Mu mwaka w’2020, umukuru w’igihugu c’Uburundi yaremereye abakozi ba Reta, bagiye mu za Bukuru, kubatekerera amafaranga angana n’ayo bahora bahembwa igihe bakukuruka. Naho hari amategeko mperekeza ajanye n’iyo ngingo yasohotse, abakukuruke ntibarahabwa ayo mafaranga inyuma y’imyaka yababa 5. Mu bayemerewe, […]
Akazi
Ba “bosi”,agahembo muduha si ako kurundarunda gusa
Inyuma y’amajambo y’Umukuru w’igihugu aherutse guhererekanywa ku mbuga hwaniro aho avuga ko agahembo k’abakozi bo mu nzu ari ako kuziganya gusa, ataco bayakoza, uno mwanditsi we, mu kibanza c’umukozi wo mu nzu, yahisemwo kwandikira ba « databuja » na ba « mabuja » baryagagura […]
Ibaruwa ku mukoresha: “Nyakwubahwa, ndarushe!”
Mu gihe abakozi b’ ibisata bitari bike vy’abikorera utwabo mu Burundi bamerewe nabi : bahabwa agashahara k’intica ntikize, bakora ata masezerano y’akazi bagira ndetse ntibavuzwe ntibanaziganirizwe, umwe muri bo yashimye kwandikira umuyobozi mukuru [wa Sosiyete yafashe ko iserukira ico gisata] agaragaza […]
Akabaruwa kuri Lumitel: “Ingingo mwadufatiye ni yo kutwomora!”
Haherutse kuba impinduka muri Lumicash, igisata co guhanahana amafaranga biciye muri terefone c’umuhora wo gutumatumanako amakuru Lumitel. Kuva ku wa 2 Munyonyo 2024, guhanahana amafaranga muri ngendenwa hagati y’abakozi batobato, “agent-agent”, bagukata amafaranga angana n’ibice 0,3%, mu gihe vyahora bikorwa […]
Akabaruwa kuri Akabahinga: “Mu buto bwawe, uratwereka n’ubutore !”
Umukuru w’igihugu aheruka kugomwa umusore akiri muto, Quesnay de Jésus Akabahinga w’imyaka 26, kugira abe umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe ubutare n’agataka. Akabahinga asanzwe yaranonosoye ibijanye n’igisata c’ubutare mu mahanga. Uno mwanditsi wa Yaga yahisemwo kumwandikira akabaruwa ko kumutera intege amwibutsa […]
« OTB, ONATEL, ODECA, BBN, ADB, OPDD, … » : akabaruwa ku bategetsi bashasha
Mu kwezi kwa Rusama 2024, ibigo bimwe bimwe vya Reta mu Burundi vyarahinduriwe abategetsi. Kugira ntihabandanye itunganywa ribi n’igabanuka ry’umwimbu w’ivyo bigo, uyu mwanditsi arahanura abategetsi bashasha, akabavunira n’akagohe k’ivyo bokwirinda.
Umusi mukuru w’abakozi n’akazi : “Nari guhimbaza ariko…”
Nk’uko vyama, uko umwaka utashe, umusi mukuru mpuzamakungu ngarukamwaka w’abakozi n’akazi urahimbazwa mu makungu, n’ino iwacu i Burundi tudasigaye inyuma. Uyu musi ushitse Abarundi baba abafise akazi, eka mbere n’abakirondeza, bari mu bibazo bitoroshe. Uwu mwanditsi akabona ko guhimbaza, ku […]
“Simpembwa ndahendwa” : amarira y’umuzamu mu gisagara ca Bujumbura
Aho abandi banezerererwa akazi, Joseph yamana agahinda ku mutima. Ku murango ni umunyeshure wa kaminuza, bwagoroba akaba “umusiti”. Ari muri bake bavuga ko batomboye bakaronka akazi, ariko ntatahura neza ivyo arimwo aravye ukuntu akora amasaha arenze bikarangira ahembwe intica ntikize, […]
Nyakwubahwa mushikiranganji, nta wucerwa abishaka !
Ko umutegetsi ahimiriza abakozi gushika ku mirimo hakiri kare ngo bakore ico bajejwe ni ikintu co gushima ; kuko n’umwimbu mwiza uheza ugakurikira. Ariko, mu gihe hahimirijwe ingingo y’uguhana bagahasha abacerewe harimwo no gushobora kubasubiriza, aho harimwo agahaze, nk’uko aba […]