article comment count is: 1

Ingorane z’umushahara uje imbere y’igihe

Akenshi, iyo himirije iminsi mikuru irangiza umwaka, Leta n’abikorera utwabo bamwe bamwe barahemba abakozi imbere y’igihe. Birashika rero umushahara w’ukwezi kwa 12 ugasanga ushitse nko mu matariki ya 15 na 20. Ariko rero, naho abo bakozi bawakirana akanyamuneza ntangere, uvyihweje neza, nawo nyene urafise ingorane zawo. Abenshi barihenda bakagira uko akariro k’iminsi mikuru kagize maze ugasanga barahuye n’ingorane z’uburyo mu kwezi kwa mbere kuko basubira guhembwa, n’imiburiburi, mu kwezi kwa kabiri nk’uko Caritas Ninziza abituyagira.

Abakozi bose, baba aba Leta canke abo abikorera utwabo, akenshi tumenyereye ko bahembwa ku kwezi. Impembo yabo rero, ari wo mushahara, ikunda kuza ukwezi bakoze guheze. Ariko rero, kenshi, mu mpera z’umwaka turakunze kubona ku bakozi nka bose uwo mushahara uza imbere y’igihe, nk’iminsi cumi canke itanu imbere y’uko ukwezi guhera. Ivyo rero bikunze kwibonekeza mu mpera z’umwaka, iyo abakozi bariko bitegurira iminsi mikuru irangiza umwaka. Ariko rero, naho umushahara wama ukenewe umwanya wose, umuntu avyihweje, dusanga umushahara uje imbere y’igihe cane ufise ingorane utera kuruta izo umara.

Ingorane zo gutunganya umushara uje imbere y’igihe

Dusanzwe tumenyereye ko abantu bama bakeneye amafaranga iminsi yose. Ni na co gituma n’iyo abakozi benshi bahembwe usanga agashahara kababanye gato cane uravye ivyo bipfuza kurangura. Umushahara rero uje imbere y’igihe nawo nyene uca ukoreshwa mu kanya gato kuko abenshi bakunze kuvuga ko bigoye kumara indwi zibiri ugifise ico wirengagije, na cane cane kubahembwa agashahara gato. Iyo rero ako gahembo kaje kare n’ukuvuga ko gaca gahera kare. Hama rero umuntu kugira asubire kurindira iyindi tariki yo guhembwa biramugora cane.

Nk’ubu tumenyereye ko abakozi batari bake bahembwa mu matariki ya gatatu na cumi. Iyo rero umushahara w’ukwezi gukurikira uje nko kw’itariki mirongo ibiri, ariho bari bagihembwa ayo ukwo kwezi, usanga bigoye kurindira iyindi tariki yo guhembwa kuko usanga bisa n’uko umuntu arindiriye amezi abiri. Umuntu arindira amezi abiri kuko usanga abanza gusimba ya tariko yari asanzwe yohembeweko kuko yahembwe hataragera.

Benshi rero hari igihe bikanga utwo dufaranga maze ugasanga baradusesaguye. Iyo rero bishitse bakiyibagira gutyo, usanga bibagora gusubira kurindira ya tariki basanzwe bahembegwako. Nk’akarorero, uyu mwaka w’2016, biravugwa ko hariho abatari bake mu bakozi ba Leta baronse umushahara w’ukwezi kwa 12 imbere y’itariki 15.Abenshi muri bo usanga batanashoboye kuwutandukanya n’uw’ukwezi kwa 11. Ubu rero niho bigiye kubagora kuko, nibahembwa ku biringo bari basanzwe bahemberwako, basosubira guhembwa nko kw’itariki 5 z’ukwezi kwa kabiri umwaka w’2017. Hazoba haheze nk’amezi abiri bahembwe. Abenshi rero, nk’igihe batovyifatamwo neza, birashobora kubagora.

Impanuro ku bakozi iyo bahembwe kare

Ni vyo abenshi baronka agashahara k’inticantikize, ariko rero, kubera kari gasanzwe kabatunze, barashoroba kukiyungunganyamwo ubuzima bukabandanya. Ni na co gituma nohanura abakozi bose bahemwe amafaranga y’ukwezi kwa 12 imbere y’uko guhera ko bohagabira. Turi mu bihe vy’iminsi mikuru irangiza umwaka. Abatari bake barashobora kujana n’ibirori maze ugasanga barasesaguye utwo dufaranga. Bigenze ukwo rero, bizobagora cane ko bashika mu matariki ya mbere y’ukwezi kwa kabiri batarinjira mu madeni menshi kandi nayo nyene azobagora kuriha. Abo vyokundira boziganiriza ukwo kwezi kugiye gutangura kuko kuzogora benshi mu kwitunga kwa minsi yose.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ndabaramukije,mu vy’ukuri ubiravye benshi bitwararika kubu gusumba kazoza.Kazoza rero burya niko kagoye na cane cane ko inda utayibwira ico wayihaye ahubwo uyibwira ico wayirarije.Kukaba nkakwo,harya indya iyo zihiye,ziba zitaye agaciro kandi burya iyo uhāzé,ni amaganya kuko uba uriko wegereza inzara ,yamara mu gihe ushonje,ni umunezero kuko uba uriko wegereza guhembuka naho vyoshika ntube ubona aho vyova.