Mu kwezi kwa Rusama 2024, ibigo bimwe bimwe vya Reta mu Burundi vyarahinduriwe abategetsi. Kugira ntihabandanye itunganywa ribi n’igabanuka ry’umwimbu w’ivyo bigo, uyu mwanditsi arahanura abategetsi bashasha, akabavunira n’akagohe k’ivyo bokwirinda.
Banyakubahwa,
Nkundire mbakeze ku bwizigirwa muherutse kugirirwa mu mabanga mashasha muheruka gushingwa. Bamwe bazobakeza bababwira ko mwaronse ivyicaro vyiza, ariko mukabifata nk’ivyicaro hakubifata nk’umutwaro, ntaho tuzoba tuvuye ntanaho tuzoba turiko turaja.
Turazi ko uwabagenye n’umugambwe wabatanze hari ivyo babitezeko, ariko murama mwibuka ko n’abenegihugu batabazi hari ivyo babazeyeko. Muririnda gushimisha ababagenye, ariko muvyo mukora vyose mwibuke kurondera ineza y’igihugu n’iy’abenegihugu. Ico ndakibasavye mfukamye.
Gutez’imbere ibigo babashinze s’igikorwa kizoroha. Eka namba. Tereza ijisho murabe uko abababanjirije vyabataye kuw’amazi. Mutegerezwa rero kutamera nk’abo, mukambara ibirwanisho vy’ivyiyumviro bizima, mukabikenyeza ibikorwa biboneka, mukavyambarira ku bushakashatsi n’ubuzima buzira amanyanga.
Erekana ubudasa
Uburundi twipfuza murabona ko ataribwo tubayemwo. Kugira tubushikeko muri irya mbonakazoza ya 2040 na 2060, mutegerezwa gufata iya mbere. Tangura mwicishe bugufi, mwifate nk’abatazi na kimwe, hama musome ibitabo mwige uko abandi mu bindi bihugu bashoboye gutez’imbere ibigo nk’ivyo. Ubuhinga bw’ugukora nka « Lean Manufacturing» bw’abayapani canke uko abategetsi nka « Lee Kuan Yew » wo muri Singapour canke ibitabo vy’umwanditsi w’umunyamerika yitwa « Robert Kiyosaki » bizotuma mugira ivyiyumviro bizima bizotumbereza ukwo ubu mwiyumvira kuzorongora ivyo bigo.
Muriga kwikora kuri uwo wese yogira ico abafasha mu guteza imbere aho mutwara, mutitaye na gato ku budasa ubu na buriya, bwaba ubw’ivyiyumviro, ubwoko canke ubw’uburukoba. Mwari muzi ko uwigeze kuturongora Bagaza yanakoresheje abazungu b’abahinga mu bushikiranganji bwinshi kugira ashikane igihugu kw’iterambere muvy’ubutunzi? Namwe ntimwitinye kuko n’ibihugu vya rutura usanga bikoresha abirabure b’abanyafrika, abadimudimu canke abayahudi babona ico bobungura.
Ntimube ba niryo
Kugwiza umwimbu ntibizoroha mu gihe mutabanje gutorera inyishu icatumye umwimbu ugabanuka. Ivyo navyo hari ivyo muzosanga bibarengeye. Ariko kugira bitorerwe umuti, muraba abahanuzi beza b’umukuru w’igihugu, ntimube ba ntirumveko ngo mwotakaza ivyicaro vyanyu mu kwinumira, canke ngo mumusige inkore ku maso ngo vyose biriko bigenda neza naho biriko birayangara.
Muririnda igiturire, ubusuma n’amanyanga, kuko nivyo vyatumye abo musubiriye ataho batugejeje. Mufise amahitamwo: mushobora gukora nkabo tukaguma hahandi ndeste bikanunyuka, canke mushobora guhindura ibintu igihugu kikarokoka. Nimwavavanura n’iyo ngeso y’ukunyonyeza canke kuja mu manyanga, muzoba mur’abagabo. Muriga kuvuga “Oya” ku bihangange bizoshaka kubayovya naho mwobizira, kuko ibanga ribangirwa ingata.
Amajambo make, ibikorwa vyinshi
Muravuga make kuko icishe abategetsi benshi n’uko bemera vyinshi badashobora gukora. Muragwiza ibikorwa gutyo ibikorwa abe arivyo vyivugira. Muririnda gufata ingingo zifatiye ku bishobisho, ahubwo muhuze umutima w’ugukunda igihugu n’ubwenge buri mu bwonko bwanyu, mumurikiwe n’ibiharuro n’impanuro, gutyo niho hazogira ico mutugezako.
Benshi muri mwebwe s’irya mbere muja mu mabanga nk’ayo. Hari abahinduriwe amabanga mwayahoramwo. Mwibuke ko kuba tuba mu Burundi budasa n’ubwo twipfuza mubifisemwo uruhara kuko aho mwahora ataco mwigeze mukora ngo ibintu bibe vyiza gusumba. Amabanga mashasha n’ababere intango nshasha.
Muribuka kutinjiza politike muvy’akazi kuko ivyo nivyo vyishe vyinshi. Nimwaha akazi uwudashoboye ariko harico mwitwaje atari ubumenyi n’ubushobozi, menya ko namwe muzonanirwa nk’abandi bababangirije. Bibaye ngombwa, murigwizako abakozi bashoboye, ingwiza murongo muzitaramure mwisunze amategeko. Ariko ikiruta ikindi, murabaja imbere mubahe akarorero mu gukora cane, ntimwishinge kwigumira mu biro birimwo akayaga keza n’imiduga myiza itigera ibura igitoro.
banyakubahwa, ngo «akami ka muntu ni umutima wiwe », nkundira ndabipfurize amabanga meza, ndabibutsa ijambo rya Rwagasore aho yavuga ati « Tuzobarabira kuvyo mukora, maze ugushima kwacu kube ivyishimo vyanyu ».
Mwavuga, n’uko abo mubwira bibaca inyuma y’amatwi. Hari n’abo bica mu gutwi kumwe bigasohokera mu kundi. Courage Yaga