article comment count is: 0

Nyakwubahwa mushikiranganji, nta wucerwa abishaka !

Ko umutegetsi ahimiriza abakozi gushika ku mirimo hakiri kare ngo bakore ico bajejwe ni ikintu co gushima ; kuko n’umwimbu mwiza uheza ugakurikira. Ariko, mu gihe hahimirijwe ingingo y’uguhana bagahasha abacerewe harimwo no gushobora kubasubiriza, aho harimwo agahaze, nk’uko aba bigisha bavyigana.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Myandagaro 2023 niho hahimbazwa umusi mukuru w’amakomine. Iyo yawuhimbarije, Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse yaragabishije bamwe mu bakozi ba Reta, na canecane abakorera mu gisata c’amagara y’abantu n’abigisha. Avuga ko hari n’igihe bishika bagacerwa barindiriye ababunguruza batasezeranye, ibituma uwo mushikiranganji abashira mu mugwi wa barya badakora, ari naco gituma yagabishije abacerwa ku buzi ko  bagiye gufatirwa ingingo ruhasha harimwo no gusubirizwa. 

Nta kabura imvo

Biragaragara ko imwe mu mpamvu nyamukuru zituma abigisha bacerwa ku buzi ari ingendo ndende bagira baja aho bakorera. Ivyo bikaba uko mu gihe n’agashahara bahembwa badashobora kugakuramwo uburyo bwo kwiyunguruza buhagije ukwezi kwose. Aha rero bikaba ngombwa ko bagenda umwanya munini n’amaguru canke bakinginga abo bahuye bafise imiduga ngo babunguruze iyo bafata inzira imwe. 

Ibi bikunyurwa n’iyo bishitse umwigisha agahindurirwa aho yahora yigisha yaba yamaze kuhashinga umuryango, akungururizwa kure cane. Bonaventure* wo muri komine Ruyigi, intara ya Ruyigi amaze imyaka itatu yigisha mu Rusengo atwiganira ati : 

« Kuva aho mba gushika aho ndangurira akazi ka misi yose, ni ibirometero 18. Ku musi ntegerezwa kugira urugendo rw’ibirometero 36 kugenda no kugaruka, bikaba kane mu ndwi. Aha rero, dutegerezwa gushika twiyandika tukanasinya imbere y’uko akazi gatangura ; ni ukuvuga isaha imwe n’iminota mirongo ibiri n’itanu. Inyuma y’iminota cumi iyo kaye ica ijanwa mu biro vy’umuyobozi ». Kugira abishobore, yasavye ingurane agura agakinga kugira ahagende mu mwanya muto. Ariko n’ubundi urugendo rwagumye rumuvuna narirya uwo bubakanye nawe yigisha kw’ishure ritoya ry’i Kigamba riri ku birometero hafi cumi uvuye aho baba. Akagira ati : « Bidusaba akigoro gakomeye kuko ntituri buhebe umwuga, ariko dukora tubabaye kuko ubuzima buguma buzimba. Twama mu madeni y’urutavanako kandi n’ivyo dufungura biba ari ivyo twarimye. Iyo aba iyo ngingo yofashwe harubatswe uburaro bw’abigisha canke hakaba imodoka z’ishure zitwunguruza twoshimye nayo ubu sinibaza ko vyokunda. »

Uko zivugijwe niko zitambwa

Ku bwo ugutinya gutakaza akazi, bamwe mu bigisha bahitamwo kwimukana umuryango, canke bagasaba ingurane ngo bikunde ko bubahiriza amasaha y’akazi.

Eliane* aba mu Bukeye akigisha ku birometero 15 kw’ishure ritoya ry’ahitwa mu Gashishima hafi y’ishamba rya Teza. Amenyesha ko yahisemwo kwimukira hafi y’iryo shure kuko atabona ukundi yobigenza mu gihe yagenda urugendo rw’amasaha atatu n’igice buri musi.

Ntibimworohera kuko yasize abana mu bukeye n’umushingantahe, ataha ku wa gatanu akagaruka ku wa mbere kare cane ngo ntacerwe. Nk’uko avyivugira, agumana umwitwarariko w’indero y’abana mu gihe atahari, ivyo bikamuhungabanya mu kazi kiwe ka misi yose.

Umuti woba nyabaki ?

Ku bwanje, iyo ngingo ni nziza kuri bamwe bacerwa babifisemwo uruhara. Ariko yari ikwiye kwitonderwa ku batabifisemwo uruhara ; hakaba umwihwezo ukwiye hagati y’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubw’Indero, bakagira ico bapfunditse ku neza y’abana b’igihugu hisunzwe n’imyitwarariko y’abakozi ba Reta.

Icongeyeko, imishahara y’abigisha n’abakorera mu gisata c’amagara y’abantu  yoshirwa ku gihe kugira ngo bano bakozi ba Reta ntibacike intege, nyabuna bahabwe agashirukabute gashobora gutunga imiryango yabo, bikanakunda n’uko biyunguruza bagashika ku buzi ku gihe.

Ikindi ni uko Reta yofasha hakubakwa uburaro bw’abigisha hafi y’aho bakorera, mu gihe bitarakunda naho, bakunguruzwa n’imodoka z’ishure kugira akazi kagende neza.

Ku bwa Bayubahe Bénoit, umuyobozi w’ishure shingiro ryo mu Kanyosha, vyari vyiza ko ubushikiranganji bworenganura abigisha bungururijwe kure y’imiryango hisunzwe amategeko, bakagarukanwa hafi y’imiryango, bakore batekanye. Nayo ahakenye abigisha, hakaja abashasha bakiri bato bagahabwa akazi hisunzwe aho bavuka.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion