Akenshi, iyo himirije iminsi mikuru irangiza umwaka, Leta n’abikorera utwabo bamwe bamwe barahemba abakozi imbere y’igihe. Birashika rero umushahara w’ukwezi kwa 12 ugasanga ushitse nko mu matariki ya 15 na 20. Ariko rero, naho abo bakozi bawakirana akanyamuneza ntangere, uvyihweje […]
Amafaranga
Vyoba ari vyiza kubika amafaranga i muhira?
Muri kino gihe, mu Burundi, amabanki yaragwiriye co kimwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ariko rero bamwe n’abandi ntibabona kumwe akamaro ko kubitsa amafaranga yabo. Niho bamwe bahava bakibwira ko ari vyiza kubika amafaranga i muhira nk’uko Désiré Sezikeye abituyagira.
Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu
Mu ndinganizo y’ubuzima bw’ibihugu harimwo ugutoza amakori aja mu kigega ca Leta kugira agire ico afasha mu butunzi. Ayo makori rero atozwa ku bintu vyose bishobora kuba vyinjiriza amafaranya n’inyungu ku babikora harimwo n’imiduga n’ibindi. Ariko rero, iyo ayo makori […]
Ukwiga ku ngurane muri kaminuza
Haraheze iminsi mike Inama nshikiranganji y’Uburundi yize integuro ry’itegeko risubiramwo imfashanyo ihabwa abanyeshure bo muri kaminuza. Iryo tegeko rigategekanya ko abo banyeshure bazohora baronswa ako gafashanyo nk’ingurane bazokwishura bahejeje amashure yabo, bamaze kuronka akazi. Ariko rero, abatari bake, iyo ngingo […]
Ukuresha umukobwa yifise
Mu buzima, iyo umusore ashatse gushinga urugo rwiwe, arafata iya mbere akaja kurondera umwigeme bashobora kubana. Iyo umuhungu akiriko arasaba umukobwa urukundo, agirako amusaba ko bobana, bavyita kuresha. Ukuresha umukobwa rero biranakunda gufatira ku buryo asanzwe afise. Maze umuhungu yabona […]
« Ndandaza umubiri kugira ndonke amafaranga y’ishure ! »
Annick, umwigeme w’imyaka 22, amaze imyaka itanu atunzwe no kudandaza umubiri muri Bujumbura kugira ngo aronke amafaranga y’ishure. Egide Nikiza yaraganiriye na we maze ashima kudushingira intahe.
Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
Terefone “Android”: iterambere ritanezereje bose
Iterambere ni ryiza cane ku gihugu n’abakibamwo. Uko ibintu bigenda birahinduka, niko hagira abo bizanira akunguko ariko ntibikunze kunezereza bose nk’uko Désiré Sezikeye aduha akarorero ku muzo w’amaterefone “Android”.
Tanganyika n’itunga rikomeye ku Burundi
Tanganyika n’ikiyaga kizwi kw’isi yose. Eka mbere hariho n’abakizi batazi ibihugu bigikikuje. Nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, ico kiyaga n’itunga rikomeye ku Burundi hamwe n’ibindi bihugu bigisangiye naho kititwararitswe nk’uko bikwiye.