article comment count is: 4

Indwara yo kugira ubwoba birenze urugero

Muri kamere k’umuntu, hamwe n’ibindi binyabuzima bihema, harimwo inyifato ndemanwa yo gutinya ikintu cose gishobora guhungabanya ubuzimwa bwiwe canke bw’ico gikoko. Iyo rero umuntu abonye ikintu kigeramiye amagara yiwe aragihunga mu gihe adashoboye guhangana na co. Ukwo kwiruka canke kwinyegeza ni co twokwita ubwoba. Ariko rero hariho ubwoba busanzwe abantu bose bashobora kugira. Ariko kandi hari n’ubwoba bw’indenzarugero buheza bugafatwa nk’indwara nk’ukwo Prosper Niyonkuru, umunyeshure w’inyifato z’abantu, abituyagira.

Ni ibisanzwe ko umuntu agira ubwoba kuko bufise akamaro ntangere mu mubiri, eka mbere no kubindi bikoko. Ubwoba ni kimwe mu bintu bikomeye umubiri ukoresha mu kugabisha umuntu ko ageramiwe agomba ahure n’ingorane. Ivyo navyo bigatuma aca yitegura akamenya ingene yokwifata imbere y’ico kibazo. Bivanye n’uburemere bw’ikibazo, umuntu yifata kwinshi. Hari aho agwa igihumura canke akiruka. Ivyo vyose bikaba ari uburyo bwo kwikingira bivuye.

Ubwoba rero buri kwinshi. Hari ubwoba busanzwe, umuntu wese ashobora kugira ariko bugahera bivanye n’ukwo icabuteye kihavuye. Abahinga mu nyifato bavuga ko umuntu, kuva akiri muto, aba afise ibintu atinya ariko bikagenda birahera ukwo agenda arakura. Nk’akarorero, abana barakunda gutinya ijoro, ishamba, ibikoko bitobito nk’ibitangurirwa, ubunyegeri, n’ibindi. Hariho kandi n’ubwoba budasanzwe ari bwo bushobora kuvamwo indwara. Ariko rero, ubwoba, naho bwoba ubusanzwe, burashobora kugira ingaruka mbi. Burashobora gutuma umuntu atarangura neza ivyo yategerezwa kurangura. Abanyeshure bayobegwa kubera ugutinya ikibazo bigatuma bibagira ivyo bari bize barabizi gusumba.

Ni ryari twomenya ko umuntu afise iyo ndwara?

Mu gihe umuntu amaze gukura ariko akaguma atinya ibintu yatinya akiri muto canke abandi badatinya, mu gihe yigeze gushikirwa n’ikintu ku buryo akibonye canke acibutse aca abura amahoro, akama akangagurika akirota, ntawokekeranya ko yoba arwaye.  Iyo ndwara rero   abenshi bashobora kuba bayirwaye ariko ntibabimenye. Aha notanga nk’uturorero: Ntibitahuritse ko nk’umuntu w’umugabo akubwira ko atazosubira kwinjira mu cumba kuko yabonyeyo igikere. Canke ugasanga umuntu arasivye ku rubanza rw’umugenzi wiwe ku gutimya kugendera mu muduga ngo yohava agira isanganya. Hariho n’abatinya ahantu hakoraniye abantu benshi, kudasubira gutwara umuduga kuko yigeze kugonga, n’ibindi.

Ntahiraja n’umusore w’imyaka mirongo ibiri n’itatatu tubana ku mutumba. Umunsi umwe, twariko turaganira ku bintu bitera ubwoba aca ambwira ko nimba hari ibintu ntinya cane, ikiza ubwa mbere ari uruvuruvu. Jeho nari niteze ko ahava avuga igikoko gikomeye cane. Yongeyeko ko akibonye aho ariko ararima aca afata isuka akitahira kandi kuhagaruka bitoroha kandi bifata igihe kitari gito naho nyene akaba ari kumwe n’uwundi n’ubundi akaguma yikanga ko ahava asubira kurubona.

Uko twokwifata imbere y’iyo ndwara

Ukugira ubwoba bwinshi twamaze kubona ko ari ingorane. Ariko, no kutagira ubwoba si vyiza kuko umubiri utoba ukimenya ko ugeramiwe. Ni vyiza rero ko umuntu afise iyo ngorane ikintu ca mbere yokora kitoba kwirinda canke guhunga ico atinya ahubwo yocimenyereza bukebuke kugeza biheze. Mu gihe bibandanije, ikiba gisigaye ni ukwegera abaganga, cane cane abahinga mu nyifato bakamufasha.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Jew ntaco nokurako kand nta nico nokwongerako kwiyo nyigisho uwo mugenzi Prospère aduhaye kuko nasomye nsanga n’ukuri kuzima. Prospère ndagushimiye cane kwiyo nyigisho uduhaye ifatiye ku bwoba.

  2. En Ge Ndumv Nivyiz Can Kwl Ham Rero Jew Nanj Ndimurab Bafis Icokibz Cugutiny Ngeze Imber Yabant Umutim Urasimba Can Nkagir Ubwob Bwish Bikananir Guserur Iciyumvir Nukr Ndumv Konkeney Ubufash Bwanyu Muzob Mukoz