article comment count is: 0

Ico twomenya ku bagendana ubumuga bwo kutavuga

Aha mu Burundi, abantu batari bake biyumvira ko umwana avukanye ubumuga bwo kutavuga aba abaye igihombo ku muryango wiwe. Ivyo bavyibaza kuko, akenshi, mu gihugu hagati, bene abo bana bakurira muhira maze ntibashobore gushirwa mu mashure nk’abandi hanyuma ntihagire ico umuryango ubitegako. Ariko rero, naho biri ukwo, Prosper Niyonkuru aratubwira ko bene abo bana bashoboye vyinshi nk’abandi bose, gusa bigasaba ko umuntu abashira mu mashure yabagenewe.

Ubumuga bwo kutavuga, canke ukuba umuragi, ni bumwe mu bumuga butandukanye bwibonekeza ngaha mu gihugu cacu. Hariho abantu biyumvira ko kuvyara umuragi ari ivyago bikomeye cane kuko uwo mwana adaheza ngo agire ico yimarira mu buzima. Hari n’abibaza ko umwana atavuga aba ari ikijuju atoshobora kwiga canke ngo agire ico ashobora gukora. Ariko rero, ubwo bumuga, ni ingorane isanzwe mu gihe umwana yitaweho agatwarwa mu bigo bijejwe kwitaho abana bagendana bene ubwo bumuga.

Ukwo nasanze ibintu vyifashe

Mu minsi iheze, naje nari mfise ivyiyumviro bitari vyiza kubijanye n’abagendana ubumuga muri rusangi. Sinari nzi ko umuragi yoshobora kwiga agasumvya amanota umwana akomeye.  Inyuma y’urugendo rw’ishure twagize na bagenzi banje  kw’ishure EPHATHA riri mugisagara ca Bujumbura, zone ya Gihosha, niho natahuye neza ko umuntu agendana ubwo bumuga ari umuntu nk’abandi.

Iryo shure ryakira abana batumva kandi batavuga kuva bakiri bato, uhereye kw’ishure ryo kwimenyereza kugera kw’ishure nshingiro. Ukihashika, wakirwa n’akamwemwe gasomeka mumaso y’abo banyeshure batavuga bipfuza ko muganira mu bimenyetso kuko arirwo rurimi rwabo. Ugira ingorane mugihe uba utazi urwo rurimi rw’ibimenyetso kuko ari wewe uca uba umuragi imbere yabo. Bobo, hagati yabo baraganira, bagatwenga eka ntiwomenya ko bafise ingorane n’imwe. Ubiravye birahimbaye cane kuko umengo ugeze mu kindi gihugu aho bavuga ururimi utazi.

Uretse ko bagendana ubwo bumuga bwo kutavuga, abo banyeshure biga nk’abandi bose kandi bakurikiza urutonde rumwe n’abakomeye. Aho batandukaniye gusa ni ko bobo ivyo vyigwa bategerezwa kuviga bakoresheje ivyo bimenyetso. Icantangaje ni ukuntu usanga bakerebutse haba mu kwishura ibibazo canke mu gukora imyimenyerezo.  Nasanze ari abana baciye ubwenge cane kuko baritaho cane ivyigwa vyabo. Barafise kandi ingabire yo gufata ku mutwe ningoga ku buryo ubigishije ikintu badateba kukimenya.

Hageze mu karuhuko k’isaha zine, baciye baza ngo tube turaganira naho tutari tuzi urwo rurimi rwabo. Baragerageza kutuyagira babonye tutabitahuye bagaca batwandikira tukabona gutahura ico bavuze. Eka mbere bakaba baciye batangura no kutwigisha bimwe bimwe nko kuramukanya. Twavuyeho turyohewe cane no kubona bishoboka ko tuyaga n’umuntu atavuga. Jewe mbere nkaba naciye nigira umugambi wo kwiga urwo rurimi kuko nasanze ari ngirakamaro nk’ igifaransa, icongereza n’izindi.

Ico vyatumye niyumvira kandi nosaba n’abandi kwiyumvirako

Ivyo yatumye nibaza igituma ibigo bijejwe kwigisha canke gufata mu mugongo abo bana ari bike kandi ahanini ugasanga ni ivy’abigenga mu gihe tuzi ko mu gihugu hagati hari abantu benshi bafise abana bagendana ubwo bumuga ariko batazi ko abana babo boshobora kwiga nk’abandi. Ababizi nabo bakabura uburyo bwo kubajana muri ivyo bigo bitumwe n’amikoro make.

Birakwiye ko ababishoboye bogira ico baterereye kugira haboneke mu gihugu cose ibigo canke amashure menshi yitaho abo bana kuko uretse ko batavuga, barashoboye gukora ibikorwa vyose nk’abandi bakomeye.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion