Umukuru w’igihugu aheruka kugomwa umusore akiri muto, Quesnay de Jésus Akabahinga w’imyaka 26, kugira abe umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe ubutare n’agataka. Akabahinga asanzwe yaranonosoye ibijanye n’igisata c’ubutare mu mahanga. Uno mwanditsi wa Yaga yahisemwo kumwandikira akabaruwa ko kumutera intege amwibutsa ko “ibanga ribangirwa ingata”.
Kuri Akabahinga,
Sangwa amabanga mashasha! Ubu nandika aka kabaruwa, imisi iharurwa ku ntoki wizewe ukagenwa nk’umuyobozi mu gisata c’ubutare. Kumbure ubu nturitora neza, uracitaza. Mu kurindira ko ubifata mu ntoke, reka tube turibukanya ibijanye n’ico gisata c’ubutare mu Burundi.
Muyobozi we, ico nshimye guherako, ni ukukwibutsa ko uri muri bake mu rwaruka, bari mu bibanza bifata ingingo mu Burundi kugeza uno musi. Ndakwibutse kandi yuko uri umwe muri rwa rwaruka rw’Uburundi rusanzwe rugera ku bice 65% vy’Abarundi bose, ukaba wizewe gutwara igisata gikomeye gifatiye runini ubuzima bw’igihugu. Ariko rero, sinokwibagira gushimangira ko ico gisata nyene gisanzwe kitorohewe na gato muri kahise, harimwo n’aka hagufi cane.
Kuva umukuru w’igihugu Ndayishimiye ashika ku butegetsi, yama yidogera ibibera mu gisata c’ubutare. Aho yavuga ko ico gisata kirangwamwo ubusuma kandi bukorwa n’abategetsi bo hejuru. Harageze n’aho ahindura amasezerano ari muri ico gisata avuga ko yarimwo igipfungu, ivyatuma igihugu gihomba bimwe bibabaje.
Mu 2022, umukuru w’igihugu yaridogeye kandi ingene ibinogo biri i Kabarore mu Kayanza, birangaye kubera vyimbwemwo ubutare, ariko akaba ata n’amakanda y’urwasha na rumwe ruvuye muri ubwo butare yigeze aboneka mu kigega ca Reta. Yaranadomye urutoke ku bagwizatunga bamwebamwe, ababaza iyo amahera y’ubutare bayashize. Abavyibuka baravyibuka; kumbure nawe uravyibuka.
Kandi bisubiye, Muyobozi, ntiyarira busema. Iyumvire nawe Uburundi kuva bwikukira bwarimvye ubutare, mugabo nta kintu gifadika burahanoba, igihugu kiracari mu bukene. Ivyo urumva ko bitumvikana.
Akazi karahari …
Kuva iyo myaka irenga 60 ubutare bucukurwa, Uburundi buracimba mu buryo bwa kera. Haracakoreshwa amasipiri, ibiheza bikazana uruhombo ku gihugu, ibice 60% vy’ubutare bigatakara. N’amafaranga yinjira mu kigega ca Reta aguma ari intica ntikize. Mu 2011, ivyigwa vyerekana ko igisata c’ubutare cinjiza igice 1% c’umwimbu rusangi w’igihugu (PIB). Erega n’uno musi wosanga tutari kure y’ayo.
Duherutse kumenyeshwa n’abahinga ko hari ubutare buri ahitwa i Murehe, mu ntara ya Kirundo, aho batwijeje ko hari amatoni arenga imiriyoni 15 y’ubutare bwitwa “Coltan na Cassitérite”. Ayo, nk’uko vyavuzwe n’abo bahinga, ashobora kuvamwo amafaranga agera ku miriyaridi ibihumbi mirongo itanu vy’amadorari y’Abanyamerika. Ivyo rero Akabahinga, itunganywa ryiza rizohindura ibintu igihugu kikogorora ni vyo tukwitezeko.
“Ubutare bukeneye abantu bafise ubuntu n’umuco …”
Muyobozi Akabahinga, ubutare kuba bwarubutse, ni vyiza cane. Ariko rero kugira vy’ukuri bugirire akamaro Uburundi, ni uko isarurwa ryabwo rikorwa neza, n’abantu b’umutima runtu. Ahandi hoho, birashobora kuba nka ya nkuru ya za mbeba zarengera mu gitiba c’amasaka zigasanzaza. Yaba uwimbuye, eka na za mbeba, uwo mwimbu ukabapfako ubusa. Natwe nta kabuza ko utahamereye magabo bitubana bityo.
Kuri ubwo rero, urakenyera zigume. Inyuma y’irya nkuru y’amabuye y’agaciro yabonetse mu Kirundo, ubu Uburundi bwose nta kindi buhanze amaso. Abarundi bafise icizere ko bagiye kuronka amafaranga y’agaciro azofasha kugira haboneke igitoro, isukari, imiti, ifumbire n’ibindi.
Uti uzobishikako gute ? Hari umuhinga mu vy’ubutunzi yavuze ko “ubutare nyamukuru mu gihugu ari umuntu”. Ntiyahuguje na mba. Igisata c’ubutare cokwinjiza ibice 50% y’ubutunzi mu gihugu, mu gihe hoboneka abantu bafise umutima, ubuntu n’umuco. Abo bantu dukeneye rero twizeye ko umwe ari wewe. Niwavyifatamwo neza, Uburundi na canecane urwaruka uzoba uruciriye inzira. Kanatsinda uri muto ariko nturi igito; twereke ubutore bwawe!