article comment count is: 0

Terefone “Android”: iterambere ritanezereje bose

Iterambere ni ryiza cane ku gihugu n’abakibamwo. Uko ibintu bigenda birahinduka, niko hagira abo bizanira akunguko ariko ntibikunze kunezereza bose nk’uko Désiré Sezikeye aduha akarorero ku muzo w’amaterefone “Android”.

Haraheze igihe kitari gito mu Burundi hatanguye gukoreshwa terefone ngendanwa dusangamwo ubuhinga ngurukanabumenyi yitwa “Android”. Izo ngendanwa zirabandanya kugurwa na benshi. Ariko rero naho biri uko, uwo muzo ntiwahimbaye bose.

Abo iryo terambere ryafashije cane

Bamwe mu badandaza, bamaze kubona ko ubwo bwoko bw’izo terefone bukundwa na benshi, bafashe iya mbere mu kuzirangura ku bwinshi. Kugeza n’ubu rero, utembereye ahenshi zicururizwa nko mu gisagara ca Ngozi, usanga muri terefone zidandazwa nyinshi ari izo zirimwo ubuhinga ngurukanabumenyi. Eka n’abadandaza baravuga ko hari akarusho baharonkeye.

Umwe mu bo twaganiriye duhuriye kuri «BATA», mu gisagara ca Ngozi, muri amwe mu mazu asanzwe acururizwamwo izo ngendanwa, yari ahejeje kugura imwe muri zo yo mu bwoko bwa «BLU». Nagerageje kumenya  igituma ashimye kugura ngendanwa y’amafaranga arenga ibihumbi ijana kandi hariho n’iza make zishobora guhamagara. Nawe anyishura agira ati: «Ndayiguze mu ntumbero yo kugabanya amahera ntwara muri “cyber” kuko nkoresheje terefone birazimbutse cane kandi biranyorohera gusumba gukoresha imashini. Ikindi n’uko ico nshaka nshobora kugikorera muhira. Nivyo terefone za make zirashobora guhamagara ariko hari ivyo zidashora. Ni nayo mpamvu nashimye kugura iyizimvye kuko ishoboye vyinshi ».

Abo iryo terambere ritaziye neza

Nta gihe kinini kihaciye mu gisagara ca Ngozi ndahabona amazu agera kuri atanu yarasanzwe afasha abantu bakenye ubuhinga ngurukanabumenyi ariyo twita «cyber». Ariko, muri kino gihe, iyisigaye ikora n’imwe gusa. Iryo yugara ry’ayo mazu agera kuri ane ryatewe ahanini n’uko abayakoreramwo batasubiriye kuronka ivyashara nka mbere kubera umuzo w’izo terefone.

Naraganiriye n’umwe mu bahoze bakorera muri imwe muri ayo mazu, ariko na yo nyene yugaye muri kino gihe, ndamubajije imvo nyamukuru yatumye bugara yagize ati : «Vyatanguye neza na neza aho ishirahamwe ryari risanzwe riduha umuhora ryatangura kutudugirizako ibiciro. Mbere twariha ayagera ku bihumbi ijana na miringo itanu ku kwezi, mu nyuma bashira kw’ijana na mirongo indwi. Mu nyuma yaho kandi gato haca haza umugambi wo kugura imitekero, umugambi tutanezererewe kuko waca utuma dukorera mu ruhombo runini ugereranije na mbere. Uwankoresha  afashe ayo yinjije ku kwezi agakuramwo ibikoresho n’agahembo kanje, wasanga ataco asigarana nk’inyungu. Inyuma yaho, twarabandanije dukora ariko telefone zikoresha «Android» zimaze gushika zozo zaje zisongera isibe kuko ata benshi basubiriye kuza batugana. Hanyuma uwankoresha aca afata ingingo yo kwugara nanje mba ntakaje akazi gutyo».

Iryo yugara kandi ry’amacyber mu ntara ya Ngozi, ryaratumye bamwe mu banyeshure biga muri kaminuza yigenga ya Ngozi bagira ingorane zo kutaronka uwo bitura igihe bahawe imyimenyerezo isaba kugira ubushakashatsi ku ngurukanabumenyi kuko kugeza n’ubu hakora inzu imwe gusa mu gisagara cose.

Ku bwanje, abadandaza bokwama biteguye iminsi yose kugira ngo bahindure ningoga ivyo baba basanzwe bakora igihe ibihe biba bihindutse. Ivyo na vyo bikaba vyoshoboka igihe bishiriyeho akagega k’integabizoza igihe ibikorwa vyabo bikigenda neza kugira ngo kazobafashe igihe habaye impinduka. Akenshi, vyagiye biboneka ko iyo ivyo bihe bibashikiye ata yindi migambi baheza ngo barangure bivanye n’uko ata buryo baba bafise.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion