article comment count is: 2

“Simpembwa ndahendwa” : amarira y’umuzamu mu gisagara ca Bujumbura

Aho abandi banezerererwa akazi, Joseph yamana agahinda ku mutima. Ku murango ni umunyeshure wa kaminuza, bwagoroba akaba “umusiti”. Ari muri bake bavuga ko batomboye bakaronka akazi, ariko ntatahura neza ivyo arimwo aravye ukuntu akora amasaha arenze bikarangira ahembwe intica ntikize, n’ubwo busabusa abwivuzamwo.

Nakoze umwimenyerezo (formation) w’izamu mu kiringo c’ukwezi n’igice, ata gusiba canke gucerwa, ngahembwa inzara n’inyota. Imigirwa yose ijanye n’ako kazi narayikurikiranye. Naremanze ko ngiye gucunga abantu n’ibintu neza, ngahangana n’umwansi wese yoza kwonona ivyo mbwirizwa gucunga. Gutegurwa birangiye, hari hasigaye ko ndonswa ibikoresho vy’akazi bikwiye maze nkabona kuja ku kivi.

Mu nyuma, twe n’abo twakoranye « formation » baradusavye amadosiye. Natanze urupapuro rw’umutsindo, igopi ya karangamuntu n’urupapuro rw’umwishingizi, tubona guhabwa ibikoresho vyo guhangana “n’umugizi wa nabi”. Umwe wese yaraheza agahabwa umwambaro w’impuzu z’akazi n’agahiri (matraque) kitwa ngo ni ako kwivuna umwansi. Nta mpuzu yo kwikingira imbeho canke imvura (imperméable). Eka nta n’igikoresho co gusuzuma umuntu (détecteur à métaux), nta firimbi canke iradiyo vyo kwitabariza iyo bishitse ngaterwa nahawe.

Nabona ko akazi ngiye gukora katoroshe, nshira ubuzima bwanje mu minwe y’Uhoraho. Turaheza twurira imodoka, badutwara aho umwe wese azokorera. Badutwarana inzara mu nda. Mpfa kwiyumanganya mugabo ata n’amate ngifise.

Banshira kure aho bisaba ko mu kugenda mfata ibisi canke nkemera kugenda urugendo rw’isaha n’ igice n’amaguru. Ndarya umutima amenyo ngatondayo kuko ata yandi mahitamwo narirya aho nkorera amakinga n’amapikipiki aca amafaranga atahahonyoza ipine.

Amabanga abiri agoye kubangikanya

Nibaza ko izamu n’ishure kubibangikanya bizokworoha. Umurango nkawuhebera ishure, ijoro ngasoma ivyo nize ndi kw’izamu. Ariko si ko vyahavuye bigenda. Ubu ncunga ihinguriro bakora ijoro n’umurango. Ndara mpagaze. Kuryama ni umuziro. Icibagiwe co ni umwanya wo gusubiramwo ivyo nize ku murango.

Kubera urugendo rurerure mfata ngiye kuri ako kazi, mw’ishure ivyigwa vy’amasaha ya nyuma sindabikwirikirana. Inzara n’itiro bitanguranwa kunkubagura. Niga amaha 2 mu masaha 4 y’ivyigwa vy’umugoroba. Isaha cumi igeze, mpereza ibikoresho umugenzi ngasiga umwigisha mw’ishure. Ivyo vyose vyankwegeye kuyoberwa. Aha rero sinibeshere n’iryo joro nitwa ngo ndaraririye, mba ndiko ndatura inginga, ngoyagoya kubera kwigonya.

Impembo ntindi

Biragoye ukungene wokwumvisha uwumbonana agasakoshi i mugongo buri umusi, kurara hanze amasaha ashika kw’icumi n’atatu 13h (kuva isaha cumi n’imwe z’umugoroba gushika isaha imwe y’igitondo bukeye) ko impembo yanje ku kwezi ko ari amafaranga ibihumbi mirongo itandatu y’amarundi (60 000 BIF). Naho nyene ngahembwa ukwezi kugira kabiri kugira kurangire. 

Iyo dushize mu biharuro uwo mushahara, ku musi dutora amafaranga 2000. Tugerageje guharura kw’isaha nkorera amafaranga 433.3. Nkibaza ni akazi canke ni uruhendo? Iyo ni yo mpembo rero nkeneramwo gufungura, kuriha inzu, ibikoresho vy’ishure, no kwivuza, kwipakiza n’ibindi.

Ibikanganyoni n’amayeri

Aho nkora nta mpuhwe. Inama ziduhuza n’abayobozi bacu ziraba bakatwizeza uburusho, ariko tuvanye kakaba akamizwe n’ingoma. Nta gushimirwa ngo wakoze neza. Imyaka ibiri irarumanye nkora, yamara nta masezerano y’akazi  ndaronka (contrat du travail). Umushahara uracari uwo nahereyeko, nta kuruhuka bibamwo, nta kuvuzwa canke ngo nziganirizwe muri INSS. Hakongera umushahara, baguma barikanuye baraba ko ata wugwa mu gakosa kugira bamukate n’ubusa asigaranye, kandi akatwa ayarenze kure ayo yakoreye uwo musi.

Ese uwombona nagaye mu mpuzu ziri hano ! Yogira ngo ndi igihangange, na ho shwi. Birababaje ukuntu barenga ku mategeko ataco binona. Kandi ivyo biri aho nkora numva ngo n’ahandi (naho atari hose) ngo ntihera. 

Abikora kuri bene ayo mashirahamwe nk’iryo nkoramwo, ico batazi ni uko ibintu vyabo bitaba bicunzwe neza. Bishitse hakaza abagizi ba nabi, singira n’ukuntu notabaza. Nta bikoresho vyo gutabaza mfise. Agaterefone naho ndagafise, ata ma « unités », ni ako kwitaba gusa. 

Gukurikiza amategeko agenga akazi, kuyaga bahuza hagati y’umukozi n’umukoresha, ni vyo vyonyene vyoshobora gutezurira twebwe abazamu.

 

*Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Namayobera .
    Leta irakwiye kuraba igashiraho amategeko agenga amashirahamwe yigenga kubijanye n’umushahara kuko 60.000FBu ni intica ntikize kuko kumusi dufate ko afunguye 2000,none wumva yoheza akifasha mutundi muyahe mahera.Mbega ho nihehe yoheza akaronka ibifungurwa vy’ayo mafaranga?
    Icibagiwe co ni karya gakoni babaha,karya vy’ukuri ni igikoresha c’ukwivuna umwansi?

    Birya jewe ndavyita investissement humain.

  2. None imyaka yose abavyeyi bakujana kw’ishure ukarinda urangizz KAMINUZA bakubwiye ko bariko bakwigishiriza UBUNYEZAMU? Shima ivyo uhembwa kuko nokubwira ko ntabwenge ugira ,izamu n’uwutaciye muri YAGAMUKAMA arikora kandi bikzgenda neza!rero nimba wize kugira uzokore ubuzamu ,reka kirenza urusaku ,abandi mwiganye bakubwiye ko KAMINUZA ar’iyizamu?canke vyakunaniye kwiyumvira ngo werekanye ko waminuje uca Ahungira muvyoroshe ?