Haraheze iminsi mike Inama nshikiranganji y’Uburundi yize integuro ry’itegeko risubiramwo imfashanyo ihabwa abanyeshure bo muri kaminuza. Iryo tegeko rigategekanya ko abo banyeshure bazohora baronswa ako gafashanyo nk’ingurane bazokwishura bahejeje amashure yabo, bamaze kuronka akazi. Ariko rero, abatari bake, iyo ngingo yabateye amakenga bibaza niba izoza izanye akarusho canke itazosubiza ibintu hanyuma nk’ukwo Prosper Niyonkuru avyibaza.
Amahinduka mu bijanye n’itunganywa ry’ibisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu yamyeho. Igihugu iyo gikeneye gutunyanya gushasha ingene ibisata bimwe bimwe bikora mu bushikirangnji butandukanye, cama kibikora ariko bikaba mu ntumbero y’ukwo iryo tunganywa riba ryiza gusumba ukwo vyahora kugira haboneke akarusho.
Inama nshikiranganji iherutse kumenyesha ko hagiye gutunganywa gushasha uburyo bwo gutanga agafashanyo kahora gahabwa abanyeshure ba kaminuza za Leta, eka n’iz’abigenga baronse amanota meza muri ca kibazo ca Leta gitaga uburenganzira bwo kuzinjiramwo. Ako gafashanyo rero kakaba kagiye gufutwa kugira gasubirizwe n’ingurane izorihwa n’abanyeshure bahejeje amashure yabo bamaze kuronka akazi.
Amakenga kuri iyo ngingo
Maze kwumva iyo nteguro, nagize amakenga n’ibibazo vyinshi nibaza ingene ibintu bigiye kugenda. Muri kino gihe igihugu cacu gisanzwe arico kiza kw’isonga mu bihugu bitaraterimbere, nibaza ukuntu umunyeshure azoshobora kuriha iyo ngurane mu gihe tubona ko n’abahejeje amashure yabo bitacoroshe kuronka akazi. Mbega leta yoba igiye gushiraho ivyankenerwa vyose kugira ako kazi kazoboneke kuri bose maze bazorihe iyo ngurane vyoroshe?
Muri rusangi, iyo umuntu akenye ikintu yama arondera uwo yitura kugira amugurane akazomusubiza aronse uburyo. Iyo nyene kwakwa ingurane agize amakenga ko atazohava yishurwa, baca bikora ku ngwati. Iyo nayo ikaba ahanini igizwe n’itongo, igitungwa, canke ikindi kintu cose mu vyo uwurondera ingurane atunze kinganya agaciro n’ico agurana. Adashoboye kuriha kw’isango bapfunditse, niho hashobora gufatwa ya ngwati.
Ico tuzi n’ukwo ingurane yamye itoroha kuriha nk’ukwo dukunze kubibona ku bazisaba mu mabanki. Mbega ko n’amatongo abarundi bahora bikorako mu kugwatiriza yamaze kwaga, bizogenda gute kugira umwana wa nyarucari ashobore kwiga? Kuruhande rw’abanyeshure rwo, ako gafashanyo kari gasanzwe katanakwiye. Abo rero ntibahengeshanya gusaba ko kokwongerezwa kugira bashobore kubaho neza bongere barangure neza imirimo yabo. Ni igiki cotwizeza ko iyongurane ije gutorera umuti izongorane zari zihasanzwe? Hamwe iyo ngingo itoba ije yishura ku bibazo nk’ivyo, jewe ndabona ko, aho kuzana akarusho, ishobora kuza ihuhura n’ivyahuha.
Ico umuntu yosaba abafata ingingo
Ntawokwanka amahinduka na cane cane iyo aje mu gihe ciza kandi atahurwa neza n’abo yega. Ni vyiza ko ingingo nk’izo zifatwa zabanje kwigwako neza imbere yo gushirwa mu ngiro kugira ngo ntizihave zigira ingaruka mbi nyinshi gusumba ivyiza abantu baba bari bazitezeko. Igisata c’indero ni wo mushinge w’iterambere ry’igihugu kuko atancabwenge zibonetse n’igihugu ubwaco coba kigeramiwe. Abajejwe gufata bene izongingo barakwiye kubishiramwo ubwitonzi kugira ngo ntizihave zica akokize.
Ko Igihugu Ar’umuvyeyi Watwese, Tukaba Tuziko Benshi Mubafata Iza Ngingo Iyo Bataronka Bourse Amashure Yabo Yari Kuba Yahereye Muri Secondaire, Kuki Bashaka Ko Aritwe Tutiga Nk’uko Bize? Bize Banya Amata Kw’ishure, Barya Inyama,… Ivyo Vyose Ntibikibaho. Na Bourse Nayo? Umwana Yankwa Niwe Akura! Naho Ababo Biga Hanze Suko Baturusha Ubukerebutsi, Nuko Umuvyeyi Wacu(uburundi) Hariho Abo Yagize Inkundwakazwa Bitari Bikwiye.