari n’indwara abatari bake bibaza ko ifata abantu b’abatunzi gusa. Ariko rero, iyo ndwara ishobora gufata uwariwe wese biturutse ku mvo zitandukanye. Umunyeshure yimenyereza ibanga ry’ubuganga, Rénovat Ndikumwenayo, aratuyagira ivyo abantu bari bakwiye kumenya kuri iyo ndwara n’ukwo twoyikingira.
Indwara y’igisukari ni mbi cane kuko idakira kandi yica ningoga mu gihe umuntu atayivuje. Igenekerezo rya14 Munyonyo ukwo umwaka utashe ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya indwara y’igisukari. Twomenya ko iyo ndwara yamyeho kuva kera na rindi ariko Abarundi bamwe bamwe bakaba bayifata nk’indwara y’abantu bifise gusa. Ivyo bigatuma n’uwuyigwaye adashobora no kuyimenya.
None iyo ndwara yoba ituruka ku ki?
Iyo ndwara kenshi itumwa n’ukwo agace k’umubiri bita indurwe kajejwe guhingura ubumara bugabanya isukari mu maraso kaba kagwaye ntigashobore gukora igikorwa cako neza. Muri ico gihe, isukari igaca iba umurengera mu maraso ariho baca bavuga ko umuntu agwaye igisukari. Ico si yo nkomoko yonyene yo kugwara igisukari kuko kiri ubwoko bwinshi. Hari uwuyigwara kuko mu muryango haba hari uwigeze kuyigwara, n’ibindi.
Abantu bakunda gukarirwa niyo ndwara kandi usanga ari abantu banywa inzoga nyinshi, itabi, abafungura infungurwa zigwiriyemwo isukari nyinshi ndetse n’ibinure vy’umurengera hamwe n’abavuka ku bavyeyi bagwaye iyo ndwara.
Ibiranga uwugwaye igisukari
Uwugwaye igisukari aguma yumva anyotewe, akaguma ashaka kuja gusohora umwanda muto, agasonza cane, akumva uburuhe, akonda ,agakunda guta ubwenge, amaso yiwe ntabone neza, n’ibindi. Iyo rero umuntu abonye ibimenyetso bimwe muri ivyo yokwitura kwa muganga kugira bamufashe.
Iyo ndwara rero ikaba ifise n’ingaruka mbi zitari nke kuko uwuyigwaye ashobora kwicwa n’isari, canke agahuma amaso, agatakaza ubushobozi bwo kurangura amabanga y’abubatse, akanagira n’ibikomere vyizana mbere bitanakira ku maguru.
Twokwikingira indwara y’igisukari gute?
Kugira twikingire iyo ndwara n’uko twogerageza gufungura imfungurwa zikwije ivya ngombwa na cane cane zigwiriyemwo imboga, kandi zitarimwo isukari nyinshi. Kugira imyimenyerezo yo kunonora imitsi navyo bikaba bifasha cane mu gukinga iyo ndwara. Naho rero iyo ndwara idakira, mu gihe umurwayi yituye muganga akamupima, iyo ndwara ikamenyekana, ntakibuza ko umuntu ashobora kuyibana igihe kirekire mu gihe akurikije impanuro za muganga mu gufata imiti neza.
Muri make, indwara y’igisukari ni indwara ikaze cane gusumba mbere n’umugera wa Sida kuko yoyo yica ningoga mu gihe umurwayi atayivuje kare. S’indwara y’abakire nk’ukwo benshi bavyibaza kuko ifata abakiri bato n’abakuze bivanye n’ubwoko bwayo, igafata abatunzi n’abakene. Hariho n’abayivukana. Ukwisuzumisha kwa muganga ni co kimenyetso gikuru gishobora kukwemeza ko urwaye indwara y’igisukari canke utayirwaye. Ni naco gituma abantu bose, cane cane batobato, bari bakwiye kwisuzumisha iyo ndwara kuko birafasha cane.
Jewe Nkunda Kuja Kumwanda Mutoya Kandi Cane.None Nokoriki ? Canke Ntabundi Buryo Umuntu Yomenyamwoko Agendana Iyongwara?Kuko Beshi Babura Uburyo Bwukuyivuza Bigatuma Ibahitana
Ah nivyiz kumpanur muduhay murakoz cn