article comment count is: 0

Umusi mukuru w’abakozi n’akazi : “Nari guhimbaza ariko…”

Nk’uko vyama, uko umwaka utashe, umusi mukuru mpuzamakungu ngarukamwaka w’abakozi n’akazi urahimbazwa mu makungu, n’ino iwacu i Burundi tudasigaye inyuma. Uyu musi ushitse Abarundi baba abafise akazi, eka mbere n’abakirondeza, bari mu bibazo bitoroshe. Uwu mwanditsi akabona ko guhimbaza, ku bwiwe, bitari bikwiye kugenda uko bigenda ubu.

Mu gaturuturu. Nk’uko vyama, navyutse ntora igikoresho c’akazi ndaba ikivi naraje aho kigeze. Ariko imbere y’aho nabanje kuraba muri ngendanwa, nshikiza amaso ku butumwa mu muryango uri aho wa Whatsapp bwo kwipfurizanya umusi mukuru mwiza w’abakozi.  Jeho nta n’ivyo nari ncibuka. Kukaba nka kwo nari ndanafise na gahunda y’akazi nategerezwa kuzindukiramwo nk’uko bisanzwe.

Ubwo butumwa nta kintu na kimwe bwampinduriye kuri  gahunda, nyabuna bwantumye ntangura kwiyumvira ku buzima umukozi w’umurundi abayemwo muri ino misi.

Imirongo no gucerwa

Icatanguye kunza mu mutwe mu bihanze umukozi uno musi, ijambo umurongo ryaje imbere. Iyumvire namwe : mu kwiyunguruza, ni ugutonda umurongo, hari naho atondera ubusa akaruhira kuhaha ibirenge, abakiri bato bo bavyita kuharya i regae. Ivyo rero bituviramwo gucerwa ku batari bake. N’uwugize ngo arafise ico yiyunguruzamwo, kugira aronke agatoro ashiramwo, abanza gutonda, akakaronka yakobeje, ku gihamana.

Ivyo vyose bikaba, yavuye i muhira ata n’akayi anyoye kuko agasukari yari gushiramwo yabuze uko agatondera ngo akaronke. Ntitwiyobagiza ko hari aho aba yavuye i muhira yoze ku magendera kuko amazi nayo ahatari hake, n’aho ariko yiha inkumbi mu Gatumba, kajaga n’ahandi, we yarayabuze. Kuyaronka ni igihamana.

Nta “wudefila” yidoga

Ngisohoka urupangu ngize ngo ndagenda gufata ikinyunguruza, nasanze ku gituro co hafi y’iwacu hatonze umurongo muremure, habuze n’iy’umuti. Hari abariko baridoga ko bagira batebe bahebe bagende n’amaguru. Muri bo, harimwo uwo twiganye, ubu akorera Reta. Yakize kumbona aca aza angana, atangura kunyagira ko ariko arihuta nawe ategerezwa kuja kuri “defile”. Ngo bari bamubwiye ko bitangura isaha zitatu z’igitondo. Niko kumubwira ko twoba turagenda n’amaguru kuko bisi zari zakenye.

Ni uko duterera mu kayira. Aca agenda aranyiganira ko yababaye kuko kuri uno « musi mukuru w’abakozi » ku kazi iwabo babafashe nabi. Ico yabikurako, yavuga ko hambere bahora babaha ibitenge bakabaha n’amahera bakisoneshereza. Uno musi, bari babaguriye udupira dusanzwe cane, mbere n’inkofero nta n’izo babahaye. Uko nyene bagiye kwirirwa ku ruzuba ». Kukaba nkako ryari ritanguye kugamburura n’aho hari hakiri kare.

Turakomeza urugendo.

Ivyivugo n’ibindi vyivugo

Twegereye hafi y’ikibuga citiriwe Intwari, cahoze citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore,  amabarabara yari yuzuye abantu biteguriye kugira « defile », n’ivyapa. Hari abari bamaze gutonda mw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira. Abandi ariko bari buzuye mu ryitiriwe Uprona, nabo nyene bafise ivyapa. Ariko muri abo, hari abari bafashwe neza bari bafise igitenge, ndavye wa mugenzi twari kumwe ku maso, nsanga ari kubatamarira, ubona neza ko naho atabivuga ariko aranunkwa.
Niko kumuteburako, nti wabonye abafashwe neza none uratakaye. Arandaba aca aratwenga.

Ndavye hirya, niho nabona umuntu afise icapa, izuba ryababuye bikwiye, yajondamitse izosi. Uravye uko yasa mu maso, uburuhe n’intuguta, ntaho vyari bihuriye n’amajambo yari ku capa ateruye. Nca nibuka ko muri abo bagira batambuke “defile”, hari amashirahamwe asanzwe yidogerwa ko ariko akora nabi, ariko nayo nyene akaba afise ivyivugo bisa nk’ico nsomye.

Abatari bake mu bari aho, baboneka ko barushe. Kiretse umukenyezi umwe yari yambaye ikanzu y’igitenge yaguma asaba uwo abonye hafi wese amufate agafoto. Uwuri hano yaboneka nk’uwo bari bazirikiye mu biro, gusohoka vyamuhimbaye yariko aravyigina. Abandi bobo, uburuhe bwari bwiyanditse mu maso, naho hari hakiri kare.

Nihweje abo bantu bose, numvise ndiko ndwanirwamwo n’udutima tubiri. Natanguye nibaza igituma vy’ukuri uwo musi tuwuhimbaza nk’uko tubigira. Aho kuzana ivyapa bivuga ibidahuye n’ibiri mu mitima y’abakozi babiteruye, kuki nyabuna batoza kugira “defile” bafise ivyapa bigaragaza vy’ukuri uko biyumva mu mitima. Bahimbawe, bakandikako amajambo ahimbaye, badahimbawe nyene, bagashiraho ivyivugo bishira ahabona ako gahaze ndetse n’inzira zishoboka zo kubitorera umuti. Reta, nka kizigenza mu bakoresha, yoheza ikabona ibisata vyo kwitondera, ibikesheje. Gutonda, mu nyuma bakaja gusangira urukanywa bizoshikana hehe igihugu, mu gihe duhendana dusigana inkore ku maso ?

Akandi gatima kambwiye kati : ni uguhimbaza kuko n’abadafise ako barirana barahangayika ariko ntibibabuza gutwenga.

Ako kanya, naciye nsubira ndihweza abantu bose bariko begerana kugira baryoshe ibirori n’ivyapa bigoroye, nca nsezera wa mugenzi nigira ku murimo wanzindukanye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion